-
Ijambo rya Yehova «ribandanya gukwiragira no gutsinda» naho rirwanywa“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
«Havyuka uruhagarara rukomeye» (Ivyak. 19:23-41)
«Bagabo, murazi neza ko uwu mwuga ari wo udutungishije.»—Ivyakozwe 19:25
16, 17. (a) Vuga ukuntu Demetiriyo yatanguje intureka i Efeso. (b) Abanyefeso berekanye gute ko ari abantu b’ishaka rirenze urugero?
16 Ubu na ho dushikiriye rwa ruyeri rwa Shetani rudondorwa na Luka igihe yandika ati: «Havyuka uruhagarara rukomeye ku bijanye n’abagendera muri ya nzira yʼUmukama.» Luka ntiyariko arakuza inkuru.e (Ivyak. 19:23) Umucuzi umwe w’ifeza yitwa Demetiriyo yaragumuye abantu. Yarakwegereye ivyiyumviro vy’abahinguzi bagenziwe mu kubanza kubibutsa ko ugutunganirwa kwabo bagukesha urudandaza rw’ibigirwamana. Yaciye avuga ko ubutumwa Pawulo yamamaza bwari bugeramiye igikorwa cabo, kubera ko abakirisu batasenga ibigirwamana. Mu nyuma, yarafatiye ku vy’uko abo bagenziwe bari basanzwe ari abantu bishimira ubwenegihugu bwabo kandi biratira igihugu cabo, ababurira yuko ngo ikimanakazi cabo Arutemi be n’urusengero bacubakiye rwari ruzwi cane ico gihe, vyari bigiye «[kubonwa] ko ari ubusa.»—Ivyak. 19:24-27.
-
-
Ijambo rya Yehova «ribandanya gukwiragira no gutsinda» naho rirwanywa“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
e Hari abavuga ko Pawulo yariko yerekeza kuri ico kintu cabaye igihe yabwira Abakorinto ati: «Ubuzima bwacu bwari buduhagaritse umutima cane.» (2 Kor. 1:8) Ariko rero, ashobora kuba yari afise mu muzirikanyi ikindi kintu cari giteye akaga kuruta ico. Igihe Pawulo yandika yuko “yarwanye n’ibikoko i Efeso,” ashobora kuba yariko yerekeza ku bikoko vy’inkazi vyo mu kibuga kimwe c’inkino canke ku bantu barwanya ukuri. (1 Kor. 15:32) Izo nsobanuro zompi zirashoboka.
-