-
Ivyodufasha gufata ingingo nzizaUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
3. Nureke Bibiliya ikuyobore
Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zishobora gute kudufasha igihe dufata ingingo? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni ingabire idasanzwe iyihe Yehova yaduhaye?
Kubera iki Yehova yaduhaye umwidegemvyo wo kwihitiramwo?
Ni ibiki Yehova yaduhaye kugira ngo dushobore gukoresha neza umwidegemvyo wacu wo kwihitiramwo?
Kugira ubone akarorero kamwe k’ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya, nimusome Abanyefeso 5:15, 16. Nimuce muganira ku kuntu ‘wokwicungurira umwanya ubereye’ kugira . . .
usome Bibiliya buri musi.
wimenyereze kuba umugabo canke umukenyezi mwiza, umuvyeyi mwiza canke umwana ameze neza.
witabe amakoraniro.
-
-
Nuhitemwo uburyo bwo kwinezereza buhimbara YehovaUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
2. Kubera iki bihambaye ko dusuzuma umwanya tumara twinezereza?
Naho uburyo bwo kwinezereza twohitamwo bwoba ata co butwaye, turakwiye kuba maso ntibudutware umwanya munini. Atari ukwo, twohava dusanga tubuze umwanya wo gukora ibintu bihambaye. Bibiliya ituremesha “[kwicungurira] umwanya ubereye.”—Soma Abanyefeso 5:15, 16.
-
-
Nuhitemwo uburyo bwo kwinezereza buhimbara YehovaUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
4. Nukoreshe neza umwanya wawe
Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Muri iyo videwo, naho ivyo uwo muvukanyi yaraba ata co vyari bitwaye, yari afise ingorane iyihe?
Nimusome Abafilipi 1:10, muce muganira kuri iki kibazo:
Ico canditswe codufasha gute guhitamwo neza umwanya twomara turiko turinezereza?
-