-
Inzira y’Urukundo Ntaho IshiraUmunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ntwarante
-
-
9. Ni uturorero tutuburira utuhe Bibiliya itanga tw’abantu bǎriko bironderera inyungu zabo bwite?
9 Urukundo “ntirurondera ivyarwo.” (1 Ab’i Korinto 13:5) Umuntu w’umunyarukundo ntahendahenda abandi kugira ngo yironkere ivyo arondera. Bibiliya irimwo uturorero two kutuburira muri ivyo. Dufate akarorero: Twarasomye ivyerekeye Delila, Yezebeli, na Ataliya, bakaba ari abagore bakoresheje urwenge ku bandi bantu kugira ngo bashikire ivyo bironderera biranga ubwikunzi. (Abacamanza 16:16; 1 Abami 21:25; 2 Ngoma 22:10-12) Hariho kandi na Abusalomu umuhungu w’Umwami Dawidi. Yaregera abaje i Yeruzalemu barondera guciribwa imanza, hanyuma akarementanya ku rwenge yuko ikirimba c’umwami kititayeho vy’ukuri ingorane zabo. Maze yaca avuga imbonankubone yuko ico ikirimba gikeneye vy’ukuri umugabo yakirana abantu igishika nka we! (2 Samweli 15:2-4) Ariko ntiwumve, Abusalomu ntiyari yitwararitse abarenganywa, ahubwo yari yibabaye gusa. Kubera ko yigira umwami, yarazimije imitima ya benshi. Mugabo mu nyuma Abusalomu yaraneshejwe bimwe vy’agahebuza. Aho apfiriye nta n’urupfasoni bamuhambanye.—2 Samweli 18:6-17.
10. Dushobora gute kwerekana yuko twitwararika inyungu z’abandi?
10 Iyo ni imburizi ku Bakirisu muri iki gihe. Twaba turi abagabo canke abagore, twoshobora kuba dufise ubushobozi bwo kujijura bw’indemanwa. Kumbure vyotworohera gushika aho dushaka, nko mu kuguma ari twe twizizira ijambo mu kiyago canke mu gucinyiza abafise iciyumviro gitandukanye n’icacu. Mugabo rero nimba vy’ukuri turi abanyarukundo, tuzoguma twitwararika ivyungura abandi. (Ab’i Filipi 2:2-4) Ntituzokwungukira ku bandi canke ngo dukomeze ivyiyumviro birimwo amakenga kubera ibintu n’ibindi tuzi canke ikibanza turimwo mw’ishirahamwe ry’Imana, nka kumwe umengo ivyiyumviro vyacu ni vyo vyonyene bihambaye. Ahubwo, tuzokwibuka wa mugani wa Bibiliya uvuga uti: “Ubgibone bgitangira imbere y’uguhona, kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa.”—Imigani 16:18.
-
-
Inzira y’Urukundo Ntaho IshiraUmunara w’Inderetsi—1999 | 1 Ntwarante
-
-
11. (a) Ni mu buryo ubuhe dushobora kwerekana urukundo rugira neza kandi rudakora ibiteye isoni? (b) Dushobora gute kwerekana yuko tutanezererwa ukugabitanya?
11 Paulo yanditse kandi yuko urukundo “rugira neza” be n’uko “[ruda]kora ibiteye isoni.” (1 Ab’i Korinto 13:4, 5) Egome, urukundo ntiruzoreka ngo tugire amanyama, inyifato itaranga urupfasoni canke itaranga ukwubaha. Ahubwo, tuzokwitwararika uko abandi bamererwa. Nk’akarorero, umuntu w’umunyarukundo azokwirinda kugira ibintu vyodurumbanya ijwi ryo mu mutima ry’abandi. (Gereranya na 1 Ab’i Korinto 8:13.) Urukundo “ntirunezererwa ukugabitanya kw’abandi, ariko runezeranwa n’ukuri.” (1 Ab’i Korinto 13:6) Nimba dukunda amategeko ya Yehova, ntituzofata minenerwe ubushegabo canke ivyo kwinezereza dukoresheje ibintu Imana yanka. (Zaburi 119:97) Urukundo ruzodufasha kuronkera umunezero mu bintu biremesha aho kuwuronkera mu bica intege.—Abaroma 15:2; 1 Ab’i Korinto 10:23, 24; 14:26.
12, 13. (a) Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe hagize uwutubabaza? (b) Tanga uturorero two muri Bibiliya kugira werekane yuko n’ishavu ritewe n’impamvu yumvikana rishobora gutuma duhuruduka.
12 Paulo yandika yuko urukundo “[ruta]gira ishavu,” (ntiruratswa n’akantu kose,” Philips). (1 Ab’i Korinto 13:5, UB) Ego niko, ni ibisanzwe ko twebwe abantu b’abanyagasembwa twobabara canke tugashavura igihe hari uwutugiriye nabi. Ariko rero vyoba ari bibi tugumye tubabaye canke dushavuye. (Zaburi 4:4; Abanyefeso 4:26) Mu gihe ishavu rirekeranywe, naho ryoba ritewe n’impamvu yumvikana, ryoshobora gutuma duhuruduka kandi Yehova ivyo ni twe yobibaza.—Itanguriro 34:1-31; 49:5-7; Guharūra 12:3; 20:10-12; Zaburi 106:32, 33.
13 Hariho abaretse udusembwa tw’abandi dutuma bagira ico bahinduye ku vy’ukwitaba amakoraniro ya gikirisu canke ukuja mu gikenurwa co mu ndimiro. Imbere yaho, abenshi muri abo bararwanye intambara ikomeye y’ukwizera, kumbure mu kwihanganira ukurwanywa n’abo mu muryango, ugutyekezwa n’abo bikorana, n’ibindi nk’ivyo. Barihanganiye intambamyi mwene izo kubera ko bazibona nk’ibigerageza ukutadohoka kwabo, kandi nkako ni vyo. Ariko bigenda gute igihe Umukirisu avuze canke agize ikintu kibabaza? Mbega ico co si ikigerageza ukutadohoka? Mu vy’ukuri ni co, kuko mu gihe tugumye dushavuye twohava ‘duha icicaro wa Murwanizi.’—Abanyefeso 4:27.
14, 15. (a) ‘Kurimbura ikibi umuntu agiriwe’ bisobanura iki? (b) Dushobora gute kwigana Yehova mu kuba abanyakigongwe?
14 Paulo rero ntiyihenze mu kwongerako yuko urukundo ‘rutaguma rurimbura ikibi rukorewe.’ (1 Ab’i Korinto 13:5, NW) Ngaho akoresha ijambo ryo mu vy’uguharura, akaba kumbure ashaka kwerekana ivy’umuntu yokwandika ahantu ikibi yakorewe kugira ngo ntaze acibagire. Mbega vyoba biranga urukundo tugiye turabika mu bwenge amajambo canke ibintu bibabaje batugiriye ata kuvyibagira, nka kumwe umengo ejobundi tuzokenera kuvyibukirako? Ese ukuntu dushobora kugira urweze kubona Yehova ataduserangura muri ubwo buryo butaranga ikigongwe! (Zaburi 130:3) Egome, igihe twihanye amakosa yacu arayafuta.—Ivyakozwe 3:19.
15 Turashobora kwigana Yehova muri ivyo. Ntidukwiye kuba inkomwahato mu kubabazwa n’akantu kose igihe hagize uwudutsitarako. Nimba twihutira kubabara, twohava dusanga turiko turibabaza kuruta uko nya muntu yokwigera atubabaza. (Umusiguzi 7:9, 22) Ahubwo, turakeneye kwibuka yuko urukundo “rwizera vyose.” (1 Ab’i Korinto 13:7) Birumvikana ko ata n’umwe muri twebwe yoshima kuba ikitazi, ariko kandi ntidukwiye kwama kwicura bimwe birengeje urugero umutima abavukanyi bacu bakorana. Aho bishoboka hose, nimuze twizigire abavukanyi bacu.—Ab’i Kolosayi 3:13.
-