-
‘Iranengesereza imitima yacu’Umunara w’Inderetsi—2013 | 1 Mukakaro
-
-
Yehova yoba atwitaho vy’ukuri canke yoba atababaye ingorane abantu barimwo ng’aha kw’isi? Inyishu Bibiliya itanga kuri ico kibazo iraremesha. Imana iritaho vy’ukuri umuryango w’abantu, kandi yipfuza ko tunezererwa ubuzima. Ku musi ku musi, iratuma abantu bungukira ku kumera neza kwayo kwinshi, harimwo mbere n’abantu batigera bashima. Rimbura amajambo intumwa Paulo yavuze.—Soma Ivyakozwe 14:16, 17.
Igihe Paulo yariko abwira abantu bo mu gisagara c’i Lusitira batasenga Imana, yavuze ati: “Mu mayaruka yarenganye [Imana] yararetse amahanga yose ngo abandanye kugendera mu nzira zayo, naho mu vy’ukuri itaretse ngo igume itagira ikiyishingira intahe mu kuba yarakoze ivyiza, ikabaha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, ikanengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze.” None ayo majambo yasobanura iki ku bariko barumviriza Paulo?
-
-
‘Iranengesereza imitima yacu’Umunara w’Inderetsi—2013 | 1 Mukakaro
-
-
Yehova yipfuza ko twihitiramwo. Urabona ko Paulo yavuze yuko Yehova yaretse amahanga yose “ngo abandanye kugendera mu nzira zayo.” Igitabu kimwe gifasha abahinduzi ba Bibiliya kivuga yuko iyo mvugo ishobora gusobanura ko “bagenda uko bipfuza” canke ko “bakora ivyo bo babona ko ari vyiza.” Yehova ntahata umuntu n’umwe ngo amusenge. Yaturemanye ubushobozi bwo kwihitiramwo ingene twobaho.—Gusubira mu vyagezwe 30:19.
-