ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Hoba hari ikintu na kimwe gishobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana”?
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 1 Myandagaro
    • Niwiyegereze Imana

      Hoba hari ikintu na kimwe gishobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana”?

      Abaroma 8:38, 39

      NI NDE muri twebwe adakeneye gukundwa? Mu vy’ukuri, turaryoherwa cane igihe twiyumvamwo ko umuryango n’abagenzi badukunda. Mugabo ikibabaje, n’uko ubucuti abantu bafitaniye bushobora kuba budashemeye cane kandi atari ubwo kwizigirwa. Abo dukunda boshobora kutubabaza, kuduheba, canke mbere bakaduta nk’akanuka. Yamara, hariho uwufise urukundo rutigera ruhera. Urukundo Yehova Imana akunda abasavyi biwe ruradondorwa mu buryo bwiza igitangaza mu Baroma 8:38, 39.

  • Hoba hari ikintu na kimwe gishobora “kudutandukanya n’urukundo rw’Imana”?
    Umunara w’Inderetsi—2008 | 1 Myandagaro
    • “Canke uburebure bw’igihagararo, canke ubwimbike.” Yehova arakunda abasavyi biwe atarinze kuraba uko ivyabo vyifashe baba ari abantu bo hejuru canke baciye bugufi.

      “Canke ikindi caremwe cose.” Mu gukoresha ayo majambo yerekeza ku vyaremwe vyose uko vyakabaye, Paulo ariko avuga yuko ata kintu na kimwe naho coba ikihe gishobora gutandukanya abasavyi ba Yehova b’intahemuka n’urukundo rwiwe.

      Urukundo Imana ikunda abaguma bayihanze amaso mu kwizera, urutandukanye n’urw’abantu rushobora guhinduka canke kugenda rurayama, rworwo ntiruhinduka, ni urw’ibihe bidahera. Nta nkeka ko kumenya ivyo bituvyurira umutima wo kurushiriza kwiyegereza Yehova no kugerageza gukora uko dushoboye kwose kugira ngo twerekane ko tumukunda.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika