-
Aho amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami avaUbwami bw’Imana buraganza!
-
-
10 Imvo ya mbere: turatanga intererano ku bushake kubera ko dukunda Yehova kandi twipfuza gukora “ibihimbaye mu maso [yiwe].” (1 Yoh. 3:22) Yehova arahimbarwa koko n’uwumusenga atanga abikuye ku mutima. Reka twihweze amajambo intumwa Paulo yavuze ku bijanye n’ukuntu abakirisu batanga. (Soma 2 Abakorinto 9:7.) Umukirisu w’ukuri ntagonanwa canke ngo agoberwe gutanga. Ahubwo atanga kubera “yavyiyemeje mu mutima wiwe.”c Ivyo bisobanura ko atanga abanje kuzirikana ibikenewe be n’ico yofasha. Yehova arakunda cane umuntu nk’uyo, kuko “Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” Iyindi Bibiliya ivuga iti: “Imana ikunda abantu bakunda gutanga.”
-
-
Aho amahera akoreshwa mu bikorwa vy’Ubwami avaUbwami bw’Imana buraganza!
-
-
c Umuhinga umwe avuga ko ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “yavyiyemeje” “rifise iciyumviro co gushinga imbere y’igihe.” Yongerako ati: “Naho gutanga uko bikujemwo birimwo umunezero, bitegerezwa gutegurwa kandi bikagirwa mu rutonde.”—1 Kor. 16:2.
-