ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?

      Hirya no hino kw’isi, abantu bafise ivyiyumviro bitandukanye ku bijanye n’inzoga. Bamwe barahitamwo kuzinywa igihe bateramiye hamwe n’abagenzi, abandi na bo bagahitamwo kutigera bazinywa. Hari n’abandi bazinywa gushika baborewe. None Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’inzoga?

      1. Kunywa inzoga vyoba ari bibi?

      Bibiliya ntibuza kunywa inzoga. Ahubwo igihe ivuga ibintu vyiza vyinshi Imana yaduhaye, iratubwira ko “umuvinyu unezereza umutima w’umuntu.” (Zaburi 104:14, 15) Bamwe mu bagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa muri Bibiliya baranywa inzoga.—1 Timoteyo 5:23.

      2. Ni impanuro iyihe Bibiliya iha abahitamwo kunywa inzoga?

      Yehova ariyamiriza kunywa inzoga birenze urugero no kuborerwa. (Abagalatiya 5:21) Ijambo ryiwe rivuga riti: “Ntube mu banywi b’umuvinyu ba cane.” (Imigani 23:20) Rero igihe duhisemwo kunywa, mbere n’igihe tuba turi twenyene, ntidukwiye kunywa birenze urugero ku buryo tutaba tugishoboye kwiyumvira neza, gucungera ivyo tuvuga be n’ivyo dukora canke kwitwararika amagara yacu. Nimba tutagishoboye gucungera urugero rw’inzoga tunywa, vyoba vyiza tuzihevye.

      3. Twokwubahiriza gute ingingo abandi bafashe ku bijanye n’inzoga?

      Umuntu uwo ari we wese abwirizwa kwihitiramwo kunywa canke kutanywa inzoga. Ntidukwiye gucira urubanza umuntu ahisemwo kunywa inzoga ku rugero. Ariko kandi ntidukwiye guhata umuntu adashaka kuzinywa. (Abaroma 14:10) Turahitamwo kutanywa inzoga igihe tubona yuko bishobora gutsitaza abandi. (Soma Abaroma 14:21.) Ntiturondera ‘akarusho kacu bwite, ahubwo turondera ak’uwundi.’—Soma 1 Abakorinto 10:23, 24.

      TWINJIRE MU MIZI

      Nurabe ingingo ngenderwako zogufasha guhitamwo nimba wonywa inzoga hamwe n’urugero rw’izo wonywa nimba usanzwe uzinywa. Nurabe kandi ico wokora nimba bikugora kwigerera.

      4. Nuhitemwo nimba wonywa inzoga canke utozinywa

      Yezu yabona gute ivyo kunywa inzoga? Kugira turonke inyishu, reka turabe igitangaro ca mbere yakoze. Nimusome Yohani 2:1-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Twisunze iki gitangaro, twigira iki ku kuntu Yezu yabona inzoga be n’abazinywa?

      • Ko Yezu ata ho yavuze ko kunywa inzoga ari bibi, umukirisu akwiye kubona gute uwuhitamwo kuzinywa?

      Ariko rero, naho vyemewe ko umukirisu anywa inzoga, ntibisigura ko igihe cose ari vyiza kuzinywa. Nimusome Imigani 22:3, maze muce murimbura ingene ibintu bikurikira bishobora kugufasha guhitamwo nimba wonywa inzoga:

      • Igihe uriko uratwara imodoka canke uriko urakoresha imashini ishobora guteza isanganya.

      • Igihe wibungenze.

      • Igihe umuganga yaguhanuye ko wozireka.

      • Igihe bikugora kwigerera.

      • Igihe amategeko y’aho uba atakwemerera kunywa inzoga.

      • Igihe uri kumwe n’umuntu yafashe ingingo yo kuziheba kubera ko vyahoze bimugora kwigerera.

