ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Uyu Ni Wo Musi wo Gukirizwako!
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Nzero
    • 12. Ni igikenurwa ikihe gihambaye kiriko kirangurwa n’ivyariho vya Yehova be n’intumwa ziwe?

      12 Kugira ngo turonke ubukiriro, dutegerezwa gukora ibihuye n’aya majambo ya Paulo agira ati: ‘Ko dukorana na yo [Imana Yehova], turabinginga, ntimuhērwe ubuntu mudakwiriye bg’Imana gupfa ubusa: kuko yavuze, ati Mu gihe co kwemererwamwo ndakwumvise, no ku musi wo gukirizwako ndagutabaye. Ehe! ubu ni igihe nyaco co kwemererwamwo, ehe! uyu ni wo musi wo gukirizwako.’ (2 Ab’i Korinto 6:1, 2) Ivyariho basizwe ba Yehova be n’intumwa ziwe, ni ukuvuga “izindi ntama,” ntibemera kwakira ubuntu badakwiriye bwa Se wo mw’ijuru hanyuma ngo babupfishe ubusa. (Yohana 10:16) Biciye ku kwigenza mu buryo bugororotse no ku gikenurwa bakorana umwete muri iki ‘gihe co kwemererwamwo,’ bararondera gutona ku Mana kandi bakamenyesha ababa kw’isi yuko uyu ari ‘umusi wo gukirizwako.’

  • Uyu Ni Wo Musi wo Gukirizwako!
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Nzero
    • 15. Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu bihase kugaragaza kuva ryari yuko bibereye ko bagirirwa n’Imana ubuntu badakwiriye, kandi babigize bafise iyihe ntumbero?

      15 Paulo yerekeza Yesaya 49:8 ku Bakirisu basizwe, abinginga ‘kudapfisha ubusa ubuntu bw’Imana’ mu kunanirwa kurondera ukwemerwa na yo mu ‘gihe co kwemererwamwo’ no ku ‘musi wo gukurizwako’ itanga. Paulo yongerako ati: ‘Ehe! ubu ni igihe nyaco co kwemererwamwo, ehe! uyu ni wo musi wo gukirizwako.’ (2 Ab’i Korinto 6:2, NW) Kuva kuri Pentekote yo mu 33 G.C., Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu barihase kugaragaza ko bibereye yuko bagirirwa ubuntu badakwiriye bw’Imana kugira ngo ‘igihe co kwemererwamwo’ gishobore kubabera ‘umusi wo gukirizwako.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika