-
“Ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza”!Umunara w’Inderetsi—2015 | 15 Mukakaro
-
-
14, 15. Ni igikorwa co gukoraniriza hamwe abatowe ikihe kizoba Gogi w’i Magogi amaze gutangura kugaba igitero, kandi ukwo gukoranirizwa hamwe kuzogirwa gute?
14 Ni igiki kizoba Gogi w’i Magogi amaze gutangura kugaba igitero ku basavyi b’Imana? Muri Matayo no muri Mariko higana hati: “[Umwana w’umuntu] azotuma abamarayika, akoranirize hamwe abatowe biwe bo muri ya miyaga ine, kuva ku mpera y’isi gushika ku mpera y’ijuru.” (Mrk. 13:27; Mat. 24:31) Ico gikorwa co gukoraniriza hamwe abatowe nticerekeza ku gikorwa co gukoraniriza hamwe abarobanuwe kiba ubwa mbere; eka kandi nticerekeza ku kudoma ikidodo ubwa nyuma ku barobanuwe bazoba bakiri kw’isi. (Mat. 13:37, 38) Ukwo kubadomako ikidodo kuba imbere y’uko ya makuba akomeye atangura. (Ivyah. 7:1-4) None ico gikorwa co gukoraniriza hamwe Yezu avuga, kizoba ryari? Kizoba abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi baronse impera yabo yo kuja mw’ijuru. (1 Tes. 4:15-17; Ivyah. 14:1) Ivyo bizoshika ca gitero ca Gogi w’i Magogi kimaze gutangura. (Ezk. 38:11) Amajambo ya Yezu azoca rero aranguka. Avuga ati: “Ico gihe abagororotsi bazokayangana nk’izuba mu bwami bwa Se.”—Mat. 13:43.c
15 Ivyo vyoba bisobanura ko hazoba icitwa ngo ni ukuduzwa kw’abarobanuwe? Abantu benshi bo mu madini y’abiyita abakirisu bisunze iyo nyigisho, bemera ko abakirisu bazoduzwa bari mu mubiri bakuwe kw’isi. Biteze rero ko Yezu azogaruka mu buryo buboneka aje kuganza isi. Ariko rero, Bibiliya irerekana neza yuko “ikimenyetso c’Umwana w’umuntu” kizoboneka mw’ijuru be n’uko Yezu azoza “ku bicu vyo kw’ijuru.” (Mat. 24:30) Izo mvugo zompi zerekeza ku kintu kitaboneka. Bibiliya ivuga kandi ko “inyama n’amaraso bidashobora gutorana ubwami bw’Imana.” Ku bw’ivyo, abazojanwa mw’ijuru bazoba bakeneye kubanza ‘guhindurwa, mu kanya gato, mu kanya nk’ako kuvuna urugohe mu gihe c’urumbete rwa nyuma.’d (Soma 1 Abakorinto 15:50-53.) Naho rero ng’aha tudakoresha imvugo ukuduzwa kubera ko itanga iciyumviro kitari co, abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi bazokoranirizwa hamwe mu kanya isase.
-