ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye”
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 1 Mukakaro
    • “Ntimwīhōrane”

      15. Ni imvo iyihe dusanga mu Baroma 12:19 yotuma tureka kwihora?

      15 Paulo aratanga iyindi mvo yumvikana yerekana igituma tudakwiye kwihora, na yo ikaba ari uko ukutihora ari ingendo iranga ukwicisha bugufi twokurikirana. Avuga ati: “Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’Uguhōra n’ukwanje, ni jewe [nzosubiriza] mu nkōko, ni k’Uhoraho agize” (Abaroma 12:19). Umukirisu agerageza kwihora aba ari umunyabwibone. Aba yihaye uruhara rwega Imana (Matayo 7:1). Vyongeye, igihe yifatiye ibintu mu minwe aba yerekanye ko atizera ivyo Yehova yavuze adukura amazinda ati: ‘Ni jewe nzosubiriza mu nkoko’. Mu buryo buhushanye n’ubwo, abakirisu b’ukuri barizigira ko Yehova “[azotuma] ubutungane bushitswa ku bw’abatowe [biwe]” (Luka 18:7, 8, NW; 2 Ab’i Tesalonike 1:6-8). Baricisha bugufi maze ivyo guhōra ikibi bakabirekera mu maboko y’Imana.​—Yeremiya 30:23, 24; Abaroma 1:18.

  • “Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye”
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 1 Mukakaro
    • 18. Ni kubera iki kutihora ari ikintu kibereye, kiranga urukundo kandi kiranga ukwicisha bugufi?

      18 Muri uyu mwihwezo mugufi duhejeje kugira mu Baroma ikigabane ca 12, twabonye imvo zitari nke zihambaye zotuma ‘tudasubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye’. Ubwa mbere, kwirinda kwihora ni ingendo ibereye twokurikirana. Turavye imbabazi Imana yatugaragarije, birabereye kandi ni ivyumvikana ko twihebera Yehova tukongera tukagamburuka amategeko yiwe bivuye ku mutima, ushizemwo n’iridusaba gukunda abansi bacu. Ubwa kabiri, kudasuburiza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye ni ingendo iranga urukundo twokurikirana. Igihe turetse kwihora maze tukaremesha amahoro, turizigira yuko turiko turafasha tubigiranye umutima mwiza mbere na bamwebamwe mu baturwanya cane, kugira ngo bacike abasavyi ba Yehova. Ubugira gatatu, kwirinda gusubiriza umuntu mu nkoko ikibi yatugiriye ni ingendo iranga ukwicisha bugufi twokurikirana. Kwihora vyoba biranga ubwibone, kubera ko Yehova avuga ati: “Uguhōra n’ukwanje”. Ijambo ry’Imana kandi ritugabisha riti: “Ubgibone buje, ni ho haza gutētērwa, arik’ubgenge bubana n’abicishije bugufi” (Imigani 11:2). Mu gihe dukoranye ubukerebutsi maze guhōra tukabirekera mu maboko y’Imana, vyerekana ko twicisha bugufi.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika