ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Nitwigane Imbabazi za Yehova
    Umunara w’Inderetsi—1998 | 1 Gitugutu
    • 17. (a) Ni ibintu ibihe vyashitse i Korinto mu kinjana ca mbere, kandi Paulo yahanuye gute abari muri iryo shengero gutorera umuti ico kibazo? (b) Ni kuki inkeburo ya Paulo yari ngirakimazi, kandi ni gute dushobora kuyishira mu ngiro muri iki gihe? (Raba uruzitiro ruri iburyo.)

      17 Kugira ngo bidufashe kwisuzuma muri ivyo, reka turimbure ivyabaye nko mu mwaka wa 55 G.C. i Korinto. Aho i Korinto, hari umuntu yari yarirukanywe mw’ishengero amaherezo aratyorora ubuzima bwiwe. Abavukanyi bari bakwiye kuvyifatamwo bate? Boba bari bakwiye kwinuba uwo yihanye vyongeye bakabandanya kumuhunga? Ahubwo riho Paulo yahimirije Abanyakorinto ati: “Mukwiye cane-cane kumuharira, no kumwirura, ng’ūmeze artyo ntarengerwe n’umubabaro usāgutse. Nuko ndabinginga mukomeze urukundo kuri we.” (2 Ab’i Korinto 2:7, 8) Kenshi, abakoze ibibi bihanye usanga canecane bakunda kugira ibimaramare kandi bakihebura. Bituma rero abo bantu bakenera gusubirizwa umutima mu nda yuko bakundwa n’abo bahuje ukwemera be na Yehova. (Yeremiya 31:3; Abaroma 1:12) Ivyo ni nkenerwa cane. Kuki?

  • Nitwigane Imbabazi za Yehova
    Umunara w’Inderetsi—1998 | 1 Gitugutu
    • 19 Iyo na ho baja kugwa ku kundi kurenza urugero maze bakanka guharira uwihanye, Shetani yoronse ico abatsindisha mu yindi nzira. Gute? Mu kubonera akaryo ku kuba abakaze n’imburakigongwe. Uwo mucumuzi yihanye aramutse ‘arengerewe n’umubabaro usāgutse’—canke, nk’uko Bibiliya yitwa Today’s English Version ibihindura ngo “agatuntura ku buryo yihebura buhere”—ese ukuntu abo bakurambere bobaye bikoreye runini imbere ya Yehova! (Gereranya na Ezekiyeli 34:6; Yakobo 3:1) Yezu amaze kugabisha abayoboke biwe ngo birinde gutsitaza “n’umwe mur’aba bato,” yaciye avuga bikwiriye ati: “Mwirinde; mugenzawe niyakora icaha, umuhanūre; ni yihana, umuharire.”a—Luka 17:1-4, ni twe duhiritse izo ndome.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika