-
Nugume Ugendera mu Nzira ya YehovaUmunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ruheshi
-
-
6, 7. Naho Abisirayeli basenga Yehova, ni ryari baguye kandi vyatumwe n’iki?
6 Ivyo vyarashikiye Isirayeli ya kera nk’uko Paulo yavyerekanye. Yanditse ati: “Ivyo vyatubereye akarorero kugira ngo ntitwifuze ibibi, nk’uko ba bandi bāvyifuje. Kandi ntimugasenge ibishushanyo vy’ibigirwamana, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bābisenga: nk’uko handitswe, ngw Abantu bicaritswe no kurya no kunywa, bava hasi baravyina. Kandi ntitugashakane, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāshakanye, maze hapfamw’abantu ibihumbi mirongwibiri na bitatu ku musi umwe.”—1 Ab’i Korinto 10:6-8.
7 Paulo ubwa mbere yatanguye kuvuga ivya ca gihe Abisirayeli basenga imasa y’inzahabu ku mucamo w’Umusozi Sinayi. (Kuvayo 32:5, 6) Ukwo kwari ukugambarara imbonankubone ibwirizwa ry’Imana bari biyemereye kugamburuka imishamvu mikeyi imbere y’aho. (Kuvayo 20:4-6; 24:3) Maze Paulo yerekeza ku gihe Isirayeli yunamira Bayali bari kumwe n’abakobwa b’i Mowabu. (Guharūra 25:1-9) Ivy’ugusenga imasa vyaranzwe n’ukudandahirwa guteye isoni, “baravyina.”a Gusenga Bayali kwajana n’ubuhumbu bw’agahomeramunwa. (Ivyahishuriwe 2:14) Ni kuki Abisirayeli baguye muri ivyo vyaha? Kubera yuko baretse imitima yabo ‘ikipfuza ibibi’—vyaba vyari ugusenga ibigirwamana canke kwita mu ngeso ziteye isoni vyajana.
8. Ni igiki dushobora kwigira ku vyashikiye Isirayeli?
8 Paulo yerekana yuko dukwiye kwigira kuri ivyo bintu vyashitse. Kuvyigirako iki? Ntawokwiyumvira ko Umukirisu yokwikubita imbere y’imasa y’inzahabu canke imbere y’ikimana ca kera c’Abanyamowabu. Mugabo tuvuge iki ku buhumbu canke ku kudandahirwa? Ivyo bireze muri iki gihe, kandi turetse icipfuzo cavyo kigakura mu mitima yacu, bizokwitambika hagati yacu na Yehova. Ico bizotanga kizoba nk’aho twoba twamaze kugwa mu gusenga ibigirwamana—tugatandukana n’Imana. (Gereranya na Ab’i Kolosayi 3:5; Ab’i Filipi 3:19.) Nkako, Paulo asozera ikiganiro ciwe cerekeye ivyo bintu vyashitse mu guhimiriza abo bisangiye ukwemera ati: “Ni muhunge ugusenga ibigirwamana.”—1 Ab’i Korinto 10:14.
-
-
Nugume Ugendera mu Nzira ya YehovaUmunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ruheshi
-
-
a Mu kwerekeza kw’ijambo ry’Ikigiriki aha rihindurwa ngo ‘kuvyina,’ umusiguzi umwe avuga yuko vyerekeza ku ntambo zatambwa mu gihe c’imisi mikuru ya gipagani, hanyuma yongerako ati: “Nyinshi muri izo ntambo, nk’uko bizwi neza, zari neza na neza izo kuvyura inambu z’ubushirasoni bw’akahebwe.”
-