ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w11 15/11 rup. 21
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
w11 15/11 rup. 21

Ibibazo vy’abasomyi

Twoba dushobora kumenya isaha nyezina Yezu yamanikiweko?

Ico kibazo kivyuka kubera ukudahuza gusa n’ukuri hagati y’inkuru yahumetswe yerekeye urupfu rwa Yezu yanditswe n’umwanditsi w’Injili Mariko be n’iyanditswe n’intumwa Yohani. Mariko avuga ati: “Kw’isaha igira gatatu, [abasoda] baramumanika.” (Mrk. 15:25) Twisunze ivyo Yohani avuga, “hari nko kw’isaha ya gatandatu” igihe Pilato yaha Yezu Abayuda ngo bamumanike. (Yoh. 19:14-16) Abantu bagira ico bavuze kuri Bibiliya baratanze insobanuro zitandukanye barondera gutorera umuti ukwo kudahuza gusa n’ukuhari. Ariko rero, nta makuru ahagije ashingiye ku Vyanditswe ahari yodufasha gusigura iryo tandukaniro riri hagati y’izo nkuru zibiri. Naho ari ukwo, kurimbura ukuntu abantu babona ibijanye n’umwanya ico gihe, birashobora kudufasha.

Mu kinjana ca mbere mu gihe cacu, Abayuda bagabura umurango mu masaha 12, bakaba batangura guharura kuva izuba riserutse. (Yoh. 11:9) “Isaha igira gatatu” yahera rero isaha zibiri zuzuye igashika isaha zitatu zuzuye, “isaha ya gatandatu” na yo igahera isaha zitanu zuzuye igashika isaha zitandatu. Ariko ntiwumve, ibihe izuba ryaserukirako be n’ibihe ryarengerako ntivyama ari bimwe mu mwaka. Ni co gituma uburebure bw’umusi bwahindagurika bivanye n’ikiringo c’umwaka. Vyongeye, abantu bamenya isaha baravye aho izuba rigeze. Ku bw’ivyo, igihe baba bariko baravuga ibijanye n’igihe, baragereranya. Ivyanditswe vy’ikigiriki muri rusangi biravuga ibintu vyabaye kw’isaha ya gatatu, ku ya gatandatu no ku y’icenda, akenshi bikaba bishaka kuvuga ko vyabaye nko kuri iyo saha. (Mat. 20:3, 5; Ivyak. 10:3, 9, 30) Ahantu havugwa isaha mu buryo burushirije kuba ubudomako, nk’akarorero ahavuga ngo “isaha y’indwi,” havuzwe gutyo kubera gusa yuko vyari bikenewe ko bamenya umwanya ikintu ciganwa muri iyo nkuru cabereyeko.​—Yoh. 4:52.

Inkuru zo mu Njili zirahuza ku bijanye n’igihe ibintu vyabereyeko ku musi wa nyuma Yezu yamaze ng’aha kw’isi. Izo Njili zose uko ari zine zirerekana ko abaherezi n’abagabo b’inararibonye bakoraniye hamwe mu gatondo maze bakajana Yezu kwa Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato. (Mat. 27:1; Mrk. 15:1; Luka 22:66; Yoh. 18:28) Matayo, Mariko na Luka bose bavuga yuko kuva kw’isaha ya gatandatu, igihe Yezu yari amaze kumanikwa ku giti, umwiza watwikiriye igihugu cose “gushika kw’isaha y’icenda.”​—Mat. 27:45, 46; Mrk. 15:33, 34; Luka 23:44.

Ikintu gihambaye coshobora gutuma abantu badahuza ku bijanye n’isaha Yezu yamanikiweko ni iki: Gutonagurwa vyabonwa ko vyari mu bigize ukumanikwa kw’umuntu. Rimwe na rimwe, ugutonagurwa kwaba gukaze ku buryo umuntu yashobora gupfa akiriko aratonagurwa. Yezu ashobora kuba yaratonaguwe cane ku buryo vyabaye ngombwa ko uwundi muntu amwakira igiti co kubabarizwako yari yiremetse. (Luka 23:26; Yoh. 19:17) Nimba ukwo gutonagurwa kwabonwa ko ari ho ukumanikwa kw’umuntu kwatangurira, hari gutegerezwa guca umwanya imbere y’uko Yezu akomerwa imisumari ku giti co kubabarizwako. Abantu batandukanye boshobora rero kudahuza kw’isaha yamanikiweko, bivanye n’ikiringo umwe wese muri bo yafatiyeko mu kuvuga iyo saha.

Intumwa Yohani yanditse inkuru yiwe haciye imyaka mirongo abandi banditsi b’Injili banditse izabo. Yarashobora rero kuronka inkuru zabo. Ego ni ko, Yohani yavuze isaha isa n’iyitandukanye n’iyo Mariko yavuze. Ariko rero, ivyo birerekana neza ko Yohani atapfuye kwimura inkuru ya Mariko. Yohani na Mariko banditse izo nkuru bahumekewe n’Imana. Naho ata makuru ahagije yo mu Vyanditswe dufise yodufasha gusigura iryo tandukaniro, turashobora kwizigira inkuru zivugwa mu Njili.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika