-
Woba wari ubizi?Umunara w’Inderetsi—2010 | 1 Myandagaro
-
-
Ni igiki intumwa Paulo yabona mu bwenge igihe yavuga ibijanye n’“urugendo rw’intsinzi”?
▪ Paulo yanditse ati: “Imana . . . iturongora mu rugendo rw’intsinzi twifatanije na Kristu kandi igatuma akamoto k’ubumenyi buyerekeye kumvikana biciye kuri twebwe ahantu hose! Kuko ku Mana turi akamoto keza ka Kristu mu bariko barakizwa no mu bariko barahona; ku ba kabiri turi akamoto kava mu rupfu kaja mu rupfu, ku ba mbere akamoto kava mu buzima kaja mu buzima.”—2 Abakorinto 2:14-16.
Iyo ntumwa yariko ivuga ibijanye n’umugenzo Abaroma bari bafise wo kugira urugendo rwo kwigina intsinzi rwatera iteka umujenerali yaba yatsinze abansi b’igihugu. Muri ivyo birori, bagenda barerekana iminyago be n’imbohe z’intambara, impfizi z’inka zikaba ziriko zirajanwa aho ziza gutangwako ikimazi, mu gihe nya mujenerali yatahukanye intsinzi be n’ingabo ziwe na bo baba bariko bavugirizwa impundu. Urwo rugendo rurangiye, izo mpfizi zaca zitangwako ikimazi, kandi benshi muri za mbohe barashobora kwicwa.
Ku bijanye n’imvugo mberanya ngo “akamoto keza ka Kristu,” agasobanura ubuzima kuri bamwe kagasobanura urupfu ku bandi, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga yuko “ishobora kuba yakuwe ku mugenzo Abaroma bari bafise wo kugenda barosa imibavu bari muri urwo rugendo” rw’intsinzi. Iyo nkoranyabumenyi ibandanya iti: “Ako kamoto kasobanura intsinzi ku bayitahukanye, kibutsa imbohe zafatiwe ku rugamba urupfu rwashobora kuba rubarindiriye.”a
-
-
Woba wari ubizi?Umunara w’Inderetsi—2010 | 1 Myandagaro
-
-
a Ushaka kumenya insobanuro yo mu vy’Imana y’ico kigereranyo Paulo yakoresheje, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1990, urupapuro rwa 27.
[Ifoto ku rup. 23]
Igihimba c’igishushanyo cerekana urugendo rw’intsinzi rw’Abaroma, mu kinjana ca kabiri G.C.
[Abo dukesha ifoto]
Ifoto yafashwe bitangiwe uburenganzira na British Museum
-