-
“Ni yo yabanje kudukunda”Niwiyegereze Yehova
-
-
Ikintu kiranga urukundo gihambaye kuruta ibindi
4. Ni gute umusoda w’Umuroma yahavuye abona yuko Yezu atari umuntu asanzwe, kandi ni iciyumviro ikihe nya musoda yashitseko?
4 Umukomanda w’abasoda w’Umuroma yari ahagarikiye iyicwa rya Yezu yaratangajwe n’umwijima wahabaye imbere y’uko Yezu apfa, be na nyamugigima ikomeye yawukurikiye. Yavuze ati: «Ni ukuri, uyu yari Umwana w’Imana.» (Matayo 27:54) Biratomoye yuko Yezu atari umuntu asanzwe. Uwo musoda yari yafashije mu kwica Umwana w’ikinege w’Imana Musumbavyose! None neza na neza uwo Mwana yakundwa na Se ukungana iki?
5. Igihe kinini cane Yehova n’Umwana wiwe bamaze bari kumwe mw’ijuru gishobora gutangirwa ikigereranirizo gute?
5 Bibiliya yita Yezu «imfura mu vyaremwe vyose.» (Abakolosayi 1:15) Iyumvire gatoya: Umwana wa Yehova yabayeho imbere y’uko ibiri mu kirere vyose bibaho. None, Se n’Umwana bamaranye igihe kingana gute? Abanyasiyansi bamwebamwe bagereranya yuko ibiriho bimaze imyaka imiliyaridi 13. Woba woshobora hoho no kwiyumvira ico kiringo kirekire gutyo? Kugira ngo abantu bafashwe gutahura imyaka ivyo mu kirere bimaze nk’uko bigereranywa n’abanyasiyansi, inzu imwe yerekanirwamwo ukuntu ikirere n’ibikirimwo bimeze irerekana umurongo werekana ivy’umwanya, nya murongo ukaba ureha n’imetero 110. Uko ingenzi zigendera iruhande y’uwo murongo, intambwe imwimwe yose batera igereranya imyaka imiliyoni nka 75 mu buzima bw’ibiri mu kirere. Ku mpera z’uwo murongo, kahise kose k’abantu kagereranijwe n’akamenyetso kamwe rudende k’intimbatimba ingana n’iy’agashatsi kamwe k’umuntu! Yamara, naho nyene iryo gereranya ryoba ari ryo, uwo murongo wose uko ungana ntiwoba ari muremure bihagije kugira ngo ugereranye imyaka Umwana wa Yehova amaze! None yakora iki muri ico kiringo kirekire gutyo cose?
6. (a) Umwana wa Yehova yakora igikorwa ikihe imbere y’uko aba umuntu nka twe? (b) Ni ubucuti bwoko ki buri hagati ya Yehova n’Umwana wiwe?
6 Uwo Mwana yarakoze anezerewe ari «umukozi w’umuhanga» wa Se. (Imigani 8:30) Bibiliya ivuga iti: «Nta kintu na kimwe cabayeho bitamuciyeko.» (Yohani 1:3) Rero, Yehova n’Umwana wiwe barakoranye mu kurema ibindi bintu vyose. Ese ukuntu bamaranye igihe giteye akanyamuneza n’agahimbare! Abenshi barazi yuko urukundo ruri hagati y’umuvyeyi n’umwana rukomeye bimwe bidasanzwe. Kandi urukundo ni «umugozi utagira akanenge utuma abantu bunga ubumwe.» (Abakolosayi 3:14) None, hoba hari n’umwe muri twebwe yoshobora kugerageza gutahura ukuntu urukundo nk’urwo rwamaze igihe kirekire gutyo rwari rukomeye? Biratomoye yuko Yehova Imana be n’Umwana wiwe bunzwe n’urukundo rukomeye kuruta urwabayeho rwose.
7. Igihe Yezu yabatizwa, Yehova yaseruye gute ukuntu yiyumva ku vyerekeye Umwana wiwe?
7 Naho ari ukwo, Dawe wa twese yararungitse Umwana wiwe kw’isi kugira ngo avuke ari uruyoya. Kubigira gutyo vyasigura yuko Yehova yotegerejwe kumara imyaka mirongo atari kumwe n’Umwana wiwe mukundwa mw’ijuru. Abigiranye ubwitwararitsi bukomeye, Yehova yararaba ari mw’ijuru uko Yezu akura ngo abe umugabo atunganye. Yezu ashikanye imyaka nka 30 y’amavuka, yarabatijwe. Ntitwirirwa turakekeranya ingene Yehova yumvise amerewe kuri we. Se yaravuze ubwiwe ari mw’ijuru ati: «Uyu ni Umwana wanje nkunda cane, uwo nashimye.» (Matayo 3:17) Se ategerezwa kuba yarahimbawe rwose no kubona Yezu yarakoze adahemuka ivyari vyaravuzwe vyose, ivyo yari yasabwe gukora vyose!—Yohani 5:36; 17:4.
8, 9. (a) Yezu yashikiwe n’ibiki ku wa 14 Nisani 33 inyuma ya Kristu, kandi vyatumye Se wiwe wo mw’ijuru amererwa gute? (b) Ni kubera iki Yehova yemeye ko Umwana wiwe ababazwa akongera agapfa?
8 Ariko none, Yehova yumvise amerewe gute ku wa 14 Nisani 33 inyuma ya Kristu? Yumvise amerewe gute igihe Yezu yagurwa maze agafatwa n’igitero c’abantu mw’ijoro? Yumvise amerewe gute igihe abagenzi biwe bamuta wenyene maze agasambishwa ku kadenderezo? Bite hoho igihe yatukwa, agacirwako amate, kandi agakubitwa ibipfunsi? Yumvise amerewe gute igihe yatonagurwa, umugongo wiwe ugashishagurika? Yumvise amerewe gute igihe yakomerwa imisumari mu biganza no mu birenge ku kigiga c’igiti kandi agasigwa amanitswe ng’aho abantu na bo bariko baramutuka? Se yumvise amerewe gute igihe Umwana wiwe mukundwa yasemerera amuhamagara igihe umubabaro wamusogota ariko arasambagirika? Yehova yumvise amerewe gute igihe Yezu yacikana, ari bwo bwa mbere kuva mu ntango y’iremwa rya vyose, Umwana wiwe mukundwa ntabe akiriho?—Matayo 26:14-16, 46, 47, 56, 59, 67; 27:38-44, 46; Yohani 19:1.
9 Ntitworonka uko tubivuga. Kubera yuko Yehova afise inyiyumvo, umubabaro yagize ku rupfu rw’Umwana wiwe ntitworonka amajambo twowuseruramwo. Igishobora kuvugwa coco ni imvo yatumye Yehova areka urwo rupfu rugashika. Ni kubera iki Dawe wa twese yemeye akihanganira uwo mubabaro mwinshi? Yehova araduhishurira ikintu ciza cane muri Yohani 3:16, uwo ukaba ari umurongo wa Bibiliya uhambaye rwose ku buryo wiswe Injili ntoya. Uvuga uti: «Imana ya[ra]kunze isi cane ku buryo itanga Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe, ahubwo aronke ubuzima budahera.» Rero, imvo Yehova yari afise ni iyi: urukundo. Ingabirano ya Yehova, ni ukuvuga ukuba yararungitse Umwana wiwe kugira ngo ababazwe yongere adupfire, yabaye ikintu agize kiranga urukundo kandi gihambaye kuruta ibindi.
“Imana yaratanze Umwana wayo w’ikinege”
-
-
“Ni yo yabanje kudukunda”Niwiyegereze Yehova
-
-
12 Nk’uko rikoreshwa muri Bibiliya, a·gaʹpe akenshi riserura iciyumviro c’urukundo rugengwa n’ingingo ngenderwako. Urumva rero ko atari gusa ukuntu umuntu yiyumva mu mutima ku vyo uwundi muntu akora canke avuga. Ruragutse kuruta, rukitwararika abandi kuruta kandi ntirudadaze mu vyo rukora. Ikiruta vyose, urukundo ruranga abakirisu ntirugira ubwikunzi na gato. Nk’akarorero, subira urabe muri Yohani 3:16. «Isi» Imana yakunze cane bigatuma itanga Umwana wayo w’ikinege ni iyihe? Ni abantu bishoboka ko bacungurwa. Muri abo harimwo abantu benshi bariko barakurikirana inzira y’icaha mu buzima. None ubwo Yehova yoba akunda umwumwe wese muri bo nk’umugenzi wiwe bwite, nk’uko yakunda wa mwizigirwa Aburahamu? (Yakobo 2:23) Oya, mugabo Yehova abigiranye urukundo aragirira abantu bose neza, mbere bikamutwara ibintu vyinshi. Ashaka ko bose bigaya kandi bagahindura inzira zabo. (2 Petero 3:9) Benshi barabigira. Abo arabakirana umunezero nk’abagenzi biwe.
-