Yemwe bakirisu: nimwishimire abo muri!
“Uwirata, yirate Uhoraho”.—1 AB’I KORINTO 1:31.
1. Ni inyifato iyihe igenda irigaragaza mu kuntu abantu babona ibijanye n’idini?
“UKUTANEGWA IVY’IMANA”. Hari umwanditsi umwe mu bijanye n’idini aherutse gukoresha iyo mvugo mu kudondora inyifato abantu benshi bagumana ku bijanye n’ukwizera kwabo. Yasiguye ati: “Inyifato yibonekeza mw’idini ryo mu gihe ca none si ugukunda ivy’Imana namba, ahubwo ni inyifato idondorwa mu buryo bubereye ko ari ‘ukutanegwa ivy’Imana’”. Mu kubandanya kugira ico avuze kuri iyo mvugo, yavuze ko ukutanegwa ivy’Imana ari “agatima umuntu agira ko kutitaho ibintu vyose bifitaniye isano n’idini arimwo”. Yavuze yuko abantu benshi “bemera Imana . . . ; [ariko] ntibit[e]ho ibiyerekeye”.
2. (a) Ni kubera iki bidatangaje kubona abantu basigaye batanegwa ivy’Imana? (b) Ni akaga akahe ukutanegwa ibintu kwotera ku bakirisu b’ukuri?
2 Iyo nyifato y’ukutanegwa ibintu ntitangaza abatohoji ba Bibiliya (Luka 18:8). Kandi ku vyerekeye idini muri rusangi, dukwiye kwitega mwene ako gatima. Idini ry’ikinyoma riramaze igihe kirekire rwose rizimiza abantu ryongera ribahemukira (Ivyahishuriwe 17:15, 16). Ariko rero, ku bakirisu b’ukuri, iyo nyifato ikwiye hose y’ukugira imitima ibiri be n’ukubura umwete irateye akaga. Vyoshobora kudukwegera akarambaraye hamwe twoba ibinebwe ku vyerekeye ukwizera kwacu bigatuma dutakaza umwete twari dufitiye igikorwa c’Imana be n’ukuri kwa Bibiliya. Yezu yaragabishije abakirisu kuri mwene ukwo kuba akazuyazi igihe yakebura abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Lawodikiya ati: “[Ntu]konje kandi ntubi[ze]. Icompa ugakonja cank’ukabira! . . . Ur’akazuyazi”.—Ivyahishuriwe 3:15-18.
Dutahure abo turi
3. Ni iyihe mice y’akaranga kabo abakirisu bashobora kwiratira?
3 Kugira ngo abakirisu barwanye ukutanegwa ivy’impwemu, barakeneye gutahura neza abo bari, kandi bategerezwa kwiratira mu buryo bubereye akaranga kabo kabatandukanya n’abandi. Twebwe abasavyi ba Yehova tukaba n’abigishwa ba Kirisitu, Bibiliya iradondora abo turi. Turi “ivyabona” vya Yehova, turi ‘abakozi bakorana n’Imana’, kubera yuko tubwira abandi “ubutumwa bgiza” tubigiranye umwete (Yesaya 43:10; 1 Ab’i Korinto 3:9; Matayo 24:14). Turi abantu ‘bakundana’ (Yohana 13:34). Abakirisu b’ukuri ni abantu “bafise [“ububasha bwo gutegera”, NW], maze kubgo kwama babukoresha, bu[ka]mogorera gutandukanya ikibi n’iciza” (Abaheburayo 5:14). Turi “amatara mw isi” (Ab’i Filipi 2:15). Turihatira “[k]ugir[a] ingeso nziza mu mahanga”.—1 Petero 2:12; 2 Petero 3:11, 14.
4. Umusavyi wa Yehova yomenyera ku ki ico atari?
4 Abasavyi ba Yehova b’ukuri barazi kandi ico batari. ‘Si ab’isi’, nk’uko n’Indongozi yabo Yezu Kirisitu atari uw’isi (Yohana 17:16). Baguma bitandukanije n’“abanyamahanga”, bano “ivyiyumviro vyabo [bikaba] biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubugingo buva ku Mana” (Abanyefeso 4:17, 18). Ivyo bituma abayoboke ba Yezu ‘bikunkumura ukutubaha Imana n’ukwipfuza ivy’isi maze bakabaho badahugumba, bagororoka, bubaha Imana, mu gihe ca none’.—Tito 2:12.
5. Impanuro yo ‘kwiratira Yehova’ ishaka kuvuga iki?
5 Ukumenya neza akaranga kacu hamwe n’ubucuti dufitaniye n’Umutware Segaba w’ibiriho vyose, biratuvyurira umutima wo ‘kwiratira Yehova’ (1 Ab’i Korinto 1:31). None ukwo ni ukwirata nyabaki? Twebwe abakirisu b’ukuri, turiratira kuba Yehova ari Imana yacu. Turakurikiza iyi mpanuro igira iti: “Uwirata, ni yirate ibi, ko yammenye, akantahura, yuko nd’Uhoraho nkunda kugira imbabazi no guca iziroranye n’izigororotse mw isi” (Yeremiya 9:24). ‘Turiratira’ agateka twatewe ko kumenya Imana no gukoreshwa na yo mu gufasha abandi.
Urugamba rwo kuguma twibuka neza akaranga kacu
6. Ni kubera iki bamwebamwe basanga ari urugamba kuguma bibuka neza akaranga kabo ka gikirisu?
6 Tuvugishije ukuri, kuguma twibuka neza akaranga kacu ka gikirisu kadutandukanya n’abandi, ntivyama vyoroshe. Umusore umwe yarerewe mu muryango w’abakirisu yiganye yuko yigeze kumara igihe agoyagoya mu vy’impwemu. Yavuze ati: “Vyarashika nkumva ntazi igituma ndi Icabona ca Yehova. Nari narerewe mu kuri. Karacamwo nkiyumvira ko iryo ari irindi dini nk’ayandi yose yemewe”. Abandi bashobora kuba bararetse akaranga kabo kakabumbabumbwa n’ivy’ukwinezereza, ibimenyeshamakuru be n’ukubona ubuzima kwo muri kino gihe kudashimwa n’Imana (Abanyefeso 2:2, 3). Birashobora gushika abakirisu bamwebamwe bagakekeranya ku biberekeye, bakaguma basubira kwihweza ingingo bisunga be n’imigambi bafise.
7. (a) Ni ukwisuzuma ukuhe kubereye ku basavyi b’Imana? (b) Akaga kari hehe muri ivyo?
7 Kuza turacishamwo tukisuzuma twitonze vyoba ari bibi? Ekaye. Kumbure uribuka yuko intumwa Paulo yaremesheje abakirisu kuguma bisuzuma. Yavuze ati: “[Gume] mwisuzuma, mumenye yuko muhagaze mu kwizera; [gume] mwirāba” (2 Ab’i Korinto 13:5). Ngaha, iyo ntumwa yariko iremesha abakirisu kugira akigoro kabereye ko gusuzuma ubugoyagoye bwose bwo mu vy’impwemu bushobora kuba bwaratsimbataye muri bo, bafise intumbero yo gutera intambwe zikenewe kugira babukosore. Igihe umukirisu ariko arisuzuma kugira amenye ko ari mu kwizera, ategerezwa kuraba ko amajambo yiwe be n’ibikorwa vyiwe vyoba bihuye n’ivyo avuga ko yemera. Ariko rero, mu gihe ukwisuzuma kutagiranywe intumbero nziza, kukadusunikira kurondera “akaranga” kacu canke kukadusunikira kurondera inyishu ziteye kubiri n’ubucuti dufitaniye na Yehova, cabure kukadusunikira kuzironderera inyuma y’ishengero rya gikirisu, nta co kwotumarira kandi kurashobora kudukwegera akarambaraye mu vy’impwemua. Ese tutokwigera twipfuza ‘kumera nk’ubwato busavye ku bijanye n’ukwizera kwacu’!—1 Timoteyo 1:19.
Ntitwatewe urucanco rudukingira ingorane
8, 9. (a) Musa yaseruye gute inyiyumvo yari afise z’ukwikengera? (b) Yehova yakiriye gute ukwo kuntu Musa yiyumvamwo ko ata co ashoboye? (c) Wumva umerewe gute uravye ingene Yehova asubiriza umutima mu nda abasavyi biwe?
8 Abakirisu gacamwo bagashikirwa n’ugukekeranya ku biberekeye, boba bakwiye guca bumva yuko ata co bashoboye? Oya! Emwe, kumenya yuko mwene izo nyiyumvo atari iz’ubu birashobora kubahumuriza. Abasavyi b’Imana b’intahemuka ba kera barashikiwe n’inyiyumvo nk’izo. Rimbura nk’akarorero ivyerekeye Musa, uwari afise ukwizera kudasanzwe, akaguma ari umugumyabanga akongera akibanda ku Mana bimwe bidasanzwe. Igihe Musa yashingwa igikorwa casa n’ikigoye cane, yabajije n’isoni n’akantu ati: ‘Mbega ubona ndi iki?’ (Kuvayo 3:11). Biboneka yuko yiyumvira ati: ‘Nta co ndi!’ canke ‘Nta co nshoboye!’. Imice itari mike y’ubuzima Musa yari yaragize ishobora kuba yatumye yumva yuko ata co ashoboye: Yari mw’ihanga ry’abaja, yari yaratewe akagere n’Abisirayeli, ntiyari imvuzi (Kuvayo 1:13, 14; 2:11-14; 4:10). Yari umwungere, uwo ukaba wari umwuga Abanyamisiri babona ko ukengeretse cane (Itanguriro 46:34). Ntibitangaje kubona yiyumvamwo ko atabereye kuba umucunguzi w’abasavyi b’Imana bari mu buja!
9 Yehova yarasubirije umutima mu nda Musa mu kumuha imihango ibiri ikomeye igira iti: “Nzoba ndi kumwe nawe, kand’iki ni co kizokubera ikimenyamenya kw ari jewe nagutumye: ni wamara gukūra ubgo bgoko muri Egiputa, kur’uyu musozi nyene ni ho muzonsabira” (Kuvayo 3:12). Imana yariko ibwira uwo musavyi wayo yariko arasuha yuko yogumye iri kumwe na we. Ikindi kandi, Yehova yariko yerekana yuko yobohoje abasavyi biwe ata kabuza. Mu binjana n’ibindi, Imana yaratanze imihango imeze nk’iyo yo gushigikira abasavyi bayo. Nk’akarorero, biciye kuri Musa, Imana yabwiye ihanga ry’Abisirayeli igihe bagira binjire mu Gihugu c’Isezerano ati: “Mushikame, mushire amanga, . . . Uhoraho Imana yanyu [n]i we azojana namwe; ntazobaheba, ntazobata” (Gusubira mu vyagezwe 31:6). Yehova kandi yarasubirije umutima mu nda Yosuwa ati: “Nta muntu n’umwe azoshobora kuguhagarara imbere imisi yose uzomara ukiriho: . . . nzobana nawe; sinzoguhemukira, sinzoguta” (Yosuwa 1:5). Vyongeye, asezeranira abakirisu ati: “Nta ho nzo[ba]hemukira, nta ho nzo[ba]ta” (Abaheburayo 13:5). Kuba dushigikiwe bimwe bikomeye gutyo bikwiye gutuma twiratira ukuba turi abakirisu!
10, 11. Wa Mulewi Asafu yafashijwe gute kuguma abona mu buryo bubereye agaciro k’umurimo yarangurira Yehova?
10 Ibinjana nka bitanu inyuma ya Musa, Umulewi umwe w’intahemuka yitwa Asafu yaranditse ata buryarya ivyerekeye amakenga yari afise ku bijanye n’akamaro ko gukurikirana ingendo igororotse. Igihe Asafu yariko agwa avyuka kugira akorere Imana naho hari ibigeragezo be n’inyosha mbi, yabonye bamwebamwe mu bacokora Imana barushiriza gukomera no gusagamba. None ivyo vyagize ingaruka iyihe kuri Asafu? Yiyemereye ati: “Ariko jeho, ibirenge vyanje kāri gato bigatirimuka, intambuko zanje zari zishigaje gatoya zikanyerera. Kuko nagirira ishari abībone, aho nabona abanyakibi baguwe neza”. Yaciye atangura kwibaza nimba kuba umusavyi wa Yehova vyoba bifise akamaro. Asafu yiyumviriye ati: “N’ukuri nogereje ubusa umutima wanje, ukudacumura nagukarabiyemw’ubusa. Kuko natewe n’ivyago umusi ukīra”.—Zaburi 73:2, 3, 13, 14.
11 None Asafu yavyifashemwo gute ku bijanye n’izo nyiyumvo zamubuza amahoro? Yoba yaranse kwemera ko azifise? Oya. Yarazibwiye Imana mw’isengesho, nk’uko tubibona mw’Izaburi ya 73. Asafu yaragize ihinduka rihambaye mu nyifato yiwe igihe yaja ahera h’urusengero. Ari ngaho, yaratahuye yuko kwibanda ku Mana vyari bikiri yo ngendo nziza kuruta izindi zose. Aho asubiriye guha agaciro ivy’impwemu, yaratahuye yuko Yehova yanka ibibi be n’uko ababisha bohanywe igihe yashinze kigeze (Zaburi 73:17-19). Asafu amaze guhindura inyifato yiwe, yararushirije gutahura yuko kuba umusavyi wa Yehova ari agateka. Yabwiye Imana ati: “Namana nawe na ntaryo, umfashe ukuboko kw’i buryo. Uzondōngōza inama ungiriye, kandi hanyuma uz’unyakirane icubahiro” (Zaburi 73:23, 24). Asafu yahavuye yongera kwishimira Imana yiwe.—Zaburi 34:2.
Bari bazi neza akaranga kabo
12, 13. Tanga uburorero bw’abantu bavugwa muri Bibiliya bishimiye ubucuti bari bafitaniye n’Imana.
12 Uburyo bumwe bwo kurushiriza kumenya neza akaranga kacu ka gikirisu ni ugusuzuma no kwigana ukwizera kw’abasavyi b’Imana b’abagumyabanga bishimiye bimwe biboneka ubucuti bari bafitaniye n’Imana naho baba bari mu ngorane. Rimbura ivyerekeye Yozefu mwene Yakobo. Akiri muto, yaragurishijwe nk’umuja maze ajanwa mu Misiri, ku bilometero amajana n’amajana uvuye kwa se wiwe yatinya Imana, hakaba no kure y’umuryango yabamwo warangwamwo igishika n’ugushigikirana. Yozefu ari mu Misiri, nta muntu yari afise yarondererako impanuro zishimwa n’Imana, kandi yabwirijwe guhangana n’ibintu bigoye vyokwerekanye nimba ari umuntu yigenza runtu kandi yiheka ku Mana. Ariko rero, biraboneka yuko yagize akigoro kavuye ku mutima ko kuguma azi neza ko ari umusavyi w’Imana, kandi yagumye ari intahemuka ku vyo yari azi ko bigororotse. Yarishimira ukuba ari umusavyi wa Yehova mbere n’igihe yaba ari ahantu hateye akaga, kandi ntiyatinye guserura ingene yiyumva.—Itanguriro 39:7-10.
13 Haciye ibinjana umunani, akigeme k’Akisirayelikazi kari katwawe inyagano kakaba akaja k’intwazangabo y’Umunyasiriya yitwa Namani, ntikibagiye ko ari agasavyi ka Yehova. Igihe haboneka akaryo, karashinze intahe nziza gashize amanga igihe kavuga ko Elisa ari umuhanuzi w’Imana y’ukuri (2 Abami 5:1-19). Haciye imyaka, wa Mwami yari akiri muto Yosiya, naho yari ahantu hononekaye, yaratanguje igikorwa catwaye imyaka myinshi co gutunganya ukundi gusha ibijanye n’ugusenga, arasanura ingoro y’Imana, yongera atuma ihanga ry’Abisirayeli risubira kuri Yehova. Yarishimira ukwizera kwiwe be n’ugusenga kwiwe (2 Ngoma, ikigabane ca 34 n’ica 35). Daniyeli na ba bagenzi biwe batatu b’Abaheburayo baba i Babiloni ntibigeze bibagira akaranga kabo k’uko bari abasavyi ba Yehova, eka mbere n’igihe bari mu mikazo n’ibigeragezo, baragumije ibanga. Si agaseseshwarumuri, bariratira kuba ari abasavyi ba Yehova.—Daniyeli 1:8-20.
Niwishimire uwo uri
14, 15. Kwiratira akaranga kacu ka gikirisu birimwo iki?
14 Abo basavyi b’Imana vyarabagendeye neza kubera batsimbataje ukwiratira mu buryo bubereye impagararo bari bafise imbere y’Imana. Tuvuge iki ku bitwerekeye muri iki gihe? Kwiratira akaranga kacu ka gikirisu birimwo iki?
15 Ubwa mbere, birimwo ugukenguruka cane ivy’uko twitirirwa izina rya Yehova, abo ahezagira kandi agashima. Imana irazi neza abayo abo ari bo. Intumwa Paulo, uwabayeho mu gihe c’umuvurungano ukomeye mu vy’idini, yanditse ati: “Uhoraho arazi abiwe” (2 Timoteyo 2:19; Guharūra 16:5). Yehova ariratira “abiwe”. Avuga ati: “Ūbakozeko aba akoze ku mbone y’ijisho ry[anj]e” (Zekariya 2:8). Biribonekeza rero yuko Yehova adukunda. Ivyo bikwiye gutuma tugiranira na we ubucuti bushingiye ku rukundo rukomeye tumufitiye. Paulo yavuze ati: “Ūkunda Imana ni we amenywa na yo”.—1 Ab’i Korinto 8:3.
