ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
    • «Bose bashika i musozi badora» (Ivyak. 27:27-44)

      Pawulo ariko asengera mw’isinzi ry’abantu bari mu bwato butwara imizigo. Ingenzi zimwezimwe zirushe zunamitse imitwe igihe abandi bariko baritegereza. Umukate uri hejuru ku dusandugu.

      «Akengurukira Imana imbere yabo bose.»​—Ivyakozwe 27:35

      16, 17. (a) Ni akaryo akahe katumye Pawulo atura isengesho, kandi ivyo vyavuyemwo iki? (b) Ku bijanye n’imburi Pawulo yatanze, ni gute vyagaragaye ko ivyo yavuga kwari ukuri?

      16 Haheze za ndwi zibiri bamaze batekewe n’ubwoba bari mu bwato bwari bwararirijwe na ca gihuhusi nko ku bilometero 870, ababugendesha barumvise ihinduka mu kiyaga, bakaba kumbure bumvise imipfunda y’ikiyaga yikubita ku nkengera. Baciye bakorora inanga bazicishije kw’itenzi kugira ngo bakingire ubwato ntibuhave butwarwa irya n’ino no kugira bayobore impanza yabwo berekeza ku nkengera, ngo barabe ko bobushikanayo. Ivyo biheze, baciye bagerageza kuva muri ubwo bwato ariko abasoda ntibabakundiye. Pawulo yabwiye intwazangabo n’abasoda ati: «Aba bantu batagumye mu bwato, ntimushobora gukira.» Nya bwato bumaze gusa n’ubutekanye, Pawulo yarahimirije abari muri bwo bose ngo bafungure, yongera abakura amazinda yuko borokotse. Pawulo yaciye «akengurukira Imana imbere yabo bose.» (Ivyak. 27:31, 35) Mu gutura iryo sengesho ryo gukenguruka, yarabereye akarorero keza Luka, Arisitariko be n’abakirisu bo muri iki gihe. Amasengesho utura userukiye abandi, yoba aremesha abandi kandi akabahumuriza?

  • “Nta muntu n’umwe muri mwebwe azohasiga agatwe”
    “Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
    • Ego ni ko mu Vyakozwe 27:27 haravuga ibijanye n’«ikiyaga ca Adiriya,» ariko mu gihe ca Pawulo, ico «kiyaga ca Adiriya» cari kigizwe n’akarere karuta kure n’iyo akagizwe n’Ikiyaga Adiriya co muri iki gihe. Ico Kiyaga ca Adiriya cari kigizwe n’Ikiyaga Iyoniya hamwe n’amazi yo mu Buseruko bw’izinga rya Sisile be n’ayo mu Burengero bw’izinga rya Kirete, gutyo hakaba harimwo n’ikiyaga kiri hafi y’izinga rya Malita ryo muri iki gihe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika