-
Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingiraUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
3. Ni ibiki umuntu yokora imbere y’uko abatizwa?
Imbere y’uko ubatizwa, birahambaye yuko wiga ivyerekeye Yehova ukongera ugakomeza ukwizera kwawe. (Soma Abaheburayo 11:6.) Uko ubumenyi ufise bwiyongera n’ukwizera kwawe kugakomera ni ko n’urukundo ukunda Yehova ruzorushiriza kwongerekana. Ivyo bizotuma ugira icipfuzo co kubwira abandi ibimwerekeye be no kubaho wisunga ingingo ngenderwako ziwe. (2 Timoteyo 4:2; 1 Yohani 5:3) Igihe umuntu abayeho “nk’uko bibereye Yehova ngo [a]mushimishe bimwe bishitse,” nta gukeka ko azoca agira icipfuzo co kumwiyegurira maze akabatizwa.—Abakolosayi 1:9, 10.a
-
-
Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingiraUrashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
a N’igihe umuntu aba yarabatijwe mu rindi dini, arakenera kwongera kubatizwa. Uti kubera iki? Kubera ko iryo dini ritaba ryigisha ukuri kwo muri Bibiliya.—Raba Ivyakozwe 19:1-5 n’icigwa ca 13.
-
-
Woba witeguriye kubatizwa?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
1. Ukwiye kuba uzi ibintu bingana gute imbere y’uko ubatizwa?
Imbere y’uko ubatizwa, ukwiye kuba ufise “ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:4) Ivyo ntibisigura ko utegerezwa kuba uzi inyishu z’ibibazo vyose bishingiye kuri Bibiliya imbere y’uko ubatizwa. Mbere n’abakirisu bamaze igihe kirekire babatijwe barabandanya kwiga. (Abakolosayi 1:9, 10) Ariko rero urakeneye kuba uzi inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya. Abakurambere bo mw’ishengero bazogufasha kumenya nimba ufise ubumenyi buhagije.
-