-
‘Mwambare Ukwihangana’Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Munyonyo
-
-
“Urukundo Rurihangana”
9. Bishoboka ko Paulo yoba yatumwe n’iki kubwira Abanyakorinto ko “urukundo [rw]ihangana”?
9 Paulo yarerekanye yuko hari isano ridasanzwe hagati y’urukundo n’ukwihangana igihe yavuga ati: “Urukundo rurihangana.” (1 Ab’i Korinto 13:4) Incabwenge imwe mu vya Bibiliya, Albert Barnes avuga yuko Paulo yashimitse kuri ivyo kubera indyane n’intambara vyari mw’ishengero rya gikirisu ry’i Korinto. (1 Ab’i Korinto 1:11, 12) Barnes adoma urutoke kuri ivyo ati: “Ijambo rikoreshwa ngaha [ryahinduwemwo kwihangana] riranyuranye no kwihutagiza: n’imvugo be n’ivyiyumviro birimwo ishavu, be no kuba inkomwahato. Risobanura imero y’umuzirikanyi ushobora KURINDIRAKO IGIHE KIREKIRE igihe umuntu acinyizwa, canke asomborokejwe.” Urukundo n’ukwihangana biracaterera cane ku mahoro y’ishengero rya gikirisu.
10. (a) Ni mu buryo ki urukundo rudufasha kuba abihangana, kandi ni impanuro iyihe intumwa Paulo atanga muri ivyo? (b) Ni ayahe majambo incabwenge imwe mu vya Bibiliya yavuze ku biraba ukwihangana kw’Imana n’ukugira neza kwayo? (Raba akajambo k’epfo.)
10 “Urukundo rurihangana, rugira neza, urukundo . . . ntirurondera ivyarwo, ntirwiciraho.” Ni co gituma urukundo rudufasha mu buryo bwinshi kuba abihangana.a (1 Ab’i Korinto 13:4, 5) Urukundo ruradufasha guheberanira tubigiranye ukwihangana no kwibuka yuko twese turi abanyagasembwa kandi dukora amakosa. Ruradufasha kwubahiriza abandi no kubaharira. Intumwa Paulo aturemesha kugenda ‘twiyoroheje rwose, dufise ubugwaneza, twihangana, tubabariranira turi mu rukundo, dushishikaye kuzigamisha ubumwe buva ku mpwemu umugozi w’amahoro.’—Abanyefeso 4:1-3.
-
-
‘Mwambare Ukwihangana’Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Munyonyo
-
-
a Mu gutanga insasanuro ku majambo Paulo yavuze y’uko “urukundo [rwi]hangana, rugira neza,” incabwenge imwe mu vya Bibiliya Gordon D. Fee yandika ati: “Mu nyigisho ya Paulo, izo kamere [kwihangana no kugira neza] zerekana ya mice ibiri iranga ukuntu Imana ifata abantu (Raba Rom. 2:4). Ku ruhande rumwe, ukwihangana kuranga urukundo kw’Imana kugaragarira ku kuntu yigumije ntishitse uburake yagiriye abantu ku bw’ubugarariji bwabo; ku rundi ruhande, ukugira neza kwayo tugusanga mu buryo yaseruye ikigongwe cayo incuro ibihumbi n’ibihumbi. Ni co gituma uburyo Paulo adondora urukundo buhera ku kuntu Imana yarugaragaje mu buryo bubiri. Ikagaragaza ibicishije kuri Kirisitu yuko yihanganira abantu yari ikwiriye gucirako iteka, ikongera ikabagirira neza.”
-