ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • ‘Ubgenge Bubana n’Abifata Ruto’
    Umunara w’Inderetsi—2000 | 1 Myandagaro
    • Paulo​—‘Umusuku’ Akaba n’‘Umubwiriza’

      4. Ni agateka kadasanzwe akahe Paulo yaronse?

      4 Paulo yari umuntu yemerwa cane mu Bakirisu ba kare, kandi ivyo birumvikana. Mu gikorwa ciwe, yagenze ibirometero ibihumbi n’ibihumbi mu biyaga no ku butaka, kandi yarashinze amashengero menshi. Ikigeretse kuri ivyo, Yehova yarahezagiye Paulo mu kuza aragira ivyo yerekwa be n’ingabirano yo kuvuga mu zindi ndimi z’inyamahanga. (1 Ab’i Korinto 14:18; 2 Ab’i Korinto 12:1-5) Yarahumekeye kandi Paulo kugira yandike amabaruwa 14 ubu agize umuce w’Ivyanditswe vy’Ikigiriki vy’Abakirisu. Birumvikana, birashobora kuvugwa yuko ibikorwa vya Paulo vyaruse ivy’izindi ntumwa zose.​—1 Ab’i Korinto 15:10.

      5. Paulo yagaragaje gute yuko yibona mu buryo buranga ukwifata ruto?

      5 Kubera Paulo yari imbere mu bikorwa vya gikirisu, bamwebamwe bashobora kuba biteze ko aba rurangiranwa, mbere akishima ku bukuru bwiwe. Ariko rero, si uko vyagenze, kubera Paulo yifata ruto. Yiyise uw’“inyuma y’izindi ntumwa zose,” yongerako ati: “Sinkwiye no kwitwa intumwa, kuko nahama ishengero ry’Imana.” (1 Ab’i Korinto 15:9) Kubera yahoze ahama Abakirisu, Paulo ntiyigeze yibagira yuko iyo bitava gusa ku buntu adakwiriye atoshoboye na gato kugiranira ubucuti n’Imana, ukwinovora uduteka tudasanzwe tw’umurimo vyovyo ntituvuge. (Yohana 6:44; Abanyefeso 2:8) Ni co gituma Paulo atumvise yuko ivyo yashitseko bidasanzwe mu gikorwa vyamutumye aruta abandi.​—1 Ab’i Korinto 9:16.

      6. Paulo yagaragaje gute ukwifata ruto mu vyo yakorana n’Abanyakorinto?

      6 Ukwifata ruto kwa Paulo kwaribonekeje canecane mu vyo yakorana n’Abanyakorinto. Bisa n’uko bamwebamwe muri bo bakorwa ku mutima n’abantu biyumvira ko ari abacungezi bemerwa cane, ushizemwo Apolo, Kefa, hamwe na Paulo ubwiwe. (1 Ab’i Korinto 1:11-15) Paulo ntiyasavye ko Abanyakorinto bamurata, eka ntiyanaririyemwo mbege kubera bamutamarira. Igihe yabagendera, ntiyigize “agakūra mu majambo canke mu bgenge.” Ahubwo, Paulo yavuze ku bimwerekeye no ku vyerekeye abo bagendana ati: “Umuntu n’atwiyumvire yuko tur’abasuku ba Kristo, n’ababgiriza b’amabanga y’Imana.”a​—1 Ab’i Korinto 2:1-5; 4:1.

      7. Paulo yagaragaje gute ukwifata ruto no mu gihe yaba ariko aratanga impanuro?

      7 Paulo yaranagaragaje ukwifata ruto igihe yabwirizwa gutanga impanuro zikomeye n’ubuyobozi. Yinginze Abakirisu bagenziwe “kubg’imbabazi z’Imana” no “kubg’urukundo” aho gukoresha uburemere bw’ubukuru yari afise bwa ntumwa. (Abaroma 12:1, 2; Filemoni 8, 9) Ni kuki Paulo yagize ivyo? Kubera ko mu vy’ukuri yibona bwa ‘mukozi akorana’ n’abavukanyi biwe, atari ‘uwuganza ukwizera kwabo.’ (2 Ab’i Korinto 1:24) Nta gukeka ko ukwifata ruto kwa Paulo ari kwo kwamufashije gutuma akundwa mu buryo budasanzwe n’amashengero y’Abakirisu yo mu kinjana ca mbere.​—Ivyakozwe 20:36-38.

  • ‘Ubgenge Bubana n’Abifata Ruto’
    Umunara w’Inderetsi—2000 | 1 Myandagaro
    • a Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “abasuku” rishobora kwerekeza ku mushumba asozera ku murongo wo hasi w’ingafe zo mu bwato bunini. “Ababgiriza” bobo bashobora gushingwa amabanga arengeye, kumbure kubungabunga itongo. Ariko rero, mu maso ya ba shebuja benshi, umubwiriza yari mu buja cokimwe n’umushumba wo mu bwato.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika