-
«Abafasha kuzirikana ku Vyanditswe»“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
«Barondera kuzana Pawulo na Silasi imbere y’ako kagwi.»—Ivyakozwe 17:5
10 Luka aratubwira ivyaciye bikurikira ati: «Abayuda bagira ishari, bakoranya abagabo bamwe b’ababisha birirwa mu kaguriro bareze amaboko, bagira akagwi, baca batangura gutera intureka mu gisagara. Batera inzu ya Yasoni barondera kuzana Pawulo na Silasi imbere y’ako kagwi. Bababuze, baburuta Yasoni n’abavukanyi bamwe babajana ku batware b’igisagara, basemerera bati: “Ba bantu batembagaje isi bashitse n’ino. Kandi Yasoni yabakiriye iwe. Aba bantu bose barwanya ingingo zashinzwe na Sezari, bakavuga ko hariho uwundi mwami yitwa Yezu.”» (Ivyak. 17:5-7) None ivyo bintu ako kagwi kakoze vyogize ico bikoze gute kuri Pawulo na bagenziwe?
11. Ni ibirego ibihe Pawulo be n’abamamaji b’Ubwami bagenziwe bagirijwe? Ni ingingo yashinzwe iyihe ababarwanya bashobora kuba bari bafise ku muzirikanyi? (Raba akajambo k’epfo.)
11 Akagwi k’abantu bagumutse kaba gateye ubwoba. Kameze nk’uruzi rwuzuye, rusurirana bimwe bikaze, kandi ata woshobora kuruhagarika. Ico ni co kirwanisho nya Bayuda bakoresheje ngo bagerageze kwikurako Pawulo na Silasi. Aho nya Bayuda bamariye gutera «intureka» muri ico gisagara, baciye bagerageza kujijura abatware baco yuko ibirego Pawulo na Silasi bariko bagirizwa vyari bikomeye cane. Ikirego ca mbere cari ic’uko ngo Pawulo be n’abamamaji b’Ubwami bagenziwe bari «batembagaje isi,» kandi ntuze atari bo bari bateye iyo ntureka aho i Tesalonika! Ikirego ca kabiri coco cari gikomeye kuruta ico. Abo Bayuda bemeje yuko ngo nya bamisiyonari bariko batangaza uwundi Mwami, ari we Yezu, gutyo bakaba bariko bahonyanga ingingo zashinzwe n’umwami w’abami.a
12. Ni igiki cerekana ko ibirego abakirisu b’i Tesalonika bagirijwe vyokweze akarambaraye?
12 Niwibuke ko indongozi z’idini zagirije Yezu ikirego gisa n’ico nyene. Babwiye Pilato bati: «Twasanze uyu muntu ariko aragumura ihanga ryacu . . . kandi yiyita ngo ni Kristu umwami.» (Luka 23:2) Pilato yaraciriye Yezu urwo gupfa, kubera ko kumbure yatinya yuko umwami w’abami yohavuye abona ko yari yasasiye indava ubuhemu bukomeye. Muri ubwo buryo nyene, ibirego abakirisu b’i Tesalonika bariko baragirizwa vyokweze akarambaraye. Igitabu kimwe kivuga giti: «Ntikwoba ari ukurenza urugero tuvuze yuko ivyo vyarimwo akaga gakomeye, kubera ko “naho umuntu yaba yakoze agakosa gatoyi gute, ariko akagirizwa ko yahemukiye umwami w’abami, akenshi yacirwa urwo gupfa.”» None ivyo birego bagirijwe n’abo bantu bari buzuye urwanko vyoba vyarashitse ku co barondera?
-
-
«Abafasha kuzirikana ku Vyanditswe»“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
a Incabwenge imwe ivuga yuko ico gihe hariho ingingo yashinzwe na Sezari yabuza ko hagira umuntu n’umwe atangaza ibijanye n’«ukuza kw’umwami mushasha canke ubwami bushasha, na canecane uwovuzwe ko yobaye aje gukuraho umwami w’abami canke kumucira urubanza.» Abansi ba Pawulo bariko bagerageza gutuma ubutumwa yariko arashikiriza busa nk’aho ari ukurenga kuri iyo ngingo yashinzwe. Raba uruzitiro ruvuga ngo «Abasezari be n’igitabu c’Ivyakozwe.»
-