-
“Nimwumve ukwiregura kwanje”“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
17 Emwe, hari abaciye bababara, batabitumwe n’uko hari uwari akubise Pawulo, ahubwo babitumwe n’ivyo Pawulo yaciye avuga! Bamubajije bati: «Urubahuka gutuka umuherezi mukuru w’Imana?» Mu kwishura, Pawulo yarabahaye icigwa mu bijanye no kwicisha bugufi be no kwubahiriza amategeko ya Musa. Yavuze ati: «Benewacu, sinari nzi ko ari umuherezi mukuru. Kuko vyanditswe ngo: “Ntugatuke umutware w’abantu bawe.”»d (Ivyak. 23:4, 5; Kuv. 22:28) Pawulo yaciye akoresha ubundi buryo. Kubera ko yari azi yuko iyo Nama Nkuru yari igizwe n’Abafarizayo be n’Abasadukayo, yaciye avuga ati: «Bagabo benewacu, jewe ndi Umufarizayo, umwana w’Abafarizayo. Ndiko ncirwa urubanza kubera icizigiro c’izuka ry’abapfuye.»—Ivyak. 23:6.
-
-
“Nimwumve ukwiregura kwanje”“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
d Hari abavuze yuko Pawulo atabona neza, akaba ari co gituma atashoboye kumenya umuherezi mukuru uwo ari we. Canke, ashobora kuba yari amaze igihe kirekire cane atari i Yeruzalemu ku buryo atashobora kumenya uwari umuherezi mukuru ico gihe. Kumbure na ho, Pawulo ashobora kuba gusa atabonye neza uwatanze nya tegeko ryo kumukubita kubera ko hari abantu benshi.
-