ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • «Dutegerezwa kugamburukira Imana»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
    • 7, 8. Itegeko umumarayika yatanze ryagize ico rikoze gute ku ntumwa? Vyoba vyiza twibajije ikibazo ikihe?

      7 Igihe intumwa zari mw’ibohero zirindiriye gucirwa urubanza, zishobora kuba zaribajije nimba abansi bazo bari bagiye kuzica bazihora ivyo zemera. (Mat. 24:9) Ariko rero mw’ijoro, harabaye ikintu kitari citezwe. Ico gihe «umumarayika wa Yehova [yaruguruye] imiryango y’iryo bohero.»b (Ivyak. 5:19) Uwo mumarayika yaciye aha izo ntumwa ubuyobozi butomoye bugira buti: «Genda muhagarare mu rusengero, mubandanye [kubabwira].» (Ivyak. 5:20) Nta gukeka ko iryo tegeko ryakuye amazinda izo ntumwa yuko zariko zikora ikintu kibereye. Amajambo y’uwo mumarayika ashobora kandi kuba yarakomeje izo ntumwa atuma ziguma zishikamye naho zoshikirwa n’iki. Izo ntumwa zibigiranye ukwizera gukomeye be n’umutima rugabo, “zarinjiye mu rusengero mu mutwenzi, zitangura kwigisha.”​—Ivyak. 5:21.

  • «Dutegerezwa kugamburukira Imana»
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
    • b Iyi ni yo ncuro ya mbere mu zishika 20 aho abamarayika bavugwa mu gitabu c’Ivyakozwe mu buryo budomako. Imbere y’aho, mu Vyakozwe 1:10, abamarayika bavugwa gusa ko ari “abagabo bambaye impuzu zera.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika