-
Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiyeUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
6. Igitabu kigenewe abantu bose
Bibiliya ni co gitabu cahinduwe mu ndimi nyinshi congera kirakwiragizwa kuruta ibindi bitabu vyose vyanditswe kuva kera. Nimusome Ivyakozwe 10:34, 35, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni kubera iki Imana yipfuza ko Ijambo ryayo rihindurwa mu ndimi nyinshi kandi rigashikira abantu benshi?
Ni igiki kigukora ku mutima ku bijanye na Bibiliya?
Hafi
abantu bose
baba kw’isi
barashobora kuronka Bibiliya mu rurimi batahura
Iraboneka mu ndimi zirenga
3.000
ari yose canke igice cayo
Ugereranije, hamaze gusohoka amabibiliya
5.000.000.000
Nta kindi gitabu kirasohoka gutyo
HARI ABAVUGA BATI: “Bibiliya ni igitabu ca kera canditswe n’abantu.”
-
-
Nuzigame ubumwe mw’ishengeroUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
4. Niwirinde kwinuba abandi
Twipfuza gukunda abavukanyi bacu bose. Ariko vyoshika bikatubera urugamba kwiyumvamwo umuntu tutabona ibintu kumwe. Ni igiki none codufasha? Nimusome Ivyakozwe 10:34, 35, muce muganira kuri ibi bibazo:
Yehova aremera ko abantu b’uburyo bwose baba Ivyabona vyiwe. None womwigana gute mu bijanye n’ingene ubona abantu mutameze kumwe?
Aho ubaye, ni ibintu ibihe wipfuza kwirinda bituma abantu binubana?
Nimusome 2 Abakorinto 6:11-13, muce muganira kuri iki kibazo:
Ubona wokwiyegereza gute abavukanyi na bashiki bacu mutabona ibintu kumwe?
-