ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Dushobora gute kuguma ‘turindiriye’?
    Umunara w’Inderetsi—2013 | 15 Munyonyo
    • 9-11. Ibivugwa mu 1 Abatesalonika 5:3 vyoba vyararangutse? Sigura.

      9 Soma 1 Abatesalonika 5:1-3. Muri kazoza ka hafi, amahanga azovuga ngo “Amahoro n’umutekano!” Kugira ngo ayo majambo ntaze avugwe tutiteguye, turakeneye ‘kuguma turikanuye kandi tukazigama ubwenge bwacu.’ (1 Tes. 5:6) Kugira ngo dufashwe kuguma turikanuye mu buryo bw’impwemu, nimuze twihweze muri make ibintu biriko biraba bizoshikana kuri iryo tangazo rihambaye.

      10 Igihe cose imwimwe muri za ntambara zibiri z’isi yose yaba irangiye, amahanga yarasemerera asaba amahoro. Inyuma y’intambara ya mbere y’isi yose, harashinzwe Umuhari w’amahanga mu ntumbero yo kuzana amahoro. Mu nyuma, intambara ya kabiri y’isi yose irangiye, abantu benshi barizigiye yuko Ishirahamwe mpuzamakungu ryozanye amahoro kw’isi. Indongozi mu vy’intwaro hamwe n’indongozi z’amadini zarahanze amaso ayo mashirahamwe ziteze ko azanira amahoro abantu. Nk’akarorero, mu 1986, Ishirahamwe mpuzamakungu ryaremeje ko uwo mwaka utangazwa hose yuko ari Umwaka mpuzamakungu w’amahoro. Muri uwo mwaka, indongozi zavuye mu mahanga menshi no mu madini menshi zarifatanije n’umukuru wa Ekleziya gatolika i Assise mu Butaliyano, kugira ngo ziture amasengesho yo gusaba amahoro.

      11 Ariko rero, kwaba ukwo gutangaza amahoro n’umutekano canke ukundi nk’ukwo ntikwashikije ubuhanuzi buri mu 1 Abatesalonika 5:3. Kubera iki? Kubera ko ka “gatikizo ka bukwi na bukwi” kavugwa kataraba.

      12. Ni ibiki tuzi ku bijanye n’itangazo ryerekeye “Amahoro n’umutekano”?

      12 Ni nde azoshikiriza iryo tangazo rihambaye ryo muri kazoza ryerekeye “Amahoro n’umutekano”? Indongozi z’amadini y’abiyita abakirisu be n’ayandi madini zizorangura uruhara uruhe? Indongozi z’ibihugu bitandukanye zizogira uruhara gute muri iryo tangazo? Ivyanditswe nta co bitubwira. Ico tuzi co ni iki: uko iryo tangazo rizoba rimeze kwose canke rijijura gute, rizoba ari uruhendo gusa. Iyi si ishaje izoguma iganzwa na Shetani. Yarononekaye ubutakivayo kandi izoguma gutyo. Ese ukuntu vyoba bibabaje hagize umwe muri twebwe yemera poropagande ya Shetani maze akava ku kutagira aho duhengamiye kwacu!

  • Dushobora gute kuguma ‘turindiriye’?
    Umunara w’Inderetsi—2013 | 15 Munyonyo
    • 14. Ni igiki cerekana yuko iherezo rya Babiloni Akomeye riri hafi?

      14 Babiloni Akomeye, inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, azokurwaho nk’uko abikwiriye. “Ibisata vy’abantu n’amasinzi n’amahanga n’indimi” ntibizoshobora kumushigikira. Turamaze kwibonera ibintu vyerekana yuko iherezo ryiwe ryegereje. (Ivyah. 16:12; 17:15-18; 18:7, 8, 21) Nkako, ukuba adashigikirwa biriko birigaragaza mu bimenyeshamakuru, aho amadini be n’indongozi zayo birushiriza kuvugwa nabi. Naho ari ukwo, indongozi za Babiloni Akomeye zibona yuko zitari mu kaga na gato. Ese ukuntu zihenda! Inyuma ya rya tangazo ryerekeye “Amahoro n’umutekano!” intwaro z’isi ya Shetani zizogaba igitero bukwi na bukwi kw’idini ry’ikinyoma maze ziritikize. Babiloni Akomeye ntazokwongera kuboneka! Birabereye vy’ukuri ko turindira twihanganye ivyo bintu bihambaye.—Ivyah. 18:8, 10.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika