ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ‘Abapfuye Bazozurwa’
    Umunara w’Inderetsi—1998 | 1 Mukakaro
    • 7. (a) Paulo yashimitse ku kibazo nyamukuru ikihe? (b) Ni bande babonye Yezu yazutse?

      7 Mu mirongo ibiri ya mbere yo muri 1 Ab’i Korinto ikigabane ca 15, Paulo ashikiriza umutwe-shimikiro w’ikiganiro ciwe. Agira ati: “Ndasubira kubibutsa, benewacu, ya nkuru nziza nabamenyesheje, ari yo mwakiriye mugahagararamwo, ari yo idahengeshanya kubakiza . . . ahandi ho mwoba mwemereye ubusa.” (UB) Niba Abanyakorinto barananiwe guhagarara bashikamye mu nkuru nziza, boba bemereye ubusa ukuri. Paulo yabandanije ati: “Nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, nk’ukw ivyanditswe bivuga, agahambga, akazuka ku musi ugira gatatu, nk’ukw ivyanditswe bivuga; akiyereka Kefa, maz’akiyereka bamwe cumi na babiri, akongera akiyerekera hamwe bene Data basāga amajana atanu, mur’abo abenshi baracariho n’ubu, ariko bamwe bārasinziriye: maze yiyereka Yakobo, hanyuma yiyereka intumwa zose. Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana [yavutse atageze, NW].”—1 Ab’i Korinto 15:3-8.

  • ‘Abapfuye Bazozurwa’
    Umunara w’Inderetsi—1998 | 1 Mukakaro
    • 9 Kirisitu yabonekeye kandi umugwi munini gusumba, “bene Data basāga amajana atanu.” Kubera yuko muri Galilaya ari ho gusa yari afise abayoboke benshi gutyo, ivyo bishobora kuba vyabaye ca gihe kivugwa muri Matayo 28:16-20, hamwe Yezu yatanga ibwirizwa ryo guhindura abantu abigishwa. Ese ukuntu abo bantu bashobora gushinga intahe ikomeye! Bamwebamwe bari bakiriho igihe Paulo yandika iri kete rya mbere ku B’i Korinto, mu 55 G.C. Ariko urabona yuko abari bamaze gupfa bavugwa yuko bari ‘basinziriye mu rupfu.’ Ntibaribwazurwe ngo bahabwe impera yabo y’ijuru.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika