-
Niwige Wongere Wigishe Inyifato Runtu ya GikirisuUmunara w’Inderetsi—2002 | 1 Mukakaro
-
-
6, 7. (a) Ni kubera iki dutegerezwa kubanza kwiyigisha? (b) Ni mu buhe buryo Abayuda bo kinjana ca mbere bari barananiwe mu vyo kuba abigisha?
6 Ni kubera iki bivugwa ko dutegerezwa kubanza kwiyigisha? Emwe, ntidushobora kwigisha abandi nk’uko bikwiriye niba tutabanje kwiyigisha. Ico kintu Paulo yaragishimitseko mu murongo usaba kuzirikana wari n’ico uvuze ku Bayuda b’ico gihe ariko kandi urimwo ubutumwa buhambaye ku Bakirisu muri iki gihe. Paulo yabajije ati: “Nuko wewe wigisha abandi, mbega ntiwiyigisha? Wewe wihaniza abība, weho ntiwiba? Wewe ubabuza gusambana, weho ntusambana? Wewe wanka ibishushanyo vy’ibigirwamana, weho ntiwiba ivyo mu nsengero zavyo? Wewe wirata ivyagezwe, mbega ntugayisha Imana kuk’ubicumurako?”—Abaroma 2:21-23.
7 Akoresheje ibibazo bifasha umuntu kuzirikana, Paulo yarasubiyemwo ivyaha bibiri ya Mabwirizwa Cumi yavuga ata guca irya n’ino: Ntukibe na ntugasambane. (Kuvayo 20:14, 15) Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo barirata ko bari bafise Ivyagezwe vy’Imana. ‘Bigishijwe ivyo mu Vyagezwe, kandi bishima yuko bashobora kujana impumyi, kandi ko bari umuco w’abari mu mwiza, n’abigisha b’utwana.’ (Abaroma 2:17-20) Ariko rero, bamwebamwe bari indyadya kubera biba canke bagakora ubusambanyi mu mpisho. Ivyo vyaratukisha Ivyagezwe be n’Uwo bikomokako ari mw’ijuru. Ushobora kubona ko batari bakwije ibisabwa kugira bigishe abandi; mbere mu vy’ukuri ntibiyigisha ubwabo.
8. Ni mu buryo ki Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ca Paulo ‘biba ivyo mu nsengero’?
8 Paulo yaravuze ivy’ukwiba mu nsengero. Abayuda bamwebamwe boba vy’ukuri ivyo barabikora? Ni igiki Paulo yari afise mu muzirikanyi? Ata kurya umunwa, turavye amakuru makeyi dusanga muri ico canditswe, ntidushobora guca tuvuga ukuntu Abayuda bamwebamwe ‘biba ivyo mu nsengero.’ Imbere y’aho, umukuru w’igisagara c’i Efeso yavuze ko abagendanyi ba Paulo ‘bativye ivyo mu ngoro z’imana,’ ivyo vyerekana yuko n’imiburiburi abantu bamwebamwe biyumvira ko Abayuda ari bo bagirizwa ico kintu. (Ivyakozwe 19:29-37) Boba ubwabo bariko bakoresha canke bagurisha ibikoresho vy’agaciro vyavuye mu nsengero z’abapagani vyari vyaribwe na bene kunesha canke abanyeshaka bo mu madini? Nk’uko Ivyagezwe vy’Imana bivuga, izahabu n’ifeza vy’ibigirwamana vyategerezwa guturirwa, umuntu ntiyabitwara kuvyikoreshereza. (Gusubira mu Vyagezwe 7:25)a Ni co gituma Paulo ashobora kuba yariko akikiririza ku Bayuda birengagiza itegeko ry’Imana bagakoresha ibikoresho vyavuye mu nsengero za gipagani canke bakavyikorako.
9. Ni ingeso mbi izihe zerekeye urusengero rw’i Yeruzalemu zishobora kuba zari zimeze nk’ukwiba ivyo mu rusengero?
9 Ku rundi ruhande, Josèphe yaravuze ivy’ikintu c’ikizira cakozwe i Roma n’Abayuda bane, bakaba bari barongowe n’umwigisha w’Ivyagezwe. Abo uko ari bane barajijuye Umuromakazi umwe, uwahindukiriye idini y’Abayuda ngo abahe izahabu be n’ibindi bintu vy’agaciro bwa ntererano yo mu rusengero i Yeruzalemu. Amaze kubaha ivyo bintu, baravyikoreshereje ubwabo, ivyo bikaba vyari nk’ukwiba ivyo mu rusengero.b Mu bundi buryo abandi bariko bariba ivyo mu rusengero rw’Imana mu gutanga amashikanwa yononekaye no mu kuremesha ubucuruzi burimwo umwina mu bibuga vyarwo, urusengero baruhindura “isenga ry’abambuzi.”—Matayo 21:12, 13; Malaki 1:12-14; 3:8, 9.
-
-
Niwige Wongere Wigishe Inyifato Runtu ya GikirisuUmunara w’Inderetsi—2002 | 1 Mukakaro
-
-
a Naho adondora ko Abayuda batafata nabi ibintu vyeranda, Josèphe yasubiyemwo itegeko ry’Imana muri ubu buryo: “Ntihakagire uvuga nabi imana ibindi bisagara bisenga, canke ngo atware ivyo mu nsengero zo mu mahanga, canke ngo atware ubutunzi bwatanzwe mw’izina ry’imana n’imwe.” (Ni twe tubihiritse.)—Antiquitiés Judaïques, Igitabu ca 4, ikibane c’8, ingingo y’10.
-