-
Ukugamburuka—Coba Ari Icigwa Gihambaye co mu Bwana?Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Ndamukiza
-
-
“Kugira ng’Uronke Amahoro”
Paulo yarerekeje ku yindi mpera y’ukugamburuka igihe yandika ati: “Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’isezerano, kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.” (Abanyefeso 6:2, 3; Kuvayo 20:12) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe ukugamburukira abavyeyi gushobora gutuma umuntu amererwa neza?
Ubwa mbere ho, si ivy’ukuri none yuko abavyeyi bababoneye izuba kandi bazi utuntu n’utundi bo batazi? Naho boba basa n’abatazi vyinshi ku vyerekeye orodinateri canke ibindi vyigwa bimwebimwe vyigishwa mw’ishure, barazi vyinshi ku vyerekeye uburyo bwo kubaho n’ukwigwanako mu ngorane zo mu buzima. Ku rundi ruhande, abakiri bato ntibagira ivyiyumviro birimbanye bizanwa n’ukuba umuntu ahumuye. Ni co gituma bafise impengamiro yo kwihutagiza mu vy’ugufata ingingo, kenshi na kenshi bagakurikira akosho kabi k’urunganwe, kenshi bikaba ari bo bigirira nabi. Ata kwibesha, Bibiliya ivuga iti: “Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana.” None umuti ni uwuhe? “Inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe.”—Imigani 22:15.
Ivyiza biva ku kugamburuka ntibigarukira gusa ku bucuti umwana agiranira n’abavyeyi. Kugira ngo ikibano c’abantu gikore mu buryo bworoshe kandi buri n’ico buvamwo, hategerezwa kuba ugusenyera ku mugozi umwe, ivyo na vyo bikaba bisaba urugero runaka rwo kugamburuka. Nk’akarorero, mu mubano w’ababiranye, igituma haba amahoro, itekane n’ubuhirwe ni ukugira umutima ukunze wo kwiyorosha si ukuba umuntu asaba vyinshi kandi uburenganzira be n’inyiyumvo vy’abandi bikaba ataco bimubwiye. Ku kazi, ukugamburuka kw’umukozi kurasabwa kugira ngo igikorwa ico ari co cose canke akigoro ako ari ko kose karoranirwe. Mu bijanye n’amategeko be n’amabwirizwa vyo mu vy’intwaro, ukugamburuka ntigutuma gusa umuntu adahanwa ariko kandi kuratuma n’imiburiburi ku rugero runaka atagira inkomanzi kandi akingirwa.—Abaroma 13:1-7; Abanyefeso 5:21-25; 6:5-8.
Abakiri bato bagambararira abakuru kenshi na kenshi bacika abatabereye mu kibano. Icigwa co kugamburuka cigwa mu bwana coco kirashobora gukoreshwa mu buzima bwose bw’umuntu mu buryo ngirakamaro. Ese ukuntu ari nzanakunguko kwiga ivyo bintu mu bwana!
-
-
Ukugamburuka—Coba Ari Icigwa Gihambaye co mu Bwana?Umunara w’Inderetsi—2001 | 1 Ndamukiza
-
-
Niwibuke yuko nk’uko intumwa Paulo yabivuze, icagezwe co kugamburukira abavyeyi kiza gifise umuhango urimwo ibiri, ni ukuvuga uw’uko ‘uronka amahoro kandi ukarambira kw isi.’ Icemeza uwo muhango tugisanga mu Migani 3:1, 2, ahavuga hati: “Mwana wanje, ntuze wibagire ukwigisha kwanje, arik’umutima wawe witondere amabgirizwa yanje: kuko bizokwongerakw imisi myinshi, n’imyaka yo kuramvya ubu[zima], n’amahoro.” Impera nini y’abagamburuka ni ubucuti ubwabo bagiranira na Yehova ubu be n’ubuzima budahera mw’isi nshasha y’amahoro.—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
-