      Woba woha abantu inzoga ku bugeni canke ku zindi manza? Kugira ubone icogufasha gufata ingingo, nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: Noba notanga inzoga mu rubanza? (2:41)

      Nimusome Abaroma 13:13 na 1 Abakorinto 10:31, 32. Muhejeje gusoma icanditswe kimwekimwe cose, nimuce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni gute gushira mu ngiro iyi ngingo ngenderwako bizogufasha gufata ingingo ihimbara Yehova?

      Umuvukanyi yanse kunywa umuvinyu muri resitora. Abadada babiri bari kumwe na we bariko baranywa umuvinyu.

      Umukirisu umwumwe wese ni we yihitiramwo kunywa inzoga canke kutazinywa. Mbere n’igihe umukirisu yoba anywa inzoga, mu bihe bimwebimwe yoshobora guhitamwo kutazinywa

      5. Nuhitemwo urugero rw’izo wonywa

      Niwahitamwo kunywa inzoga, niwibuke iki kintu: Naho Yehova atabuza kunywa inzoga, ariyamiriza kunywa birenze urugero. Uti kubera iki? Nimusome Hoseya 4:11, 18, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni ibiki vyoshika hamwe umuntu yonywa akarenza urugero?

      Twokwirinda gute kunywa birenze urugero? Turakwiye kwifata ruto, tukamenya aho tugarukiriza. Nimusome Imigani 11:2, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki ari vyiza kwishingira urugero ntarengwa rw’inzoga wonywa?

      6. Ivyofasha umuntu guheba kunywa inzoga birenze urugero

      Nurabe icafashije umugabo umwe guheba kunywa inzoga birenze urugero. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: “Ingeso zanje zari zingeze ahantu” (6:32)

      Amafoto: Amafoto yakuwe mw’ividewo ivuga ngo ‘Ingeso zanje zari zingeze ahantu.’ 1. Dmitry ariko yitegereza icupa ry’inzoga. 2. Dmitry ari kumwe n’umugore wiwe n’umukobwa wabo bariko barigira hamwe Bibiliya.
      • Muri iyo videwo, inzoga zatuma Dmitry yigenza gute?

      • Vyoba vyaramworoheye guheba inzoga?

      • Ni igiki cahavuye kimufasha guheba kunywa inzoga birenze urugero?

      Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Kunywa birenze ni bibi ku rugero rungana gute?

      • Ni igiki cerekana ko umuntu anywa inzoga birenze ashobora guhinduka?

      Nimusome Matayo 5:30, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Igihe Yezu yakoresha ikigereranyo kijanye no guca ukuboko, yashaka kuvuga ko hari igihe biba ngombwa ko tugira ivyo duhevye kugira duhimbare Yehova. Wokora iki nimba uriko urarwana urugamba rwo guheba kunywa inzoga birenze urugero?a

      Nimusome 1 Abakorinto 15:33, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Hamwe wokwifatanya n’abantu banywa inzoga birenze urugero, vyokugirako ingaruka izihe?

      HARI UWOBAZA ATI: “Kunywa inzoga vyoba ari bibi?”

      • Wokwishura gute?

      INCAMAKE

      Yehova yaduhaye inzoga kugira duhimbarwe, ariko ariyamiriza kunywa inzoga birenze urugero no kuborerwa.

      Wize iki?

      • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?

      • Ni ingaruka izihe ziva ku kunywa birenze?

      • Ni gute twokwubahiriza ingingo abandi bafashe ku bijanye no kunywa inzoga?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Ni gute imiyabaga yohitamwo neza mu bijanye no kunywa?

      Nuzirikane imbere yo kunywa (2:31)

      Nimba bikugora kwigerera, raba ibintu vyogufasha.

      “Nugume ubona ivyerekeye inzoga mu buryo bubereye” (Umunara w’Inderetsi, 1 Nzero 2010)

      Ni ryari abavyeyi bobwira abana babo ivyerekeye kunywa inzoga kandi bobibabwira gute?

      “Kuganira n’abana bawe ibijanye n’inzoga” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Mu nkuru ivuga ngo “Nari ingunguru itobotse,” nurabe ingene umugabo umwe yahevye kunywa inzoga birenze urugero.

      “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Rusama 2012)

      a Abiziziwe n’inzoga, hari aho bokenera gufashwa n’abaganga bavyigiye kugira babihebe. Abaganga benshi bavuga ko abiziziwe n’inzoga, biba vyiza bazihevye burundu.

  • Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 52. Umugore ariko arahitamwo impuzu yogura.

      ICIGWA CA 52

      Kubera iki bihambaye ko twitwararika ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya?

      Twese turafise ingene dushima kwambara n’ukuntu twitunganya. Ariko Bibiliya irimwo ingingo ngenderwako zodufasha guhitamwo neza uburyo bwo kwambara kandi tukanezereza Yehova. Reka turabe zimwezimwe muri izo ngingo ngenderwako.

      1. Ni ingingo ngenderwako izihe zishobora kudufasha guhitamwo uburyo bwiza bwo kwambara no kwitunganya?

      Dukwiye guhitamwo ‘inyambaro itunganije neza, iranga urupfasoni no kurorana kw’umuzirikanyi,’ kandi tukaguma tuboneka neza ku buryo abandi babona ko turi abantu “batinya Imana.” (1 Timoteyo 2:9, 10) Raba izi ngingo ngenderwako zine: (1) Inyambaro yacu ikwiye kuba “itunganije neza.” Nk’uko umaze kubibona ku makoraniro, abasavyi ba Yehova bambara mu buryo butandukanye, ariko ukuntu twambara n’ukuntu dutunganya umushatsi, biragaragaza ko twubaha Imana. (2) Kwambara mu buryo buranga “urupfasoni” bisigura ko twirinda impuzu zivyurira abandi inambu y’umubiri canke zituma abandi badusamarira. (3) Turagaragaza ko dufise “ukurorana kw’umuzirikanyi” igihe tudapfa guhitamwo uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kwambara no kwitunganya bugezweho. (4) Ukuntu tuboneka bikwiye kwama vyerekana ko turi abantu “batinya Imana,” bigatuma n’abandi babona ko dusenga Imana y’ukuri.—Soma 1 Abakorinto 10:31.

      2. Ukuntu tuboneka bigira ico bikoze gute ku bo dusangiye ukwemera?

      Naho dufise uburenganzira bwo guhitamwo ivyo twambara, turakwiye kuzirikana ingene bigira ico bikoze ku bandi. Turakwiye kugerageza uko dushoboye kwose kugira ntihagire uwo tubabaza, ahubwo ‘dushimishe bagenzi bacu mu vyiza kugira ngo bubakwe.’—Soma Abaroma 15:1, 2.

      3. Ni gute ukuntu tuboneka bituma abandi bipfuza kumenya Yehova?

      Igihe cose twama twihatira kwambara mu buryo bubereye. Ariko turarushiriza kwitwararika ukuntu twitunganya igihe tugiye ku makoraniro be n’igihe twamamaza. Twipfuza ko abantu bashira umutima ku butumwa turiko turababwira aho kudusamarira. Ku bw’ivyo, ukuntu twitunganya bikwiye gutuma abantu bipfuza kumenya ivyerekeye Imana kandi “[bigashariza] inyigisho y’Umukiza wacu.”—Tito 2:10.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ukuntu uburyo twambara be n’ukuntu twitunganya vyofasha abandi kumenya ko turi abakirisu b’ukuri.

      Abagabo babiri bahagaze imbere y’umucamanza. Umwe yambaye ikoti, uwundi na we yambaye impuzu zimeze ukwo zishakiye n’inkofero.

      Ukuntu tuboneka birashobora kwerekana ko twubaha abategetsi. Naho Yehova abona ingene tumeze ku mutima, uko tuboneka inyuma na vyo nyene bikwiye kugaragaza ko tumwubaha

      4. Ukuntu tuboneka birerekana ko twubaha Yehova

      Ni imvo ihambaye iyihe ikwiye gutuma twitwararika ukuntu tuboneka? Nimusome Zaburi 47:2, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Kuba twitirirwa Yehova bikwiye gutuma duhitamwo kwambara gute?

      • Woba ubona ko bihambaye ko twitwararika ukuntu tuboneka igihe tugiye ku makoraniro no kwamamaza? Kubera iki wishuye gutyo?

      5. Ukuntu twohitamwo neza uburyo bwo kwambara no kwitunganya

      Nimurabe iyo VIDEWO.

      IVIDEWO: “Mukore vyose ku bw’ubuninahazwa bw’Imana” (10:18)

      Impuzu zacu zaba zizimvye canke zitazimvye zikwiye kuba zisukuye kandi zibereye bivanye n’aho twoba turi hose. Nimusome 1 Abakorinto 10:24 na 1 Timoteyo 2:9, 10. Nimuce muganira ku gituma dukwiye kwirinda kwambara . . .

      • impuzu dupfuye kuvundurura canke zisa uko zishakiye.

      • impuzu zifata cane, zibonerana canke zivyurira abandi inambu y’umubiri.

      Naho abakirisu batakigengwa n’Itegeko rya Musa, iryo Tegeko riradufasha kubona ukuntu Yehova abona ibintu. Nimusome Gusubira mu vyagezwe 22:5, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kubera iki dukwiye kwirinda kwambara no kwitunganya mu buryo butuma abagabo baboneka nk’abagore, abagore na bo bakaboneka nk’abagabo?

      Nimusome 1 Abakorinto 10:32, 33 na 1 Yohani 2:15, 16, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Kubera iki dukwiye kwihata kugira ngo ukuntu tuboneka ntibitsitaze abandi mu kibano canke mw’ishengero?

      • Ni uburyo bwo kwambara no kwitunganya ubuhe bugezweho aho iwanyu?

      • Ubona hoba hari ubutabereye ku bakirisu? Kubera iki wishuye gutyo?

      Turashobora kwambara no kwitunganya mu buryo butandukanye kandi tugahimbara Yehova

      Abantu benshi, abato n’abakuze bava mu bihugu no mu moko bitandukanye bambaye mu buryo butandukanye kandi batunganije umushatsi mu buryo butandukanye, ariko bubereye ku bakirisu.

      HARI ABAVUGA BATI: “Ndafise uburenganzira bwo kwambara uko nshaka.”

      • Woba nawe ari ko ubibona? Kubera iki wishuye gutyo?

      INCAMAKE

      Igihe duhisemwo uburyo bwiza bwo kwambara no kwitunganya, tuba twerekanye ko twubaha Yehova hamwe n’abandi.

      Wize iki?

      • Kubera iki Yehova abona ko ukuntu twambara be n’ukuntu twitunganya bihambaye?

      • Ni ingingo ngenderwako izihe zishobora kudufasha guhitamwo neza uburyo twitunganya?

      • Ingene twambara bishobora gute kugira ico bikoze ku kuntu abandi babona ugusenga kw’ukuri?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Raba ingene uburyo twambara bugira ico bukoze ku kuntu abandi batubona.

      “Mboneka gute?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Raba igituma bihambaye cane ko tuzirikana imbere y’uko twishushanya ku mubiri (tatouages).

      “Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye kwishushanya ku mubiri (tatouages)?” (Ikiganiro co kuri jw.org)

      Raba impanuro zo muri Bibiliya zogufasha kutarazwa ishinga cane n’ukuntu uboneka.

      “Kubera iki ndazwa ishinga n’ukuntu mboneka?” (4:29)

      Umugore umwe yipfuza guhimbara Imana yarize kubona ibijanye no kwambara be no kwitunganya mu buryo buri ku burimbane. Raba icamufashije.

      “Ukuntu abandi bambara kandi bakitunganya ni vyo vyantsitaza” (Be maso!, 22 Kigarama 2003, mu gifaransa)

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika