ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Mbega Igikorwa Cawe Kizorinda Umuriro?
    Umunara w’Inderetsi—1998 | 1 Munyonyo
    • 5. Ni nde mushinge w’ishengero rya gikirisu, kandi ivyo vyabuwe gute?

      5 Paulo yanditse ati: ‘Uwundi mushinge nta muntu ashobora kuwushiraho, atari uwashizweho, ni wo Yesu Kristo.’ (1 Ab’i Korinto 3:11) Ubwo ntibwari bwo bwa mbere Yezu asanishwa n’umushinge. Kukaba nkako, muri Yesaya 28:16 hari habuye hati: “Umwami Uhoraho avuga, ati Rāba, ndashira i Siyoni ibuye ryo kuba [umushinge], ibuye ryagejejwe, ari ryo ryo kugumya imfuruka, riri n’igiciro, rishikamye cane.” Kuva kera Yehova yari afise umugambi w’uko Umwana wiwe yocitse umushinge w’ishengero rya gikirisu.—Zaburi 118:22; Abanyefeso 2:19-22; 1 Petero 2:4-6.

      6. Paulo yashinze gute umushinge ubereye mu Bakirisu b’i Korinto?

      6 Umushinge w’Umukirisu wese ni uwuhe? Nk’uko Paulo yabivuze, nta wundi mushinge Umukirisu nyakuri afise atari uwubatse mw’Ijambo ry’Imana—ni ukuvuga Yezu Kirisitu. Nta nkeka ko Paulo yubatse umushinge mwene uwo. I Korinto, aho filozofiya yasonerwa cane, ntiyarondeye ko abantu bamwemera akoresheje ubwenge bw’isi. Ahubwo, Paulo yamamaje ‘Kirisitu yamanitswe,’ ari vyo amahanga yateye akagere ngo ni “ubupfu” butagira uko bungana. (1 Ab’i Korinto 1:23) Paulo yigishije yuko Yezu ari we muntu nyamukuru akoreshwa mu migambi ya Yehova.—2 Ab’i Korinto 1:20; Ab’i Kolosayi 2:2, 3.

  • Mbega Igikorwa Cawe Kizorinda Umuriro?
    Umunara w’Inderetsi—1998 | 1 Munyonyo
    • 8. Kirisitu tumugira gute umushinge w’abagabirije kuba abigishwa?

      8 Igihe Kirisitu abaye wo mushinge twubakiyeko, ntitumwerekana nk’akayoya katagira gitabara kari mu bwato bw’ibitungwa, canke ngo tumwerekane nk’uwuringaniye na Yehova mu Butatu. Oya, ivyo vyiyumviro bitajanye n’Ivyanditswe ni wo mushige w’Abakirisu b’ikinyoma. Ahubwo, twigisha yuko yari umuntu ahambaye kuruta abigeze kubaho bose, yuko yatanze ubuzima bwiwe butagira agasembwa ku bwacu, n’uko kandi muri iki gihe ari Umwami aganza mw’ijuru yagenywe na Yehova. (Abaroma 5:8; Ivyahishuriwe 11:15) Turondera kandi guhimiriza abigishwa bacu ngo bagere ikirenge mu ca Yezu bongere bigane kamere ziwe. (1 Petero 2:21) Dushaka ko bakorwa ku mutima n’umwete Yezu yari afitiye igikenurwa, impuhwe yari afitiye abantu ba nyarucari kandi bacinyizwa, imbabazi yagirira abacumuzi bari bajanjaguwe n’ukwiyagiriza ikibi, ubutinyutsi yagira mu guhangana n’ibigeragezo. Vy’ukuri, Yezu ni umushinge w’akaroruhore. Ariko ni igiki gikurikira?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika