-
Ingene twoguma twitandukanije n’isi“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
-
-
3. (a) Ni kubera iki Yezu ataja muri politike? (b) Kubera iki twovuga ko abayoboke ba Yezu barobanuwe baserukira Ubwami? (Raba n’akajambo k’epfo.)
3 Aho kuja muri politike yo mu gihe ciwe, Yezu yihebeye igikorwa co kwamamaza Ubwami bw’Imana, ya ntwaro yo mw’ijuru yohavuye aganza. (Daniyeli 7:13, 14; Luka 4:43; 17:20, 21) Ni co gituma Yezu yabwiye buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.” (Yohani 18:36) Abigishwa biwe b’abizigirwa barigana akarorero kiwe. Baguma ari intahemuka kuri Kristu no ku Bwami bwiwe bakongera bakabwamamaza mw’isi. (Matayo 24:14) Intumwa Paulo yanditse ati: “Turi rero abaserukira Kristu. . . . Mu kibanza ca Kristu, turabinginga duti: ‘Nimusubize hamwe n’Imana.’”a—2 Abakorinto 5:20.
4. Abakirisu bose b’ukuri bagaragaje gute ko ari intahemuka ku Bwami bw’Imana? (Raba uruzitiro “Abakirisu bo mu ntango ntibaja muri politike.”)
4 Abaserukira ibihugu vyabo mu makungu ntibisuka mu bintu vyega ibihugu bakoreramwo; ntibivanga muri politike. Ico bakora ni ukuvugira leta y’igihugu baserukira. Ukwo ni ko bimeze no ku bayoboke barobanuwe ba Kristu, abo “ubwenegihugu bwa[bo] buri mw’ijuru.” (Abafilipi 3:20) Nkako, kubera ko bamamaza Ubwami n’umwete, barafashije abantu amamiliyoni bo mu “zindi ntama” za Kristu ‘gusubiza hamwe n’Imana.’ (Yohani 10:16; Matayo 25:31-40) Abo bantu na bo barashigikira abavukanyi ba Kristu barobanuwe. Kubera ko abari muri iyo migwi yompi bagize ubusho bwunze ubumwe buburanira Ubwami burongowe na Mesiya, baririnda cane kuja muri politike.—Soma Yesaya 2:2-4.
-
-
Ingene twoguma twitandukanije n’isi“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
-
-
a Kuva kuri Pentekoti yo mu 33, Yezu yarabaye Umwami w’ishengero ryiwe rigizwe n’abayoboke barobanuwe bari kw’isi. (Abakolosayi 1:13) Mu 1914, Kristu yarimitswe ngo aganze “ubwami bw’isi.” Ni co gituma abakirisu barobanuwe bo muri iki gihe na bo nyene baserukira Ubwami burongowe na Mesiya.—Ivyahishuwe 11:15.
-