ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Ntihigeze Kuboneka Umuntu Avuga nka We”
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Nyakanga
    • 6. Nutange akarorero k’ukuntu Yezu yavuze amajambo yoroshe mugabo ari n’ikintu kinini avuze.

      6 Mu gukoresha kenshi imvugo itomoye kandi ngufi, Yezu yavuga amajambo yoroshe mugabo ari n’ikintu kinini avuze. Muri ico kiringo c’imbere yuko habaho ibitabu bicapuwe, kubigenza gutyo vyatumye ubutumwa bwiwe bwiyandika mu mizirikanyi no mu mitima y’abamwumviriza ku buryo batavyibagira. Raba uturorero tumwetumwe: “Nta wusaba abami babiri: . . . Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.” “Ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa.” “[M]uzobamenyera ku vyo bama.” “Abakomeye nta co bagombera umuvūzi, atar’abarwaye.” “[A]babanguye inkota bose bazokwicwa n’inkota.” “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivy’Imana mubihe Imana.” “Gutanga kuzana umugisha, kuruta guhabga.”c (Matayo 6:24; 7:1, 20; 9:12; 26:52; Mariko 12:17; Ivyakozwe 20:35) Gushika muri iki gihe haciye hafi imyaka 2.000 ayo majambo akomeye avuzwe na Yezu, aribukwa bitagoranye.

  • “Ntihigeze Kuboneka Umuntu Avuga nka We”
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 1 Nyakanga
    • c Ako gace ka nyuma dusanga mu Vyakozwe 20:35, kasubiwemwo gusa n’intumwa Paulo, naho insobanuro y’ayo majambo tuyisanga mu Njili. Paulo ashobora kuba yumvise ayo majambo ku munwa (haba ari ku mwigishwa yumvise Yezu ayavuga canke kuri Yezu yazutse) canke mu vyo yahishuriwe n’Imana.​—Ivyakozwe 22:6-15; 1 Ab’i Korinto 15:6, 8.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika