-
Ubwami bw’Imana ni iki?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
7. Ubwami bw’Imana bufise amategeko meza kuruta ay’abantu
Intwaro zirashiraho amategeko agenewe gufasha no gukingira abatwarwa bazo. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko abatwarwa babwo bategerezwa gukurikiza. Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:
Wibaza ko kw’isi ibintu bizoba vyifashe gute igihe abantu bose bazoba bakurikiza amategeko y’Imana?a
Ubona Yehova afise uburenganzira bwo gusaba abatwarwa b’Ubwami bwiwe kwubahiriza amategeko yiwe? Kubera iki wishuye gutyo?
Ni igiki cerekana ko n’abantu batariko barubahiriza ayo mategeko bashobora guhinduka?—Raba umurongo wa 11.
Intwaro z’abantu zirashiraho amategeko akingira abatwarwa kandi bakayungukirako. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko meza cane akingira abatwarwa babwo kandi akabagirira akamaro
-
-
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 41
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina?
Abantu benshi ntibiborohera kuvuga ibijanye n’igitsina. Mugabo, igihe Bibiliya ivuga ibijanye n’igitsina ibivuga mu buryo budomako ariko buranga icubahiro. Ivyo ivuga biratugirira akamaro. Kandi ivyo birumvikana kubera ko Bibiliya ikomoka kuri Yehova na we akaba ari Umuremyi wacu. Rero arazi icotubera ciza. Aratubwira ico twokora kugira tumuhimbare maze tukazobaho ibihe bidahera.
1. Yehova abona gute ibijanye no guhuza ibitsina?
Guhuza ibitsina ni ingabire Yehova yahaye abantu. Yipfuza ko umugabo n’umugore bubakanye babihimbarirwa. Iyo ngabire iratuma abubakanye baronka abana. Vyongeye, iratuma bagaragarizanya igishika n’urukundo bigatuma bompi bumva bahimbawe. Ni co gituma Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Nunezeranwe n’umugore wo mu buto bwawe.” (Imigani 5:18, 19) Yehova yiteze ko abakirisu badahemukira abo bubakanye. Ku bw’ivyo, baririnda kurenga ibigo.—Soma Abaheburayo 13:4.
2. Ubusambanyi ni iki?
Bibiliya itubwira ko “[ata] basambanyi . . . bazotorana ubwami bw’Imana.” (1 Abakorinto 6:9, 10) Abanditse Bibiliya mu kigiriki, bakoresheje ijambo por·neiʹa mu kudondora ubusambanyi. Iryo jambo rirashobora gusobanura (1) ubusambanyia buba hagati y’abantu batarubakana, (2) ukuryamana kw’abasangiye igitsina, no (3) kwimara inambu y’umubiri ku bikoko. Igihe ‘twirinze ubusambanyi,’ turanezereza Yehova kandi natwe tukahungukira.—1 Abatesalonika 4:3.
TWINJIRE MU MIZI
Raba ingene ushobora kwirinda ubusambanyi be n’ingene kuguma udahumanye bizokugirira akamaro.
3. Nuhunge ubusambanyi
Umusore w’umwizigirwa yitwa Yozefu yarakoze uko ashoboye kwose kugira yirinde ubusambanyi. Nimusome Itanguriro 39:1-12, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni igiki catumye Yozefu ahunga?—Raba umurongo wa 9.
Ubona Yozefu yafashe ingingo nziza? Kubera iki wishuye gutyo?
Muri iki gihe, abakiri bato bokwigana gute Yozefu mu guhunga ubusambanyi? Nimurabe iyo VIDEWO.
Yehova yipfuza ko twese twirinda ubusambanyi. Nimusome 1 Abakorinto 6:18, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni ibiki bishobora gutuma umuntu agwa mu busambanyi?
Wohunga gute ubusambanyi?
4. Urashobora gutsinda inyosha mbi
Ni ibintu ibihe bishobora gutuma bitubera urugamba kunanira ibitwosha kugwa mu busambanyi? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Muri iyi videwo, igihe uwo muvukanyi yabona ko ivyo yiyumvira be n’ivyo yakora bishobora gutuma ahemukira umugore wiwe, yaciye akora iki?
Mbere n’abakirisu b’intahemuka birashika bakarwana urugamba kugira bagume badahumanye mu vyiyumviro. Ni igiki cogufasha kwirinda kuguma wiyumvira ivy’ubusambanyi? Nimusome Abafilipi 4:8, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni ibiki dukwiye kuguma twiyumvira?
Ni gute gusoma Bibiliya no kuguma dufise vyinshi dukora mu gikorwa ca Yehova bidufasha gutsinda inyosha mbi?
5. Amategeko ya Yehova aratugirira akamaro
Yehova arazi icotubera ciza. Aratubwira ivyo twokora kugira tugume tudahumanye mu vyiyumviro vyacu no mu ngeso zacu hamwe n’akamaro vyotugirira. Nimusome Imigani 7:7-27 canke murabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni gute uwo musore yishize mu kaga?—Raba Imigani 7:8, 9.
Twisunze Imigani 7:23, 26, ubusambanyi burashobora kugira ingaruka zibabaje. Ariko none tugumye tudahumanye, ni ingorane izihe tuba twirinze?
Ni gute kuguma tudahumanye vyodufasha kuronka ubuzima budahera?
Abantu bamwebamwe babona ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye ibitsina bitaranga urukundo. Mugabo, Yehova ni Imana y’urukundo kandi yipfuza ko abantu bose babaho ibihe bidahera. Ariko rero, dutegerezwa kubaho twisunga amategeko yiwe. Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:
Wisunze uko Imana ibona ibintu, ivyipfuzo vyo kuryamana n’abasangiye igitsina vyoba ari vyo vyonyene dukwiye kwirinda?
Kugira duhimbare Imana, twese tubwirizwa kugira ivyo duhinduye. None ivyo vyoba bihambaye? Nimusome Zaburi 19:8, 11, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ivyo Yehova adusaba ubona vyumvikana? Kubera iki wishuye gutyo?
Yehova yarafashije abantu benshi kugamburuka amategeko yiwe. Na wewe arashobora kugufasha
HARI ABAVUGA BATI: “Guhuza ibitsina ntaco bitwaye, bakire gusa kuba bikundaniye.”
Wokwishura gute?
INCAMAKE
Guhuza ibitsina ni ingabire Yehova yahaye abubakanye kugira baryoherwe.
Wize iki?
Ubusambanyi ni iki?
Ni ibiki bizodufasha kwirinda ubusambanyi?
Gukurikiza amategeko ya Yehova bitugirira akamaro akahe?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe igituma Imana yipfuza ko umugabo n’umugore bashaka kubana bakwiye kuba banditswe.
“Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kubana mutanditswe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)
Nurabe igituma ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye igitsina bidasobanura ko dukwiye kwanka ababikora.
“Kuryamana n’uwo musangiye igitsina vyoba ari bibi?” (Ikiganiro co kuri jw.org)
Nurabe ukuntu amategeko y’Imana ajanye n’ubwoko bwose bw’ubusambanyi adukingira.
“Guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka bwoba ari ubusambanyi koko?” (Ikiganiro co kuri jw.org)
Mu nkuru ivuga ngo “Baramfatanye icubahiro,” nurabe icafashije uwahoze aryamana n’abo basangiye igitsina ahindura uko yari abayeho kugira ahimbare Imana.
“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2011)
a Mu busambanyi harimwo ibintu vyinshi nko guhuza ibitsina, guhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka, kubicisha mu kibuno be no gukuyakuya ibihimba vy’irondoka vy’uwundi muntu mu ntumbero yo kubikabura.
-
-
Bigenda gute igihe ukoze igicumuro gikomeye??Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
Naho ukunda Yehova cane kandi ukaba ukora uko ushoboye kwose kugira ngo wirinde ikintu comubabaza, bizoshika ukore amakosa. Yamara usanga ibicumuro bimwebimwe bikomeye kuruta ibindi. (1 Abakorinto 6:9, 10) Igihe ukoze igicumuro gikomeye, niwibuke ko Yehova adaca ahagarika kugukunda. Yama yiteguriye kukubabarira no kugufasha.
1. Twokora iki kugira Yehova atubabarire?
Abantu bakunda Yehova barababara cane iyo babonye ko bakoze igicumuro gikomeye. Ariko bararemeshwa n’ivyo Yehova asezeranira abasavyi biwe. Avuga ati: “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere.” (Yesaya 1:18) Nitwigaya vy’ukuri, Yehova azotubabarira aherejeko. Twerekana gute ko twigaya? Tuvyerekana mu kwicuza kubera ikibi twakoze, tukirinda gusubira kugikora maze tugasaba Yehova ikigongwe. Hanyuma turihatira guhindura ibintu vyatumye dukora ico gicumuro, nimba ari ivyiyumviro canke ingeso mbi, maze tukabaho duhuza n’ingingo ngenderwako za Yehova zigororotse.—Soma Yesaya 55:6, 7.
2. Yehova akoresha gute abakurambere mu kudufasha igihe twacumuye?
Igihe twakoze igicumuro gikomeye, Yehova adusaba guhamagara “abagabo b’inararibonye b’ishengero.” (Soma Yakobo 5:14, 15.) Abo bagabo, ni ukuvuga abakurambere, barakunda Yehova n’abasavyi biwe. Barigishijwe ukuntu bodufasha gusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova.—Abagalatiya 6:1.
None abakurambere badufasha gute igihe twakoze igicumuro gikomeye? Abakurambere babiri canke batatu baraduhanura bakoresheje Ivyanditswe. Baraturonsa kandi impanuro ngirakamaro zidufasha kudasubira gukora ico gicumuro. Igihe hari uwakoze igicumuro gikomeye ariko ntiyigaye, abakurambere barafata ingingo yo kumukura mwʼishengero kugira ngo barikingire.
TWINJIRE MU MIZI
Nurushirize gutahura wongere ukenguruke ukuntu Yehova adufasha igihe twakoze igicumuro gikomeye.
3. Kwatura biratuma dusubira kugiranira ubucuti bwiza na Yehova
Igicumuro ico ari co cose twokora kirababaza Yehova. Rero dutegerezwa kukimwaturira. Nimusome Zaburi 32:1-5, muce muganira kuri iki kibazo:
Kubera iki bibereye ko twaturira ibicumuro vyacu Yehova aho kugerageza kubihisha?
Tumaze kwaturira ibicumuro vyacu Yehova maze tugasaba abakurambere ngo badufashe, tuzorushiriza kwumva turuhuriwe. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Muri iyo videwo, ni gute abakurambere bafashije Canon kugaruka kuri Yehova?
Igihe tuyaga n’abakurambere, turakwiye kuvuga ukuri kwose. Nakare bahari kugira badufashe. Nimusome Yakobo 5:16, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni gute kubwira ukuri kwose abakurambere bituma vyoroha ko badufasha?
Niwature igicumuro cawe, ubwize ukuri abakurambere maze wemere imfashanyo iranga urukundo Yehova aguha
4. Yehova aragirira imbabazi abacumuzi
Igihe umuntu akoze igicumuro gikomeye yanse gukurikiza ingingo ngenderwako za Yehova arakurwa mw’ishengero, kandi ntituba tucifatanya na we. Nimusome 1 Abakorinto 5:6, 11, muce muganira kuri iki kibazo:
Nka kurya akambiro gakeyi kambira irobe ryose, ni gute kwifatanya n’umucumuzi atigaya bigira ingaruka ku bagize ishengero?
Abakurambere barigana imbabazi Yehova agirira abacumuzi mu kwihatira gufasha abakuwe mwʼishengero. Benshi mu bari barakuwe mw’ishengero bahavuye bagaruka. Uti kubera iki? Kubera ko naho gukurwa mw’ishengero bibabaje, bituma umuntu abona ko ivyo yari yakoze ari bibi.—Zaburi 141:5.
Ukuntu Yehova afata abacumuzi vyerekana gute ko ari Imana itarenza urugero, yʼimbabazi kandi ikundana?
5. Igihe twigaye Yehova aratubabarira
Yezu yaratanze ikigereranyo kidufasha gutahura ukuntu Yehova yiyumva iyo umuntu yigaye. Nimusome Luka 15:1-7, muce muganira kuri iki kibazo:
Ivyo bikwigisha iki ku vyerekeye Yehova?
Nimusome Ezekiyeli 33:11, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni ikintu gihambaye ikihe twokora kugira twerekane ko twigaye vy’ukuri?
Nka kurya kw’umwungere, Yehova aritwararika cane intama ziwe
HARI ABAVUGA BATI: “Ndatinya kubwira abakurambere ikosa nakoze kubera bohava bankura mw’ishengero.”
Wobwira iki umuntu yiyumva gutyo?
INCAMAKE
Nitwakora igicumuro gikomeye ariko tukigaya vy’ukuri kandi tukiyemeza kudasubira kugikora, Yehova azotubabarira.
Wize iki?
Kubera iki ari vyiza kwaturira Yehova ibicumuro vyacu?
Ni igiki dukwiye gukora kugira tubabarirwe ibicumuro vyacu?
Igihe dukoze igicumuro gikomeye, kubera iki bihambaye ko twitura abakurambere?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe ukuntu umugabo umwe yiboneye imbabazi za Yehova zivugwa muri Yesaya 1:18.
Abakurambere bagerageza gute gufasha ababa bakoze igicumuro gikomeye?
Raba ingene abakuwe mwʼishengero bagaragarizwa urukundo nʼimbabazi.
“Ingene abakurambere bofasha abakuwe mw’ishengero” (Umunara w’Inderetsi, Myandagaro 2024)
Mu nkuru ivuga ngo “Nari nkeneye kugaruka kuri Yehova,” nurabe icatumye umugabo umwe yari yarahevye ukuri yibonera ko Yehova yamukwegereye kugira amugarukeko.
“Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu” (Umunara w’Inderetsi, 1 Ndamukiza 2012)
-