16, 17. Ni kubera iki abakirisu, baba abato canke abakuze, bashobora kwishimira iragi ryabo ryo mu vy’impwemu?
16 Abakiri bato bakuriye mu miryango y’Ivyabona vya Yehova vyoba vyiza basuzumye nimba akaranga kabo ka gikirisu kariko kararushiriza gukomera biciye ku bucuti bwa hafi bafitaniye n’Imana. Ntibashobora kwiheka gusa ku kwizera kw’abavyeyi babo. Paulo yanditse ku vyerekeye umusavyi w’Imana umwumwe wese ati: “Imbere ya shebuja [n]i ho ahagarara canke agatemba”. Ku bw’ivyo, Paulo abandanya ati: “Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze” (Abaroma 14:4, 12). Biratomoye rero yuko gupfa gukurikira ugusenga kw’abavyeyi bawe bidashobora gutuma ugiranira na Yehova ubucuti buramba kandi bwa somambike.
17 Muri kahise hose, hagiye haraba ivyabona vya Yehova. Bahereye kuri wa mugabo w’intahemuka Abeli, ubu hakaba haciye nk’imyaka 6.000 abayeho, gushika kw’“ishengero ryinshi” rigizwe n’Ivyabona bo mu gihe ca none, kubandanya gushika ku masinzi y’abasavyi ba Yehova bazobaho muri kazoza kadahera (Ivyahishuriwe 7:9; Abaheburayo 11:4). Ni twe tugezweko muri urwo rukurikirane rw’abasavyi b’Imana b’intahemuka. Umve yemwe iryo ragi rihambaye ryo mu vy’impwemu twifitiye!
18. Ingingo ngenderwako be n’ingingo mfatirwako twisunga zidutandukanya gute n’isi?
18 Akaranga kacu ka gikirisu karimwo kandi ingingo ngenderwako, kamere, ingingo mfatirwako be n’ibintu vyerekena abo turi, bituranga ko turi abakirisu. Ni “Inzira”, bukaba ari bwo buryo bwonyene bwiza bwo kubaho no guhimbara Imana (Ivyakozwe 9:2; Abanyefeso 4:22-24). Abakirisu ‘baragerageza vyose’ maze ‘bakagumya ivyiza’ (1 Ab’i Tesalonike 5:21). Turatahura neza itandukaniro rinini rwose riri hagati y’ubukirisu n’isi yonkowe ku Mana. Yehova aratandukanya mu buryo butomoye ugusenga kw’ukuri n’ugusenga kw’ikinyoma. Abicishije ku muhanuzi wiwe Malaki, yavuze ati: “Muzosubira kumenya yuko har’itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera”.—Malaki 3:18.
19. Ni igiki abakirisu b’ukuri batazokwigera baba?
19 Kubera ko kwiratira Yehova bihambaye cane muri iyi si ivurunganye kandi itazi iyo ija n’iyo iva, ni ibiki vyodufasha kuguma twiratira Imana yacu no kuguma twibuka neza akaranga ka gikirisu? Mu kiganiro gikurikira, turahasanga inama zodufasha. Igihe tuzoba turiko turazihweza, urashobora guhera amazinda kuri iki kintu: Abakirisu b’ukuri ntibazokwigera baba “abatanegwa ivy’Imana”.
[Akajambo k’epfo]
a Ibi vyerekeye gusa akaranga kacu ko mu vy’impwemu. Ku bijanye n’ingorane zimwezimwe zo mu mutwe, hari aho vyoba bikenewe kuja kwa muganga.
Woba uvyibuka?
• Abakirisu bashobora gute ‘kwiratira Yehova’?
• Wigiye iki ku burorero bwa Musa na Asafu?
• Ni abantu abahe bavugwa muri Bibiliya bishimiye umurimo barangurira Imana?
• Kwiratira akaranga kacu ka gikirisu birimwo iki?
[Ifoto ku rup. 14]
Musa yarigeze kuba afise inyiyumvo z’ukwikengera
[Ifoto ku rup. 15]
Abasavyi ba Yehova ba kera barishimira akaranga kabo kabatandukanya n’abandi