-
Imana y’ukuri ni nde?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
4. Yehova ashaka ko umenya izina ryiwe kandi ukarikoresha
Ni igiki cerekana ko Yehova ashaka ko umenya izina ryiwe? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Wibaza ko ari kubera iki Yehova yipfuza ko abantu bamenya izina ryiwe?
Yehova ashaka ko abantu bakoresha izina ryiwe. Nimusome Abaroma 10:13, muce muganira kuri ibi bibazo:
Kubera iki bihambaye gukoresha izina ry’Imana ari ryo Yehova?
Wiyumva gute igihe umuntu yibutse izina ryawe kandi akariguhamagara?
Wibaza ko Yehova yiyumva gute igihe dukoresheje izina ryiwe?
-
-
Ingene amadini y’ikinyoma asiga iceyi ImanaUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
1. Ni gute inyigisho z’amadini y’ikinyoma zisiga iceyi Imana?
Amadini y’ikinyoma yarafashe “ukuri kw’Imana [agukaba] ikinyoma.” (Abaroma 1:25) Nk’akarorero, amadini nka yose ntiyigisha abayoboke bayo izina ry’Imana. Ariko rero, Bibiliya ivuga ko dukwiye gukoresha izina ry’Imana. (Abaroma 10:13, 14) Abakuru b’amadini bamwebamwe bavuga ko iyo icago cadutse aba ari Imana yabishatse. Ariko ico ni ikinyoma cambaye ubusa. Imana ntiyigera iteza ibibi. (Soma Yakobo 1:13.) Ikibabaje, ni uko ivyo binyoma vyatumye abantu benshi bareka gukunda Imana.
-