-
“Barujujwe umunezero be n’impwemu nyeranda”“Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana”
-
-
10. Vuga ukuntu urugendo rwo kuva i Peruga uja i Antiyokiya h’i Pisidiya rwari rumeze.
10 Bashitse i Peruga, Yohani Mariko yaciye atandukanya na Pawulo be na Barunaba, maze yisubirira i Yeruzalemu. Bibiliya ntivuga igituma yafashe iyo ngingo giturumbuka. Pawulo na Barunaba barakomeje urugendo, bava i Peruga baja i Antiyokiya h’i Pisidiya, igisagara co mu ntara ya Galatiya. Urwo rugendo ntirwari rworoshe, kubera ko ico gisagara cari nko ku burebure bw’imetero 1.100 ufatiye ku rugero rw’ibahari. Uretse ko utuyira two mu misozi bacamwo twari tumeze nabi, twari dukunze kubamwo abambuzi. Ikigeretse kuri ivyo, bishoboka ko ico gihe Pawulo yari afise ingorane z’amagara.h
-