-
Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’igitsina?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
4. Urashobora gutsinda inyosha mbi
Ni ibintu ibihe bishobora gutuma bitubera urugamba kunanira ibitwosha kugwa mu busambanyi? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Muri iyi videwo, igihe uwo muvukanyi yabona ko ivyo yiyumvira be n’ivyo yakora bishobora gutuma ahemukira umugore wiwe, yaciye akora iki?
Mbere n’abakirisu b’intahemuka birashika bakarwana urugamba kugira bagume badahumanye mu vyiyumviro. Ni igiki cogufasha kwirinda kuguma wiyumvira ivy’ubusambanyi? Nimusome Abafilipi 4:8, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni ibiki dukwiye kuguma twiyumvira?
Ni gute gusoma Bibiliya no kuguma dufise vyinshi dukora mu gikorwa ca Yehova bidufasha gutsinda inyosha mbi?
-
-
Dushobora gute kunezereza Yehova mu majambo tuvuga?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
3. Ni ibiki vyodufasha gukoresha imvugo iremesha?
Akenshi ivyo tuvuga biragaragaza uko twiyumva be n’ivyo twiyumvira. (Luka 6:45) Turakwiye rero kwimenyereza kwama dushira ku mutima wacu ibintu vyiza ni ukuvuga ibintu bigororotse, bitanduye, vyo gukundwa kandi bibereye gushimagizwa. (Abafilipi 4:8) Kugira dushobore kuguma twiyumvira ivyo bintu, dutegerezwa guhitamwo abagenzi beza be n’uburyo bwiza bwo kwinezereza. (Imigani 13:20) Gushira ku mutima wacu ivyo bintu vyiza bizodufasha kandi kuzirikana amajambo twovuga be n’ukuntu twoyavuga. Nuzirikane ku kuntu amajambo uvuga ashobora kugira ico akoze ku bandi. Bibiliya ivuga iti: “Hari uwuvuga atiyumviriye nk’aho avuganye ugusogota kw’inkota, mugabo ururimi rw’abantu b’inkerebutsi ruravūra.”—Imigani 12:18.
-