-
Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebweUmunara w’Inderetsi—2011 | 15 Ruheshi
-
-
7, 8. Ni mu buryo ubuhe ingendo y’abantu babiri batagira agasembwa yavuyemwo ibintu bitandukanye?
7 Yehova abigiranye urukundo yaratunganije ivy’uko abantu bokurwako igicumuro barazwe. Paulo yasiguye yuko ivyo vyashobotse biciye ku wundi muntu, ni ukuvuga umuntu atagira agasembwa wo hanyuma, mu vy’ukuri akaba ari Adamu wa kabiri. (1 Kor. 15:45) Mugabo ingendo y’umwe wese muri abo bantu babiri batagira agasembwa yavuyemwo ibintu bitandukanye cane. Uti gute?—Soma Abaroma 5:15, 16.
8 Paulo yanditse ati: “Ivya ya ngabirano ntibimeze nk’uko vyari kuri rya kosa.” Adamu yaragirwa n’iryo kosa, kandi yaraciriwe mu buryo bukwiye urubanza rubi, ni ukuvuga ko yapfuye. Yamara, si we wenyene yari gupfa. Dusoma duti: “Benshi barapfuye biciye kw’ikosa [ry’uwo] muntu umwe.” Urwo rubanza rubereye rwaciriwe Adamu rurerekeye abantu bose b’abanyagasembwa bamukomokako, na twebwe turimwo. Naho ari ukwo, turashobora guhumurizwa no kumenya yuko wa muntu atagira agasembwa Yezu, yashoboye gutuma haboneka ibintu bitandukanye n’ivyo. None ivyo bintu vyabonetse ni ibihe? Inyishu tuyisanga mu majambo Paulo yavuze ngo “abantu b’uburyo bwose bitwa abagororotsi ku bw’ubuzima.”—Rom. 5:18.
9. Imana yariko irakora iki mu kwita abantu abagororotsi, nk’uko bivugwa mu Baroma 5:16, 18?
9 None imvugo z’ikigiriki ngo “ukwitwa abagororotsi” na “bitwa abagororotsi” ziserura ikihe ciyumviro? Umuhinduzi umwe wa Bibiliya yanditse iki ciyumviro ati: “Ni imvugo y’ikigereranyo ijanye n’ivy’amategeko iserura iciyumviro c’ibintu bisa n’ibigirwa mu bijanye n’amategeko. Iravuga ibijanye n’ukuntu ivy’umuntu bihinduka mu vyerekeye Imana, atari ihinduka riba muri uwo muntu . . . Iyo mvugo y’ikigereranyo yerekana ko Imana imeze nk’umucamanza yafashe ingingo ku neza y’uwuriko aragirizwa, uno akaba ari nk’aho yari yazanywe imbere ya sentare y’Imana, yagirizwa ko yakoze ikintu kiranga ukutagororoka. Mugabo Imana ica yambika izera uwo yagirizwa.”
-
-
Imana irashimagiza urukundo rwayo kuri twebweUmunara w’Inderetsi—2011 | 15 Ruheshi
-
-
14, 15. Ni impera iyihe yasezeraniwe abo Imana yise abagororotsi, mugabo bari bagikeneye gukora iki?
14 Iyumvire ukuntu ari ingabirano kuba Mushoboravyose ababarira igicumuro umuntu yarazwe hamwe n’ibintu bibi yakoze! Nta woshobora guharura ibicumuro abantu baba barakoze imbere y’uko bacika abakirisu, yamara Imana yishimikije incungu, irashobora kubabarira ivyo bicumuro. Paulo yanditse ati: “Ya ngabirano yavuyemwo ukwitwa abagororotsi bivuye ku makosa menshi.” (Rom. 5:16) Intumwa n’abandi bantu baronka iyo ngabirano iranga urukundo (ni ukuvuga ukwitwa abagororotsi) bobwirijwe kubandanya basenga Imana y’ukuri babigiranye ukwizera. None bazoronka impera iyihe muri kazoza? Bibiliya yishura iti: “Abaronka ubuntu ata wari abukwiriye bugwiriye be n’ingabirano ya gusa y’ubugororotsi [bazoganza] mu buzima biciye kuri uyo muntu umwe, Yezu Kristu.” Egome, ibiva mu ngabirano y’ubugororotsi biratandukanye n’ibiva mu makosa ya Adamu. Iyo ngabirano ivamwo ubuzima.—Rom. 5:17; soma Luka 22:28-30.
-