ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 7. Ubwami bw’Imana bufise amategeko meza kuruta ay’abantu

      Intwaro zirashiraho amategeko agenewe gufasha no gukingira abatwarwa bazo. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko abatwarwa babwo bategerezwa gukurikiza. Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wibaza ko kw’isi ibintu bizoba vyifashe gute igihe abantu bose bazoba bakurikiza amategeko y’Imana?a

      • Ubona Yehova afise uburenganzira bwo gusaba abatwarwa b’Ubwami bwiwe kwubahiriza amategeko yiwe? Kubera iki wishuye gutyo?

      • Ni igiki cerekana ko n’abantu batariko barubahiriza ayo mategeko bashobora guhinduka?—Raba umurongo wa 11.

      Umupolisi ariko arahagarika imodoka kugira abantu biborohere kujabuka. Abantu b’imyaka itandukanye bariko barajabuka.

      Intwaro z’abantu zirashiraho amategeko akingira abatwarwa kandi bakayungukirako. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko meza cane akingira abatwarwa babwo kandi akabagirira akamaro

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Yehova arazi icotubera ciza. Aratubwira ivyo twokora kugira tugume tudahumanye mu vyiyumviro vyacu no mu ngeso zacu hamwe n’akamaro vyotugirira. Nimusome Imigani 7:7-27 canke murabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Nugire umutima w’ubukerebutsi (9:31)

      • Ni gute uwo musore yishize mu kaga?—Raba Imigani 7:8, 9.

      • Twisunze Imigani 7:23, 26, ubusambanyi burashobora kugira ingaruka zibabaje. Ariko none tugumye tudahumanye, ni ingorane izihe tuba twirinze?

      • Ni gute kuguma tudahumanye vyodufasha kuronka ubuzima budahera?

      Abantu bamwebamwe babona ko ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’ukuryamana kw’abasangiye ibitsina bitaranga urukundo. Mugabo, Yehova ni Imana y’urukundo kandi yipfuza ko abantu bose babaho ibihe bidahera. Ariko rero, dutegerezwa kubaho twisunga amategeko yiwe. Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Wisunze uko Imana ibona ibintu, ivyipfuzo vyo kuryamana n’abasangiye igitsina vyoba ari vyo vyonyene dukwiye kwirinda?

      Kugira duhimbare Imana, twese tubwirizwa kugira ivyo duhinduye. None ivyo vyoba bihambaye? Nimusome Zaburi 19:8, 11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Ivyo Yehova adusaba ubona vyumvikana? Kubera iki wishuye gutyo?

      Amafoto: 1. Umukobwa w’umuyabaga yicaranye n’umuhungu bakundanye, ariko akaba ataryohewe. Ariko anywa inzoga n’itabi ari kumwe n’abagenzi biwe mu butambiro bw’ijoro. 2. Wa mukobwa nyene ariko araganira n’abandi badada ku Ngoro y’Ubwami kandi arahimbawe.

      Yehova yarafashije abantu benshi kugamburuka amategeko yiwe. Na wewe arashobora kugufasha

  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye no kunywa inzoga?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 6. Ivyofasha umuntu guheba kunywa inzoga birenze urugero

      Nurabe icafashije umugabo umwe guheba kunywa inzoga birenze urugero. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: “Ingeso zanje zari zingeze ahantu” (6:32)

      Amafoto: Amafoto yakuwe mw’ividewo ivuga ngo ‘Ingeso zanje zari zingeze ahantu.’ 1. Dmitry ariko yitegereza icupa ry’inzoga. 2. Dmitry ari kumwe n’umugore wiwe n’umukobwa wabo bariko barigira hamwe Bibiliya.
      • Muri iyo videwo, inzoga zatuma Dmitry yigenza gute?

      • Vyoba vyaramworoheye guheba inzoga?

      • Ni igiki cahavuye kimufasha guheba kunywa inzoga birenze urugero?

      Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Kunywa birenze ni bibi ku rugero rungana gute?

      • Ni igiki cerekana ko umuntu anywa inzoga birenze ashobora guhinduka?

      Nimusome Matayo 5:30, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Igihe Yezu yakoresha ikigereranyo kijanye no guca ukuboko, yashaka kuvuga ko hari igihe biba ngombwa ko tugira ivyo duhevye kugira duhimbare Yehova. Wokora iki nimba uriko urarwana urugamba rwo guheba kunywa inzoga birenze urugero?a

      Nimusome 1 Abakorinto 15:33, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Hamwe wokwifatanya n’abantu banywa inzoga birenze urugero, vyokugirako ingaruka izihe?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika