Imizimu—Irashobora Kugufasha? Canke Irashobara Kugutera?
HARIRABUYE tsiritsiri. Imituragaro iriko irasirana. Amama manini manini ariko arakoragurika. Abantu indwei babana mu rugo, bakoraniye mu nzu yabo, biteze kw’imizimu ya besekuru iza kubakingira. Buno nyene inkuba irasa, ikubita ya nzu itangura kururumba. Babiri gusa muri urwo rugo nibo barokotse ico kiza. Baca bagira “ubgoba bgo kuguma kuri uwo mutumba, kuko biyumvira ko hari umwansi yabatumye iyo nkuba, kandi ko yashaka guhonya urwo rugo rwose.”
2 Iyo nkuru yanditswe mu kinyamakuru citwa Times ca Swaziland co kw’igenekerezo rya 28/Nzero/1977. Hari naho ababa muri urwo rugo, bari bazi kw’inkuba ari umuriro (umuyangankuba) uterwa n’ibicu, ariko ico kinyamakuru cerekana ko bemera kandi k’umwansi ashobora gukoresha ibitega, bigatuma inkuba ahantu vyishakiye, kandi kw’imizimu ya basekuru ishobora kubakingira.
3 Dutere akagisho ku nzu y’uwuragura canke “umupfumu”, wo ku mutumba umwe muri Afrika. Hariyo umuvyeyi n’ikibondo ciwe kigwaye. Igihe uyo mwana yafatwa n’inyonko n’ukudahwa, yaciye amujana mu bitalo. Hashize indwe zitari nke agendayo, naho yamuhaye “imiti” yose yabgiwe na muganga, uyo mwana nta mitende yaronse. Uyo muvyeyi amaze kwihebura, aca aja kurondera umupfumu, yizigiye ko we ashobora kumuruhurira ikibondo. Ashitseyo asangayo abandi. Umusore umwe yaje gusaba “urusago” rwo kuronka akanzi. Umutama umwe nawe ashaka gufata urugendo rwa kure, ahejeje kuronka igiheko kizonmuzigama muri rwo. Niko, abo bantu barazi kw’ingwara ziterwa n’imikorobu, ko kubura akazi guterwa n’ingorane mu butunzi bg’igihugu, kw’amasanganya mw’ibarabara aterwa n’abashoferi baborewe, canke n’imiduga idakomeye. Ariko kandi bemera ko hari aho imizimu ishobora gutera ayo makuba canke kuyakingira, kandi kuri bo ikaba ari yo yahaye abapfumu ubushobozi.
4 Muri Afrika, mu mazinga menshi yo mw’Ibahari Pasifike, muri Aziya, mu ntara zimwezimwe za Amerika ya mu bumanuko, eka hose kw’isi, isinzi ry’abantu biyumvira gurtyo nyene. Uko bukeye uko bgije, bama bitwararitse kumenya ico imizimu ishobora kubagirira, kw’ari ineza canke kw’ari inabi. Bo bazi k’urupfu aho rwobaye iherezo ry’ubuzima, rutandukanya umutima w’ubgenge n’umubiri. Kuri bo, gupfa nico gihe umutima w’ubgenge wambuka, ukaja kuba ahandi hantu, “mu gihugu c’imizimu”.
5 Ico ciyumviro ntikiri mu banyarutoke, canke mu bantu b’ubgoko kanaka, canke mu bantu batize amashule gusa. Gikwiye no mu bantu bize baba mu bisagara binini binini. Si barya babandirwa Kiranga gusa bemera kw’imizimu ibaganza, kandi ko n’ibibashikira mu buzima vyose birongorwa nayo. Abantu benshi bari mu madini y’ubukristu bo n’abaswahili, nabo nyene baravyemera. Icago giteye canke umwe mu muryango apfuye adasamvye, baca baja kuraguza. Umupfumu akoresha ngira “ngw’agatsita”, nyabukobga canke ubundi buryo bgose bwo kuragura, kugira ngo yereke abanywanyi biwe ko batewe n’imizimu ya basekuru, canke ko barogewe n’umwansi. Arashobora kubaha igiheko co kwambara canke umuti wo kunywa ngo bikingire. Kenshi bahora babaga impene, intama canke inkoko, ngo batururuze imizimu.
6 Kw’isi hose, abantu baja kuraguza ku bapfumu kubera imvo nyinshi: ngo bakingire urugo, umuryango canke ikibondo cavutse; ng’umukenyezi akire ubugumba canke ntakorore imbanyi; ngo bamenye umusuma yabasahuye; ngo bironkere abagenzi; ngo bakundwe cane; ngw’akazi n’uruhigi, ibibazo n’inkino bitungane. Imirwi y’abakinyi b’umupira, ihora ihere umupfumu ngw’abafashe gutsinda. Abantu bamwebamwe bamaze kwirukanwa mu kazi, baca birukira umupfumu, nawe akabaha umuti wo gusiga ku ngohe canke gushira musi y’ururimi, igihe bariko basaba akazi. Abarimyi nabo, hariho imiziro baziririza mu gihe co gutera imbuto, canke co kuvuba imvura. Mu mahanga yose, ubgoko bumwebumwe bgose bufise imiziro n’imigenzo yabgo, igihe bapfishije umuntu. Ivy’arivyo vyose, n’uburyo babigiramwo ubg’aribgo bgose, ico gihe cose babigira baba bashaka gutururuza imizimu, canke kuyambaza ngw’ibunganire. Naho atari ko biri imisi yose, kwambaza imizimu kujana mu burya bgibonekeje canke butibonekeje, n’imiziro hamwe n’imigenzo myinshi abantu bakurikiza mu moko yabo, igihe bibarutse, bagenyera, batira, igihe c’ukwabirana, igihe bapfishije umuntu, bahiga, borora, canke igihe bagura itongo.
7 Mu vy’ukuri hariho ibiremwa bitaboneka bifise ubushobozi buruta ubgo abantu? Ivyo ni vyo bizwi cane, None ko biriho, tuvyambaje twoba twigiriye neza canke twoba twigiriye nabi? Mbega ni imizimu ya basokuru? Abapfuye, mu vy’ukuri barashobora gufasha, gukingira canke guhanura aboba bakiriho? Ni vyaba bishoboka ko dufashwa n’imizimu, ni kuki none abayambaza cane ari bo usanga kenshi ari bamudahaga, ari abangushi, ari abasambanyi bumaguje kandi ari bo bagarariji? Ni kuki none abayambaza bakoresha uburyo bginshi n’ivyiyumviro vyinshi binyuranye? Inyishu nyakuri twoyikura he?
UBURYO BGO KURONKA INYISHU ZITOMOYE
8 Naho ubushobozi bg’ibiremwa bitaboneka abantu babgiyumvira kwinshi, benshi barazi ko hariho isoko ry’ubuzima, Umuremyi yamaho. Kubera ko uyo muremyi ari we soko ry’ubuzima, dushobora kumwita tudakekeranya kw’ari we Muvyeyi w’abantu bose. Ivyo bituma twibaza iki kibazo: Nk’ubu uri umuvyeyi uba kure y’abana bawe, nta gakete wobandikira? Mu bisanzwe, abavyeyi bakunda abana babo barabandikira, kugira ngo babamenyeshe uko bamerewe, kandi babahanure. None abantu bose boba bararonse inkuru ziva ku muvyeyi ari we Se wabo? Egome, turafise “amakete” 66 yunzwe hamwe ari yo Vyanditswe vyandikishijwe na we birimwo inyigisho n’impanuro nkenerwa kuri umwumwe wese muri twebge. Ivyo Vyanditswe birongowe na we ni vyo twita Bibiliya.
9 Bibiliya ntiyanditswe n’abanyabulaya, yanditswe n’abanyaziya baba mu buseruko bgo hafi. Naho ari uko, yandikiwe abantu bose, aho baba hose. Ntirobanura n’umwe muri bo kubera aho aba, ubgoko bgiwe, canke urukoba rwiwe. Mbere muri yo dusangamwo aya majambo yavuzwe n’intumwa Petero irongōwe n’Imana: “Petero yanzika kuvuga, ati ni ukuri niho nkimenya yukw’Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose, uyubaha, agakora avy’ukugororoka, iramwemera”.—Ivyakozwe n’intumwa 10:34, 35.
10 Naho hariho ibitabu vyinahi vyanditswe, Bibiliya ni co gitabu kidondora ukw’abantu batanguye kubaho kurusha ikindi gitabu cose ca kera. Canditswe n’abantu nka mirongo ine, nawe Musa aba ari we atangura kucandika, (mu mwaka 1513 Yezu ataravuka) hashize imyaka 3,500. Ariko ivyo bitabu 66 vyose biyaga rimwe. Bibiliya zikwiya canke z’ibice zamaze kwandikwa ni imiliyoni ibihumbi vyinshi mu ndimi zirenga 1600. Kandi hariho indimi ata kindi kitabu zanditswemo atari Bibiliya gusa. Mugabo igituma ico gitabu ari ingirakamaro, n’uko canecane kitwereka inkomoko y’umuntu, n’icamuzaniye aya marushwa arimwo muri iki gihe no mu misi izoza. Nta guharira Bibiliya n’igitabu ntangere.
11 Bibiliya iduhishurira kw’izina ry’uwaremye ijuru n’isi ari Yehova, ijambo ry’igiheburayo risobanura, ngw “Atuma biba”. Muri Yesaya 26:4 havuga ngo “Ni mwizigire UHORAHO ibihe vyose: kuk’UHORAHO YEHOVA ari we gitandara camaho ibihe bidashira”. (Raba kandi Yesaya 12:2). Muri Tito 1:2 naho, ngo “n’Imana idashobora kubesha”. Urashobora rero kuyizigira. Ntibesha, ntihenda, kandi irazira uburyarya. Dusoma kandi muri Zaburi 86:15, ngw “Ariko wewe Mwami (Yehova NW), uri Imana yuzuye imbabazi, uri inyabuntu, uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi”. Icobitwemeza ni igiki? Icotwemwza kw’igitabu ciwe Bibiliya ari ic’ukuri ni igiki?
AMAJAMBO Y’ABAVUGISHWA N’IMANA ARI MURI BIBILIYA NTAHINYUZWA
12 Ukuvugishwa n’Imana ni ukuvuga ikintu kizoba. Kubera kw’amajambo menshi y’abavugishwa n’Imana ari muri Bibiliya yarangutse, ivyo vyerekana rero kw’ico gitabu ari ic’ukuri. Akarorero, menshi muri yo, yerekeye umwigisha mukuru Yezu Kristu. Naho yanditswe ibinjana vyinshi ataravuka, yose yararangutse. Uwavugishwa n’Imana Yesaya yari yavuze kw’Azovyarrwa n’inkumi (Yesaya 7:14), biza kuranguka hashize imyaka irenga amajana indwi (Matayo 1:23). Mika 5:2 yavuga kw’azovukira i Betelehumu. Zakariya 11:12 nawe, kw’azogurwa amahera mirongo itatu. Muri Zaburi 22:16-18, havuga kw’azotoborwa ibiganza n’ibirenge, kandi ngo n’umwambaro wiwe bazowupfindanirako. Ndetse n’akaborogo yatuze amanitswe ku giti, kari karavuzwe muri Zaburi 22:1. Ayo majambo y’abavugishwa n’Imana hamwe n’ayandi menshi, yose yararangutse nk’uko tubimenyeshwa n’abavyiboneye.—Matayo 2:1-6; 26:14, 15; Yohani 20:25; Matayo 27:35, 36.
13 None ico si ikimenyamenya ntahinyuzwa c’uko Bibiliya ari iy’ukuri? Hari aho bamwe bohārira bavuga kw’ivyo vyabaye kera cane. Ego niko, ariko muri iki gihe cacu turimwo, amajambo menshi y’abavugishwa n’Imana ariko araranguka tuvyibonera. Kuva mu mwaka 1914, twariboneye twebge nyene ungwano n’ukwicana biteye ubgoba, bitari bgigere biba kw’isi, kandi bikurikizwa n’ikigoyi hamwe n’ingwara z’ivyaduka, nk’uko tuvyerekwa n’ibimenyetso biri mu Vyahishuriwe Yohana 1:1-8. Abatwara benshi baremera ko batazi ingene boheza izi ngorane zama zongerekana ngaha kw’isi. Ivyo vyose bica bibatera ubgoba, nk’uko Bibiliya yari yarabivuze, ngo hazoba (“Amaganya mu mahanga yose yabuze ukw’agira NW), kandi abantu bazogwishwa igihumura n’ubgoba n’ukwitega ibigira bibe mw’isi”.—Luka 21:25, 26. Soma 2 Timoteyo 3:1-5.a
14 Kubera ko Bibiliya ivugisha ukuri, itubgira iki none ku vyerekeye ibiremwa bitaboneka? Ni ibiki? Vyavuye he? Mu vy’ukuri, birashobora kudufasha canke kutugirira nabi? Twogira dute none ngo twame twinezererewe, turi mu mahoro atagira inkomanzi nk’uko umuntu wese atari igipfamutima avyipfuza?
IVYO BIBA AHATABONEKA NI IBIKI?
15 Bibiliya yigisha kw’abantu baba kw’ishi, atri bo biremwa gusa bifise ubgenge. Nk’uko itwereka ko hariho ibiremwa bifise umubiri, bihema, binywa kandi birya imfungurwa zimera kw’isi, niko iduhishurira ko hariho ibindi biremwa bitaboneka, bidakeneye na kimwe muri ivyo kugira ngo bibeho. Itwigisha kandi k’umukuru ahambaye muri ivyo biremwa bitaboneka, ari Umuremyi we nyene, Imana Yehova. Yezu yamuyaze, ati “Imana ni Mpwemu (Ntiboneka), kandi abayisenga bakwiye kuyisengara mu mpwemu (bgenge) no mu kuri”.—Yohani 4:24.
16 Ubu kw’isi hari abantu nk’imiliyoni ibihumbi bine, ariko Bibiliya yerekana kw’aho hataboneka, Umuremyi ahabana n’isizi ry’ibindi biremwa vyitwa abamarayika. (Daniyeli 7:9, 10; Ivyahishuriwe Yohani 5:11). Abo bamarayika bose, babayeho ata muntu n’umwe araremwa, bahawe ubugingo n’umuremyi w’ijuru n’isi. Nico gituma mu Vyahishuriwe Yohani 4:11 havuga ngo: “Bati Mwami wacu, (Yehova NW) birakubereye guhabga guhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw’ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kandi icatumye biremwa n’uko wabigomvye.” Ikiremwa cose, ari ikiboneka canke ikitaboneka, ubuzima cabuhawe n’umuremyi, Imana Yehova.
17 Igihe Bibiliya yigāna inkuru y’ivyabaye, ivuga kw’Imana imaze kurema abantu ba mbere muri Edeni, abana bayo Adamu na Eva, umwe mu bamarayika b’ububasha, kubera amanyama n’ubgishime, aragarariza Imana. Akoresheje ubgenge bg’uguhendana, kandi yishimikije ubugunge bgari mu bavyeyi ba mbere, abakwegera na bo nyene mu bugarariji. Kubera ko yacitse umwansi wa Yehova Umuremyi, yitwa Shetani, ijambo ry’igiheburayo risobanura, ngo “umurwanizi” canke “umwansi.” (Itanguriro 3:1-13; Ivyahishuriwe Yohani 12:9) Mu nyuma yōheje abandi bana b’Imana bo mw’ijuru ari bo bamarayika, na bo baragarariza.
18 Intumwa Petero iravuga izo mpwemu (ibiremwa bitaboneka) “zitumviye Imana igihe ukwihangana kwayo kwari kukirorereye mu misi ya Nowa.” (1 Petero 3:19, 20 NW) Inkuru twiganirwa na Bibiliya ivuga ko ubusambanyi ari bgo bgāteye uko kugarariza; butuma ivyo biremwa bitaboneka biza kw’isi, bita ibanga vyari vyashinzwe ryo gukorera Yehova, vyihindura abantu. Ivyo dusoma mw’Itanguriro 6:2, vyerekana ivy’igihe ca Nowa ya mvura itarasegenyuka ni ibi: “Abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.”
19 Yehova ntiyavyihanganira imyaka yose. Aca azana umwuzure (isegenya) kw’isi yose uhitana abo bose bākora ivyaha, ariko abagororotsi biwe bararusimba. Nabo ba bamarayika b’abamenja basubira kwihindura bava mu rukoba rw’ubuntu, basubira kuba ibiremwa vy’impwemu bitaboneka. Kuva ubgo bavugwa kw’ari amashetani canke abaganzaruguru. Yuda 6, mu kwerekana kw’Imana itakibakundira ko basubira kwihindura abantu, kandi ko yabanēnye, n’igihano cabo kikaba carategekanijwe, avuga, ati “N’abamarayika batagumye mu bukuru bgabo, ariko bātaye ahantu habo, (ibarindiriza NW) kuzocirwa kw’iteka ryo ku musi uhambaye, bari mu minyororo idashira no mu mwiza.”
20 Kuva ico gihe Shetani afashijwe n’abo bamarayika bahemutse, aca aba “Imana” y’iyi si yononekaye. Ngira ngw’ivyo biragutangaje. Mugabo usomye muri Yohani 14:30 no muri 2 Korinto 4:4, usanga kw’igihe Ijambo ry’Imana rivuga ng “umwami w’isi”, kandi ngw (“imana y’ivy’iyi si” NW), atari Imana Yehova ivugwa, arik ari wa murwanizi Shetani. Intumwa Yohani yanditse, ngw “isi yose iri muri wa mubi”, kandi avuga, ngo “Shetani azimiza abari kw’isi bose.”—1 Yohani 5:19; Ivyahishuriwe Yohani 12:9.
21 Gurtyo rero, Bibiliya iduhishurira kw’abamarayika, ibiremwa vyiza bitaboneka atari bo bariho gusa, ariko hariho n’ibindi bibi bitaboneka ari yo mashetani. Ni ibintu vy’ingirakamaro cane kumenya izo nyigisho z’ukuri, kubera ko zidufasha gutahura isāno dufitaniye n’ivyo biremwa bitaboneka, hamwe n’iryo ibidushikira imisi yose mu buzima bifitaniye na vyo. Twihweze ingene kumenya neza Ijambo ry’Imana kudufasha kuronka inyishu z’ibi bibazo bihambaye bikurikira:
INDAGU ZIVA HE?
22 Mu ntara zimwezimwe zo kw’isi, benshi bazi k’umuntu ashobora kuronka amakuru avuye ku mizimu. Akarorero kerekana ibishikira abantu benshi bemeza ko bamaze kuronka amakuru nk’ayo, ni umwigeme wo mu gihugu ca Brezil. Umusi umwe, atangura kwumva amajwi, aca aja gutabaza umupfumu. Hanyuma, hahera imyaka myinshi aja arabona icijiji kimuturumbukira, aca agwa igihumbura. Mu gihe ataraca akenge, yarashobora kwerekana imiti y’ingwara zimwezimwe, kandi yararuhura abantu bari bafashwe n’abaganzaruguru.
23 Kenshi cane, igihe umuntu agiye kuraguza canke kuvugwa, umupfumu amubgira ngo subira inyuma uzoza ejo mu gitondo. Muri iryo joro, umugwayi arota abgirwa umuzi uzomukiza naho azowimba. Aca yemera kw’iyo nkuru ivuye ku muzimu w’uw’iwabo yasandavye, akarorero nka inakuru yibaza ko yamubonye muri izo nzozi.
24 Benshi mu bemera inkuru nk’izo, bemeza kandi ko basekuru babo bakiriho, ariko baba ahantu h’imizimu, kandi ko bashobora gufasha canke gutera abakiriho. N’abari mu madini y’ubukristu, nabo bemera k’umuntu amaze gucikāna, umutima w’ubgenge udapfa nk’uko babivuga, uca uja mw’ijuru, canke mu murimo udahera. Ni baba ari abagatolika naho, ng’ukabanza guca ahantu hitwa mw’ipurugatori, imbere y’uko urenguka mw’ijuru. Abandi nabo, ariko ni bake cane, bazi k’urupfu ari ryo herezo ry’ubuzima, umuntu apfuye biba biheze. Ukw’abantu biyumvira urupfu kuratandukanye. Ni kuki none utokwihweza ico Imana Yehova Mpwemu Ntananirwa, yaremye ico cose kirimwo ubugingo, iruvuga ko?
IGIFISE UBUGINGO KIRASHOBORA GUPFA KIGAHERA
25 Dutangure kwihweza iciyumviro abantu benshi kw’isi yose bafise, ng’umuntu ntapfa ngw’ahere. Uko niko nawe uvyiyumvira? Woshobora ute gutahura neza urupfu ic’arico? Yehova Mpwemu Ntananigwa ategerezwa kuba abizi neza, kukw’aba ha hantu hataboneka, kandi akaba ari we yaremye ubugingo. Bibiliya ivuga, ngw “Imana iboneke kw’ari inyakuri, n’iy’umuntu wese yoba ari umubeshi.” (Abaroma 3:4) Woba witeze kwakīra Ijambo ry’Imana uretse iry’abantu? Bibiliya ihishura iki none?
26 Uyisomye yose, ngira ngo wotangazwa n’uko usanga kw’ivyo yigisha vyerekeye ibifise ubugingo, bitandukanye rwose n’ivyo abantu benshi bemera. Ubga mbere uzobona kw’ijambo “umutima w’ubgenge wamaho”, ritanditswe n’intete muri ico gitabu. Bisubiye, uzobona ko henshi muri yo, havuga kw’ifi, ibiguruka n’ibikoko, ari “ibifise ubugingo” nk’umuntu.—Itanguriro 1:20, 21, 24, 30; (Guharūra 31:28 NW) Itanguriro 2:7.
27 Ngira ng’urasubira gutangara cane, aho usomera Zaburi 16:10; 89:48; Imigani 23:14; Ivyakozwe n’intumwa 2:27; n’ibindi Vyanditswe vyinshi, bivuga kw’igifise ubugingo cose gishobora gupfa “kigahera.” Vyongeye kandi, mu njili ya Matayo, Yezu atubgira k’ubugingo bg’umuntu bushobora gupfa bugahera. (Matayo 10:28). Kubera k’ubugingo bg’umuntu bushobora gupfa bugahera, umuntu apfuye nta kintu kibandanya kubaho.
28 Nāho abantu biyumvira k’umuntu adapfa ngw’ahere, Bibiliya irerekana birangūtse ko twebge abantu dupfa tugahera. Yerekana kandi ko mu biremwa vyose vy’Imana, Kristu amaze kuzuka, “ni we musa yahawe ukudapfa.” (Abaroma 6:9) Kandi mu 1 Korinto 15:50-54, hatubgira kw’abakozi bamwebamwe b’Imana bazohembga “ukudapfa,” kubera ko barangūye neza amabanga yabashinze. Ivyo vyerekana kw’iciyumviro abantu benshi bafise ngo twebge abantu dufise umutima w’ubgenge wamaho, kidashimikiye n’intete kw’Ijambo ry’Imana. None ubu twemere ivy’abantu benshi bishiramwo canke inyigisho z’Imana ziri muri Bibiliya? Nta gukekereza, Imana Yehova Mpwemu ntananirwa bikwiye ko tuyemera. Abantu bashobora kubesha ariko Imana nyen’ukuri ntibishobora.
IYO UMUNTU ACIKANYE AJA HEHE?
29 Ab’i wacu igihe bapfuye baja hehe, canke twebge nyene igihe twopfa twoja hehe? Turabe ivyashikiye abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva. Ko bari intungane bāri gushobora kubaho ibihe bidashira, iyo babandanya kwumvira Imana. Mugabo yari yagabishije Adamu k’ubutumva bgiwe bgomukwegeye agacamutwe; amubgira, ati “uzopfa ntakabuza.” (Itanguriro 2:17). Mu nyuma Shetani wa mwansi w’agahebuza, kandi wa muhendanyi ahambaye, yegera Eva aramuhenda, ari co kinyoma ca mbere canditswe muri Bibiliya. Kugira ngw’amwonkōre we n’umugabo wiwe ku Mana, akoresha inzoka mu kumuhenda, amubgira, ati “haba n’intente ntimuzopfa.”—Itanguriro 3:4.
30 Ni nde yavuga ukuri: Imana canke Shetani? Adamu aracariho kw’isi n’ubu? Namba, birumvikana kw’akatakiriho. Yarapfuye nk’ukw’Imana nyene yari yaramugabishije. (Itanguriro 5:5). Adamu na Eva bamaze guhwera baca bashikirirwa n’ivy’Imana yari yabamenyesheje iti: “Uz’urinde usibira mw’ivu, kukw’ari ryo wakuwemwo: uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo.” (Itanguriro 3:19). Ntaho Imana yigeze ivuga ko bogiye mw’ijuru, mu muriro, canke ahandi hantu hose hataboneka.
31 Ku vyerekeye ingene abapfuye bameze, Bibiliya ivuga iti: “Ariko abapfuye ntaco baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5). Barashobora gukunda canke kwanka abakiriho? Nāho nyene Bibiliya yishura, iti: “Urukundo rwabo n’urwanko rwabo n’ishari ryabo, vyose biba vyarahise . . . kukw’ata gikorwa, cank’inama, cank’ukumenya, cank’ubgenge, i kuzimu, ah’urariye kuja.” (Umusiguzi 9:6, 10). Ayo majambo ashigikiwe n’Izaburi 146:4, ivuga k’umuntu “impwemu zimuvamwo, akisubirira mw’ivu ryiwe; uwo musi nyene imigabo yiwe igashira.” Kandi n’Izaburi 115:17 yongerako, ngw “Abapfuye ntibahimbaza Uhoraho (Yah NW: Yehova) cank’abamanuka baja ahantu h’agacerere.”
32 Nico gituma kenshi Bibiliya igereranya urupfu n’itiro. Mu Vyakozwe n’intumwa 13:36, havuga ivyerekeye umwami Daudi yari yaramaze gupfa “ngw’arasinziriye.” Mu 1 Tesalonike 4:13, 14, havugwa abakirisu basandavye, ngw “ivy’abasinziriye itiro ry’urupfu.” Yezu nawe yavuze nk’ukwo nyene, yerekeye kuri Lazaro. Igihe yariko araja i Betaniya kumuzura, yabgiye abigishwa biwe, ati: “Nanje ndagiye kumukangura.” (Yohani 11:11-14: Daniyeli 12:13). Kubera ivyo, urabona kw’ata gituma na kimwe cotuma utinya abapfuye, canke ng’ugerageze gutururuza uburakari bgabo, canke ng’ukore uk’ushoboye kwose ube umutoni wabo. Ijambo ry’Imana ryerekana ko bāmaze gupfa, ntaco bazi, ntibakakaza, ntibashobora kuganira n’abakiriho, ntibashobora kwerekana uko biyumva, canke ngo bakome akatsi mu buryo ubg’aribgo bgose. Nta neza kandi nta nabi bashoboye kugirira abagihema.
IZUKA
33 Iyumvire neza igitangaza cabaye kuri Lazaro. Igihe Yezu yashika i Betaniya, Lazaro yari amaze imisi ine apfuye. (Yohani 11:39) Umubiri wiwe wari watanguye gusanguka. Hanyuma Yezu yaciye akora ico abapfumu na ba nyamuragura badashobora: “Asemerera n’ijwi rirenga ‘ati Lazaro, ngwino, sohoka!’ Uwari yapfuye arasohoka.” (Yohani 11:43, 44) Mbega yasohotse ava mu “mizimu”? Haba n’intete. Yiviriye gusa mu mva, aho yari amaze imisi ine yiruhukiye, ataco azi, yisinziririye itiro ry’urupfu.
34 Yesu yararonse umwundi mwanya wo kuzura akigeme k’imyaka cumi n’ibiri. Iyumvire agahimbare k’abavyeyi bako muri uyo mwanya. Nk’uko tuvyiganirwa na Mariko ikigabane ca 5 umurongo 42, “barananirwa kwiyumanganya kubera ko bafashwe n’akanyamuneza kenshi cane.” (NW) Es’ico gitangaza abo bavyeyi biboneye, gusubira guhobera akigeme kabo gahumeka, kiyumvamwo n’amagara, kandi mu kanya gaheze kari karambaraye gakonje, ari ubutumbāzi! Vyaruta cane kwumviriza indagu z’umupfumu, ngo zivuye mu muzimu w’incuti yapfuye!
35 Bitayeko, ivyo vyabaye kera bifise ico bitwigisha twese muri iki gihe. Ico gikorwa co kuzura abantu Yezu yakoze akiri ngaha kw’isi, yagikoze kugira ngo yerekane kw’azozura isinzi ry’abantu, mu gihe c’intwaro yiwe y’amahoro y’imyaka igihumbi iri hafi cane. We nyene yivugiye, kw “abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yohani 5:28, 29). Mu Vyahishuriwe Yohani 20:13, hasigura ingene ico gitangaza kizomera: “Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’umuntu wese yakoze.” Intumwa Paulo nayo yivugiye ubgayo, iti: “Mfise ivyizigiro ku Mana . . . yuko hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.”—Ivyakozwe n’intumwa 24:15.
36 Ubu rero, ishura ibi bibazo bikurikira wewe nyene: Uko kuraganira abantu ko bazozuka ata kabuza, ntikwerekana kw’inyigisho zivuga ng’umuntu afise umutima w’ubgenge udashobora gupfa ari iz’ibinyoma? Niyaba imitima y’ubgenge y’abapfuye iri mw’ijuru canke ahandi hantu hose hataboneka, kuzuka kwomara iki none? Ntaco kwomara. Birumvikana neza, nk’ukw’Ijambo ry’Imana ribivuga, kw’ivyiyumviro abantu benshi bafise ngw’igihe umuntu apfuye umutima wiwe w’ubgenge uca wimukira ahandi hantu, atari ivy’ukuri n’intete. Bibiliya yigisha, kandi ntawoyihinyuza, kw’abapfu bapfuye bagashika, n’ukuvuga kw’ataco bazi, ko basinziriye gushika igihe bazokangurirwa bose, igihe co kuzurwa kigeze, kizobera mw’isi nshasha y’Imana.
37 “Har’aho woca wibaza, uti none ko bimeze birtyo, vya bitangaza abantu bahora babona, na ya majwi batazi ivy’ava bahora bumva, umuntu yovuga ko biva he none?” Muri iki gihe turimwo, abantu benshi mu ntara zimwezimwe zo kw’isi, bahora bavugana n’ibiremwa bitaboneka bafashijwe n’abapfumu, canke bari mu ndoto, canke bakoresheje ubundi buryo. Kw’abapfuye atco bazi, kandi ko badashobora kuvugana n’abakiriho, ayo majwi ava he none?
ISŌKO NYAKURI RY’INDAGU
38 Ubu twamaze gutahura neza ababa ahataboneka ab’aribo. Ndetse Yehova Mpwemu Ntananirwa nk’abamarayika biwe bamwumvira, hariho Shetani umwansi w’Imana n’ingabo ziwe ari zo mashetani, abamarayika bāmēnje. Twamaze kwumva kw’Imana yatumenyesheje ivy’ishaka, kandi kw’itwigishiriza muri Bibiliya Ijambo ryayo yandikishije, ikoresheje abantu ba kera bāyūbaha, kandi ryabungabunzwe gushika n’ubu ngo riturongore.
39 Ayo yandi majwi abantu bahora bumva ava he none? Aho kuba ava ku mizimu y’ab’iwacu basandavye, ntaho yoba ava kwa wa mwansi w’Imana no ku mashetani yiwe? Wibaza kw’abo bamarayika babi vyobagora kwigira nk’uko boba ari ab’iwacu bapfuye, kugira ngo bahende abantu? Ko Shetani yahenze umugabo n’umugore ba mbere ngo ntibazopfa ntibgoba ari uburyo bubangutse kuri we bgo gushigikira ikinyoma ciwe? Ego me, canecane twibutse ko Bibiliya ivuga ko Shetani “ari umunyabinyoma kandi ari we se wavyo.”—Yohani 8:44.
40 “Mugabo hari aho wohārira uvuga, uti none ko mbona benayo majwi amw’amwe ari meza kandi y’ingirakamaro, nk’igihe umupfumu abgirwa ingene yovura abaremvye?” Imana yatanze inyishu itomoye mu majambo intumwa Paulo yanditse, iti: “Kandi ivyo ntibitangaza kuko na Shetani yigira umumarayika w’umuco. Nuko s’ikigoye kw’abakozi biwe nabo bigira nk’abakozi b’ukugororoka.” (2 Ab’i Korinto 11:14, 15) Biragaragara cane, kw’amashetani yigira nk’abakunzi, kugira ngw’ahende canke ayovye abantu. Paulo aratugabisha kandi ngo twirinde inyigisho zayo, avuga ko “Bamwe bazota ivyizerwa, bagashira umutima ku vy’impwemu zizimiza no ku vy’inyigisho z’amadayimoni.”—1 Timoteyo 4:1
41 Ubgo wewe ntiwiyumvīra kw’izo ndagu iyo mu vy’ukuri ziba zava ku bakunzi ziba ari nzizanziza gusa? Yezu ntiyivugiye we nyene ati: “Ni mube muvuga igiti kw’ari ciza n’ivyo camye kw’ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw’ari kibi n’ivyo camye kw’ari bibi; kukw’igiti kimenyekanira ku vyo camye.” (Matayo 12:33) Ni ivyamwa biki umuntu avugana n’ivyo biremwa bitaboneka yamura?
42 Turabe ivyashikiye umupfakazi umwe wo muri Lisbonne mu Buportugali. Amaze gusoma ibitabu vyigisha uburyo bgo kuvugana n’amashetani, aca atangura kwumva ijwi rimusomera ibitabu mu gifaransa. Biramuhimbara, aca abandanya kuza arumviriza ayo makuru. Ariko mu nyuma, atangura kwumva mw’ijoro ari mu cumba amajwi amukanga. Rimwerimwe, yarumva ko hariho nk’ikintu kiriko kiramusunura ngo kimukure ku ngazi. Ico yagira ngo ni ciza ubga mbere cari cahindutse kiba igiteye ubgoba. Ngira ng’uramaze kwumva bavuga abantu bashikiwe n’ibintu nk’ivyo canke biteye ubgoba kurusha aho, gushika aho barondera uburyo bwo kuvyiyonkorako batakiburonka. None ukwo nikw’Imana Yehova Mpwemu isumba zose agirira abantu? Bibiliya itubgira kw’ari Rukundo, kandi kw’ashaka ko tumukunda. (1 Yohani 4:8) Muri 1 Yohani 4:18 itubgira kandi, ko dushobora kuyegera dushize amanga, kuko “nta bgoba buba mu rukundo, ariko urukundo ruhinguwe rusenda ubgoba . . . kand’ufise ubgoba ntarahingurwa mu rukundo.”
43 Kubera kw’ari Rukundo, Mpwemu kaminuza, Umuremyi wacu, yitwararika ko duhirwa. Atwigisha ngo ntitwibabare twebge gusa, ariko twereke abandi ko tubakunda nk’uko nawe abitwereka. Ariko none abakurikirana cane iyv’ubupfumu, tubona kenshi ko bameze bate?
NI INKUNZI Z’AMAHERA
44 Warigeze kwumva aho bavuga k’umupfumu canke nyamuragura akorera abantu ataco abarihishije? Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.” (Matayo 10:7, 8) Uko nikw’abapfumu bagira none? Mu gihugu co muri Afrika y’epfo, umupfumu ahamagawe mu rugo, afata umusābīrwa akawuvugutira mu mazi yavanze n’umunyota, agaheza akawutotesha inzu. Hari naho aca imisaraba ku rugi, canke “agaha” ababa muri urwo rugo kur’uyo muti. Abigira ku buntu gusa ataco abarihishije? Haba n’intete. Ngo kubera kw’abakingiye ntibaterwe n’imizimu, abarihisha amahera angana n’ayo umuntu yokorera mu ndwi zitatu canke zine.
45 Mu zindi ntara, abapfumu bahora batongerera amajambo ku bikoresho bimwebimwe, kugira ngo babirogeshe. Bahejeje bakabijana mu nzira, kugira ngw’abantu babitore. Ababitora nabo, bahora batinya ko bibazanira ivyago bagaca baja gutabaza umupfumu. Kubera kw’atabakorera ataco bamuhaye ugasanga ubwo buryo bumuhesheje amaronko. Ubona ubwo none kw’ari uburyo bwiza bwo kurondera amahera?
46 Ubwo bukunzi bw’amahera, tubusanga no mu bantu bīshinga ivy’ubupfumu, mu gihe Bibiliya yari ikiriko irandikwa. igihe intumwa Paulo yari akiri i Filipi, umusukukazi umwe yarimwo “abaganzaruguru baragura”, yama aza kumugora. Amaherezo, Paulo ategeka abo baganza ngo “muvemwo” baca bamuvamwo. Paulo amukiza ku buntu ata mpembo amusavye. Ba shebuja b’uyo mwigeme aho bonezerewe, baca bararakara, batesha Paulo mu mvuto. Kuki? Nk’uko Bibiliya yishura, indagu z’uyo mwigeme nizo “baziga kw’inyungu.”—Ivyakozwe n’intumwa 16:16-24.
NI ABASAMBANYI BUMAGUJE
47 Twamaze kwumva k’ubushakanyi ari bgo bgatumye bamwe mu bamarayika ari bo bana ba Yehova, bata ibanga ryabo baramenja. Muri iki gihe cacu, haracari isano ubusambanyi bufutaniye n’ivy’ubupfumu? Mu ntara zimwezimwe zo kw’isi, duhora twumva ng’abagore bari ku buriri, bahora bumva kw’ikintu batabona kibaryamye hambavu, gushika aho bumva bashutswe nk’ukw’ico kintu coba kiriko kirabasambanya.
48 Ahandi naho, intavyara zirukira umupfumu ngw’azambarize vya biremwa bitaboneka zirabe ko zoronka ibibondo. Rimwerimwe, umuti uyo “muvuzi” aziha ni ugusambana na zo.
49 Wibaza none kw’ivyo vyose ari vyiza, canke ko bishobora kuzana amahirwe mu ngo no mu gihugu? Bibiliya yerekana kw’igihe ba bamarayika bamenja ya segenya itarasegenyuka, bagatangura ubusambanyi, “isi yaciye yuzuramwo ubugarariji.” (Itanguriro 6:1-11) N’ubu nyene ubusambanyi butuma abantu batukana, bagwana, ndetse bakicana.
NI ABICANYI KANDI NI INKAZI
50 Nta muntu n’umwe muri twebge ashima kwicwa. Bibiliya yerekana kw’Imana yanka abasesa amaraso. Rimwe mu mabgirizwa cumi rivuga riti: “Ntukice.” (Kuvayo 20:13) Ni irihe sano ivy’ubupfumu n’uguterekera bifitaniye n’ubgicanyi? Rirabe muri ibi bikurikira:
51 Kwica abantu ngo batangwe kw’inkuka birabujijwe mu bihugu vyose. Ariko mu bihugu bimwebimwe, abapfumu n’abaterekerezi baracakurikiza iryo shano ry’ubgicanyi. Akarorero muri Ghana, umuganwa ari mu murwi w’abakuru bakuru asandavye, baca bafata abantu bakabacīra imitwe mu mpisho bakurikije imigenzo yabo, hanyuma bakayimuhambana. Si kera cane mu mwaka 1974, abantu babiri baba muri ico gihugu baraciriwe urubanza kubera icaha nk’ico nyene, igihe umuganwa umwe yari yapfuye. Iyo migenzo irabandanya gukurikizwa naho itarekuwe n’amategeko y’igihugu. Ishimikiye ku nyigisho z’ibinyoma, ngw’imitima y’ubgenge y’abo bicwa, igenderanira uwo muganwa ikaja kumusukurira iyo aroye “mu mizimu.”
52 Kw’igenekerezo ry’9 Myandagaro 1977, mu kinyamakuru co muri Liberia, The Liberian Age, hari handitswemwo ibi bikurikira: “Kwicwa kubera inkuka—Urubanza ruracihwezwa, nawo umurwi w’inkozi z’ikibi cumi n’imwe, wagirizwa ubgicanyi.” Iyo nkuru yabandanya, iti abagabo cumi n’umwe, muri bo harimwo abakozi ba Leta bakuru bakuru, bagirizwa kwica umuntu ngw’atangwe kw’inkuka. Bamugandaguye bimwe vy’agacamutima, bamukura amaso, bamuca amatwi n’izuru, amavya n’ururimi. Ico kinyamakuru cabandanya, kiti abo bicanyi bari bamuciye izo ngingo, ngo bazikoremwo “urusango” rwo kurondera iterambere.
53 Inkuru yavuye muri Botswana kw’igenekerezo ry’8 Ruheshi 1977, ng’iyi: “‘Umupfumu’ umwe yavuze uno musi ko yoba yaramenyeshejwe n’umuntu umwe yahora ari umukuru muri Botswana, igitigiri c’abantu cumi n’umunani yashaka kwicisha uburozi.”
54 Ikindi giteye ubgoba cane, ni uko abicwa canecane ari urwaruka. Inkuru yavuye muri Nijeria ni iyi:
“Gukunda amahera kwatumye abanyanijeria benshi basubira mu migenzo ya kera: gusahura abana bazokerererwa mu bitabo, aho bigānira gukora amahera.
“Ivy’ukuvuga kw’abapfumu bo muri Nijeria bashobora guhindura imitwe y’abantu ikaba amahera, ntibiramenyekana. Mugabo ico tuzi neza, ni uko abana b’abanyanijeria bama banyika kubera ico.”—Daily Times, 31 Kigarama 1976.
55 Ni waba uri uwo mu bashaka ineza, imigenzo nk’iyo itegerezwa kugusesema no kugushavuza, canecane wibutse amagorwa itera. Canke har’aho woba warumvise kenshi bavuga, ngw’erega n’ivy’ubupfumu hari igihe bifise akamaro. Gurtyo ugasanga abapfumu benshi, bariko bemeza ko bo badakoresha ibimazi n’ibiheko, kandi ko bo bataroga atari igihe bashaka gukora ineza. Ariko uyo wese abihwejeje asanga ko badakekeranya n’intete gukoresha imiti yabo mu kuroga umuntu, canecane iyo bahawe impera canke amahera.
56 Birakwiye kw’ivyo uvyitondera cane ukavyiga. Ego naho woba wumva bavuga ibitangaza, indagu canke inzozi ngo vyoba vyaragize akamaro, Ijambo ryandikishijwe n’Imana riratuburira ngo Shetani n’ingabo ziwe bakoresha “ubushobozi bgose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma, n’ubugunge bg’ukugabitanya ku bahona.”—2 Abi Tesalonike 2:9, 10.
57 Tutibagiye ibi tumaze kwiga, twihweze ico Ijambo ry’Imana rivuga ku vyerekeye banyamuragura, abapfumu n’abarozi.
ICO BIBILIYA IHISHURA KU VYEREKEYE ABAPFUMU
58 Bibiliya itumenyesha kw’ivy’ugupfumura n’ukwambaza imizimu, ivyatanguye kuva kera mu bihugu nka: Misiri, Babuloni n’i Kanani. (Kuvayo 7:10-12; Gusubira mu vyagezwe 18:14; Yesaya 47:1, 12, 13). Kandi igihe Imana Yehova yakura abisirayeli mu buja i Misiri, akabajana mu gihugu c’i Kanani, babonye kw’abāba muri ico gihugu bari bamogoreye gukora ivy’ubupfumu. Yehova yategetse iki abasavyi biwe none? Yategetse adatirigana ko bategerezwa kwambaza we musa. Ivyo vyari vyo rwose, kuko we ari Mpwemu Ntananirwa, inkomoko y’ibihumeka, nūko akaba ari we musa akwiye kwambazwa, nk’Imana iganza isi n’ijuru. (Kuvayo 20:3-6) Kwambaza imizimu canke kwita mu vy’ubupfumu, kwobaye ari ukugaya Umuremyi. Ico nico gituma yabagabishije ati: “Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu canke abamenyi; ntimuze muje kubabaza bagahava babahumanya.”—Abalewi 19:31.
59 Imana Yehova yongera kubgira abisirayeli, ngo ni barenga uyo muziro, ntibazonyagwa imigisha yiwe gusa, ndetse n’agatwe bazokahasiga. Avuga ati: “Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja ku baragura (kugira ngw’abihumanyeko NW) nzohoza igitsure canje kuri we ndamurandure mu bwoko bwabo . . . Umugabo canke umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa.”—Abalewi 20:6, 27.
60 Hashize imisi, Imana ikomeza kwerekana ko yanka urunuka imigenzo mibi, ifitaniye isano n’ukwambaza ibiremwa bitaboneka, nko gupfumura no kuragura. Akoresheje akanwa ka Musa uwavugishwa na we, yavuze ati: “Nimwamara gushika mu gihugu Uhoraho (Yehova NW) Imana yanyu abaha, ntimuze mwige gukora ibizira ayo mahanga akora. Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe (Kw’inkuka NW) ari uw’umuhungu canke uw’umukobga, ngo yoswe mu muriro, canke ngo haboneke uwuragura, cank’utera amabara, cank’umupfumu, cank’umurozi, cank’umwabuzi, cank’uja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, (cank’uragurisha imizimu NW) kuk’ukora ben’ivyo wese aba abaye umuyobe k’Uhoraho (kuri Yehova NW)”—Gusubira mu vyagezwe 18:9-12.
61 Ntubona none kw’ayo majambo yumvikana neza kandi ko yerekana ukw’Imana Rugira ibona ba nyamuragura n’abapfumu, hamwe n’uburyo bakoresha mu kwambaza ivyo batabona? Nk’ukw’Ijambo ryandikishijwe na we ribivuga, Yehova aranka urunuka imigenzo nk’iyo, ukw’imeze ukw’ariko kose, n’ah’ikurikizwa ah’ariho hose. Kubera urukundo rwiwe, yaratuburiye kugira ngw’aturinde ivyago vyama bikurikira imigenzo nk’iyo.
62 Igihe Yezu yari ngaha kw’isi, yari mu cibare ca Shetani na za mpwemu zamenja nka yo, ari zo ngabo zayo. Igihe Shetani yagerageza kumugonda ngw’amwikubite imbere, ac’ahabga kuganza no kuragwa, Yezu yamubgiye, ati: “Mvako Shetani kuko vyanditswe, (muri Bibiliya: Gusubira mu vyagezwe 5:9; 6:13: ‘Ng’Uhoraho (ngo Yehova NW) Imana yawe ab’ariyo usenga kand’ab’ariyo usaba yonyene.’” (Matayo 4:8-10), Yezu n’abigishwa biwe bararuhuye kenshi abantu barimwo abaganza, mu kubakuramwo izo mpwemu zikora ikibi, ari zo mashetani, zariko zirabababaza.—Mariko 1:39; 3:14, 15.
63 Yezu yigishije abigishwa biwe, ngo ntibasenge uwundi atari Imana Yehova Mpwemu Ntananirwa, kandi ngo bemere Ijambo ryiwe Bibiliya. (Yohani 4:23, 24; 17:6, 17). Abigishwa biwe nabo, bābona ivy’ubupfumu nk’uko Se wabo wo mw’ijuru Yehova abibona. Paulo arongowe n’Imana, yandikiye abo bivukana mu vy’ukwizera ibi bikurikira: “Kandi ibikorwa vy’akameremere kacu biramenyekana n’ibi; ubushakanyi, ibihumanya, ivy’isoni nke, gusenga ibigirwamana, uburozi. . . . Ivyo ndabibaburiye . . . : yukw’abakora ibisa birtyo batazoragwa ubgami bg’Imana.” (Ab’i Galatiya 5:19-21). Umuremyi ari we sōko ry’ubuzima bgose, ntashaka kandi ntashobora kugabira ubuzima butazohera abantu barenga ku ryo yavumereye, bakambaza ibintazi batabona, aho bokwambaje we nyene musa. Nk’ukw’amajambo y’abavugishwa n’Imana abivuga mu Vyahishuriwe Yohani, abishinga kwambaza imizimu bazohitanwa “n’urupfu rwa kabiri”, ni ukuvuga guhona amazimayongo ntibaze basubire kubaho.—Ivyahishuriwe Yohani 21:8; 22:15.
64 Gurtyo, Bibiliya ishira ivy’ubupfumu mu bikorwa vy “akameremere k’imibiri yacu”, nk’ubusambanyi n’ibihumanya vyose. Twamaze kubona ibintu vyinshi bitwemeza kw’ivy’ubupfumu bihumanya kandi bitera ivyago. Bituma kandi twiyonkora ku masabo ari yo Mana Yehova, tukaja kwambaza ibintazi aho twokwambaje we nyene musa abikwiriye. Nūko ikiremwa kitaboneka ic’arico cose, citeretse imbere y’umuntu ngw’acambaze, nticoba kimushaka kw’ineza, kuko coba ari inkozi y’ikibi ari yo Shetani. Igihe Yohani yikubita imbere y’umumarayika yamufashije kwandika agace ka Bibiliya ngw’amutere iteka, uyo mumarayika w’intungane aca avuga ati: “Nturogwe ng’ugire ivyo! Sindi uwundi atari umugurano mugenzi wawe, kandi mugenzi wa bene so bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu. Senga Imana.”—Ivyahishuriwe Yohani 19:10 NW.
65 Kubera kw’Ijambo ry’Imana ryerekana kw’Imana yanka urunuka uyo wese aragura, avugana n’imizimu canke ari kamenyi k’ibizoza, birumvikana kw’ikiremwa kitaboneka ic’arico cose cofadikanya n’umuntu nk’uyo, co nyene coba ari kibi canke ishetani. Amajambo yose avugwa n’Ikiremwa nk’ico, ntaba avuye ku Mana y’ukuri Mpwemu Ntananirwa, kandi ntishobora kuyashima.
66 Ni co gituma Imana yabūriye abisirayeli ikoresheje uwuvugishwa na yo Yesaya iti: “Kandi nibababgira ngo nimubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera; mbeg’ikibereye abantu ntibari bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ivy’abariho vyobazwa abapfuye?” (Yesaya 8:19). Ni twaba tugomba kumenya ukuri, no kugira ikizigizigi c’amahirwe aturindiriye, ntidukwiye kubaza imizimu canke kwirukira abapfumu, ariko twohindukirira Imana nzima Rurema yaremeye ibiriho vyose.
67 Ntibitangaje rero kw’abishinga ivy’ubupfumu, barwanya amajambo y’Imana ari muri Bibiliya. Mbere nko mu kinjana ca mbere Yezu amaze kuvuka, hāriho umupfumu umwe wo mw’izinga rya Kupuro yagerageje kubuza abantu ngo ntibumve inkuru nziza Paulo yari abazaniye. Paulo aca amubgira, ati: “Wewe wuzuye ubugunge bgose n’ububi bgose, wa mwana w’umurwanizi we, wa mwansi w’ivy’ukugororoka vyose, ntuzoreka kugoreka inzira z’Umwami Imana (za Yehova NW) zigororotse?” (Ivyakozwe n’intumwa 13:9, 10). Aho twofadikanije n’abagoreka kandi bahotora imanza z’Imana zigororotse, dukwiye kudohoka mu vy’ukwambaza imizimu guhumanya kandi kudahuye n’Ijambo ry’Imana. Imana Rugira itubwira, iti: “‘Nuko muve hagati ya ba bandi mubitandukanyeko ni k’Uhoraho (ni ko Yehova NW) agize, kandi ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe’.”—2 Ab’i Korinto 6:17.
68 Har’aho ngira ngo wobona ko bikubangamiye gukurikiza iryo tegeko, kubera ko wamaze kugwa mu rudubi, akarorero ni waba nawe uhora uterekēra, canke uhora wambaza imizimu mu bundi buryo ubg’aribgo bgose kuva kera. Har’aho ngira ngo umuryango wawe n’ababanyi bakiziririza imiziro isana n’ivyo, canke bazi ko mu biti bimwebimwe, mu bitandara vy’amabuye, mu nzuzi, mu masūmo y’inzuzi no mu misozi, haba ibisigo. Wokwikiza ute none kwambaza ivyo bintazi utabona, kugira ng’uterwe iteka n’Imana Yehova Mpwemu Ntananirwa, iguhe imigisha kandi yame ikubungabunga?
UBURYO BGO KWIGOBOTORA IVYO BIREMWA BIBI BITABONEKA
69 Umuntu amaze kuba umuja w’ivyo biremwa bibi, biramugora cane kuvyigobotora. Mugabo afashijwe na Yehova birashoboka, kukw’abantu benshi bamaze kuvyikurako. Akarorero tworabirako ni wa mwigeme wo muri Brezil yatangura kwerekana imiti yo kuvura abagwaye, aho amariye kuba umuja w’ivyo biremwa bibi. (raba igice ca 22). Hashize imyaka itari mike, umusi umwe mw’ijoro asinziriye, yumva ikintu kiriko kiramukwega ngo kimukure ku buriri. Buno nyene arasohoka hanze akiri mw’itiro. Agiye atumbereye ikinogo cuzuye amazi, aradandabagirana aca arazanzamuka. Yumva biramubabaje cane, kandi bituma yipfuza kuvyiyamamura. Yabigenjeje ate?
70 Yatanguye kwambaza Imana ngw’imutabare. Bukeye mu gitondo, haza umuntu aradodora ku rugi. Buno nyene aca yumva “amajwi atabona ikiyavuga”, amubgira ngo ntiyugurure urugi, kubera ko “hanze haje ikimwenyi.” Arihangana atinda ararwugurura. Uyo mushitsi ntiyari ikimwenyi, ariko yari umusore, aca amuha ikinyamakuru cigisha Bibiliya, citwa Umutara w’umureretsi, kirimwo ikiganiro kivuga ivy’ugufatwa n’abaganzaruguru. Aca amenya neza k’uwo yatabaje yamwumviye.
71 Aca atangura kwiga Bibiliya, no guhindura imigenzo yiwe, akurikije inyigisho akuye muri yo. Ntiyishinze kwihatira kumenya ivy’Imana ishaka ivy’ari vyo gusa, ariko yaragerageje no kubikurikiza. Buhoro buhoro, arigobotora mu nzāra z’amashetani. Es’ingene yuzuyemwo akanyamuneza, igihe yiboneye we nyene akamaro k’inyigisho Yezu yatwigishije ngo: “Kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidegemvya.”—Yohani 8:32.
72 Ni uko nyene vyagenze no kuri wa mupfakazi w’i Lisbonne twamaze kuvuga. (raba igice ca 42). Igihe bga bunywanyi bwiwe n’ibiremwa bitaboneka bgari bumaze kumutera amaganya n’ubgoba, agenderwa n’Ivyabona vya Yehova, bitangura kumwigisha Bibiliya. Aramenya ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye ingene umuntu amera iyo apfuye, ivyo kuzuka, kandi araronka inkuru yeza umutima y’Ubgami bg’Imana. Amaze gutahura ko yatawe mu rudubi n’amashetani, nk’uko abandi bantu benshi kw’isi yose baruguyemwo, aca yitura Mpwemu isumba zose Imana Yehova, maze aca aravavanura n’ivyo biremwa vyuzuye uburyarya.
73 Uko niko abantu benshi bahumuwe amaso baramenya ukuri ku vyerekeye ababa ahataboneka. Ariko igihe cose ntihama hari ibitangaza nk’ivyo duhejeje kuvuga. Isinzi ry’abantu bataragura, canke batarumva “amajwi” avugwa n’ivyo biremwa bitaboneka, barakeneye nabo nyene “guhindukira bave mu mwiza baje mu muco, bave no mu bubasha bga Shetani baje ku Mana.” (Ivyakozwe n’intumwa 26:18) Kuber’iki? Kuko mw’ijoro no ku murango, bama bitwararitse kumenya icoba kibasema canke “uwoba abanka”, bama bashize umutima ku biheko, baziririza ibintazi bitari Imana nyakuri, Umukuru wa Vyose, Umuremyi w’ijuru n’isi.
74 Nk’ukw’isazi canke akandi gakoko bifatwa mu rutando rw’igitangurirwa, nikw’abantu benshi bāmaze gufatwa n’ubgoba bgo kurenga imigenzo kama, hamwe n’imiziro yo mu muryango canke mu bgoko bgabo, nk’uko boba bafashwe mu rusenga. Batinya ko batayikurikije, imizimu ya basekuru itobafasha, canke ko boturubikwa n’iyindi mizimu. Batinya kandi kuba intavyara, ngw’abana babo ntibahone, umusaruro ntutūbe, ngw’amasho ntashonge, kandi ngo ntibabure gutunganirwa mu vyo bakora.
75 Inyigisho z’ukuri ziri mw’Ijambo ry’Imana nizo nsa zishobora kubagobotora. Baryize, basanga kw’amashetani afadikanije iryo bara na banyamuragura, hamwe n’abapfumu, kandi kw’inkomezi zayo ari nk’izo igitikatika zigereranijwe n’izo Imana nyakuri. Abamaze kunyurwa n’ukw’Imana ifasha kuruta ikindi kintu ic’arico cose, baca babona ko guhigirwa n’umurozi, n’umupfumu canke nk’ikiremwa kitaboneka ic’arico cose, ataco vyobatwara kingana no gucibga n’uwo ibiremwa vyose vyakomotseko.—Matayo 10:28.
76 Ni uko rero kumenya Imana nyakuri n’imigambi yayo, nico ca mbere nkenerwa kugira ngo wibohore muri ubgo buja. Kwiga Ijambo ry’Imana, kutumenyesha ingene abapfuye bameze, ko basinziriye itiro ry’urupfu, ataco bazi, ni ukuvuga ko badashobora kwerekana urukundo, urwanko, gutabara canke gutera umuntu. Ritwereka kandi ababa ahantu hataboneka ab’aribo, kandi kw’ibiremwa vyinshi vy’Imana bitaboneka vyayimenjeko. Ni kuki none Imana yaretse abo bamenja ngo babandanye kubaho gushika n’ubu?
77 Ni uko ukwo kumenja kwari nk’ukuhiganwa na Yehova. Nāho ari uko Shetani nk’ingabo ziwe ntibahakanye inkomezi ntangere z’Imana, kuko bazi kw’azibarusha kure n’iyo, kandi kw’ashobora kubatikiza. Muri Bibiliya, Yakobo 2:19 dusoma ngo: “Wemera yukw’Imana ari imwe? Ugize neza; abadayimoni nabo nyene baravyemera, bagahinda agashitsi.” Bahindishwa agahitsi n’uko bazi kw’imigambi yafashwe na Yehova, ari iy’ukubatikiza. Igihe Yezu icariho c’Imana yashaka gukura abantu bamwe mu nzāra z’amashetani, yaciye amubaza asemerera, “ko yoba yaje kuyahonya ‘igihe cashinzwe kitaragera.’ (Matayo 8:29; Mariko 1:24) Nuko rero abo bamenja barazi neza ko badashobora guhiganwa n’Imana mu nkomezi ngo bayitsinde.
78 Ariko ico Shetani yanebaguye ni intwaro y’Imana izira akarenganyo. Mu majambo yabgiye Eva, yarerekanye kw’ico ashaka ari ukwemeza abantu yukw’Imana atari umuvyeyi afise urukundo, kandi yitwararitse ineza y’ibiremwa vyiwe. Kw’abavyeyi bacu ba mbere bakurikiye inzira y’umumenja Shetani, batumye haduka ikindi kibazo. Cari ico kumenya kw’ibindi biremwa vyose vy’Imana vyokwonkowe kuri yo bikishimira ikindi kintu ic’arico cose. Ivyashikiye Yobu umusavyi w’Imana biravyerekana. Shetani yariraririye avuga ko Yobu yashobora gusaba Yehova igihe atunganiwe muri vyose gusa, ngw’ariko aguweko n’ivyago n’amarushwa, yociye aheba amasabo agata akomoka.—Yobu 1:7-12; 2:4, 5.
79 Umwanya utari muto wo kubeshuza ico kinyoma, n’uwo kuronkera ivyo bibazo inyishu y’imvaho kandi itomoye, wari ukenewe. Bisubiye, nāho ba bavyeyi bacu ba mbere bamenje, Imana Yehova yarabaretse ngo babandanye kubaho no kuvyara abana. (Itanguriro 3:14-19) Muri iryo higanwa rihambaye, yahaye uburenganzira Shetani n’ingabo ziwe ngo berekane kw’ivyo bavuze ari ivy’ukuri; hanyuma areka ngw’abantu bageragezwe kugira ngo berekane ko bokwizigiye Imana isumba vyose, canke ko kubera ukwikunda boyiteye akagere. Ni ivy’ukuri, hashize nk’imyaka 6000 iryo higanwa ritanguye muri Edeni, ariko Bibiliya ivuga kw’Imana yamaho, kuri yo “imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe”, nk’ukw’imyaka 6000 iyibona nk’imisi itandatu gusa. (2 Petero 3:8) Ijambo ryerekana k’umwanya Shetani yahawe uriko urarangira, kandi ko nawe “ari n’inzigo nyinshi, azi kw’afise igihe gito” gisigaye imbere y’ukw’Imana itsinda ukumenja.—Zaburi 90:2, 4; Ivyahishuriwe 12:12.
UBU HITAMWO ICO UKWIYE KUGIRA N’UKWIZERA GUSHITSE
80 Kubera kw’Imana yitonze, yihanganye kandi yagize imbabazi, umwumwe wese muri twebge yahawe umwanya ngw’atore hanyuma arange uwo yega uw’ariwe. Ni waba ushaka kwigobotora mu nzara za vya biremwa bitaboneka, no muri rwa rusenga ari yo miziro n’imigenzo igumiza abantu mu buja, tangura ubu nyene udakekeranya gutabaza Yehova, “Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu, . . . igira ikigongwe cinshi kandi (ivugisha ukuri gusa”. NW) (Kuvayo 34:6) Intumwa y’Imana Yezu Kristu yigishije abigishwa biwe ngo basenge bartya: “Arik’udukize wa mubi.” (Matayo 6:13) N’uvyemere, Yehova arumviriza ugusenga kuvuye ku mutima ukeye. “Kukw’inyonga z’Uhoraho (za Yehova NW) ziri ku bagororotsi, n’amatwi yiwe (Yumviriza ukwambaza kwabo.” NW)—1 Petero 3:12; Imigani 15:29.
81 Ni waba ukunda ukuri, uzokora ibihwanye n’ivyo usaba Imana. Imiziro n’imigenzo ifitaniye isāno n’ivy’ubupfumu uzosigara uyibona ute? Intumwa Paulo irongowe n’Imana yanditse ibi: “Singomba yuko musangira n’abadayimoni. . . . Ntimushobora gusangira ivyo ku meza y’Umwami wacu (Yehova NW) n’ivyo ku meza y’abadayimoni.” (1 Ab’i Korinto 10:20, 21) Dutegerezwa gutora uwo dusaba, Yehova canke Sehtani, kubera kw’abo babiri badacane uwaka. Ni twaba rero dushaka kunywana canke kuzigamwa na Yehova, dutegerezwa kuvavanura rwose n’amashetani. Ni ukuvuga ko dukwiye kwikurako ibikoresho vyose bifitaniye isano n’ivy’ubupfumu, kukw’ataco vyotumarira atari ukutugumiza mu nzara zayo gusa. Ubitaye canke ukabiturira, woba uteye intambge nini, igukura mu bushumba bg’umubisha, ikakujana mu mwidegemvyo nyakuri.
82 Nāho nyene, Ijambo ry’Imana riradufasha cane ngo tube intwari mu gutera iyo ntambge. Riratwereka igituma tudakwiye gutinya ivyo bikoresho nāho bamwe bagira ngo biriko umutongero, canke ngo bishobora guhūma. Imana Yehova yaraturemesheje ikoresheje uwavugishwa na yo Yeremiya iti: “Ntimukige ingeso z’amahanga, . . . kukw’imigenzo (ibishusho vyahinguwe, New English Bible) y’abanyamahanga ari iy’ubusa, baca igiti co mu kibira, amaboko y’umuhumbizi akagitunganisha incabiti. Bakisakarisha ifeza n’inzahabu, bakagikomeresha imisumari n’inyundo, ngo coye kunyiganyiga. Ben’ivyo bishushanyo bisa n’ibikanganyoni bishinzwe mu mirima bitazi kuvuga. (Ni ivyo guterurwa, kuko bidashobora gutambuka. NW) Ntimukabitinye kuko bidashobora gukora ikibi canke ngo bifashe gukora iciza.” (Yeremiya 10:2-5) Umwana mutoyi arashobora gukangwa n’igikanganyoni kigangaraye mu murima, ariko umuntu akuze we ntiyogitinya. Naryo Ijambo ry’Imana rivuga kw’ibishusho abantu bahingura bagatangura kuvyubaha bimeze nk’ibikanganyoni, bidashobora kuvuga, gutambuka, kugirira ineza canke inabi uw’ariwe wese.
83 Bibiliya yerekana kw’ari ukubura ubgenge kwiyumvira kw’ibintu vyahinguwe n’amaboko y’umuntu bishobora guhūma. Akarorero, Yesaya yavugishwa n’Imana avuga umuntu yicira igiti kinini mu kibira, igihimba kimwe agacanisha umuriro wo guteka ivyo kurya, ikindi gice akakibazamwo igishusho, hanyuma “akacikubita imbere akagisenga, akacambaza, ati nkiza, kuk’uri Imana yanje.” Abo bantu Yehova ababgira, ati: “Ntaco bazi kandi ntaco biyumvira, kukw’amaso yabo yahumye ngo ntibashobore kubona, n’imitima yabo ngo ntibashobore gutahura. Erega ntawibuka, ntawumenya ngw’atahure, ngw’avuge ati igihimba caco nagicanishije umuriro, nacumvye umutsima ku makara yayo, ntara kw’inyama ndazirya; mbeg’igisigaye (nogikoramwo ikintu nk’ico c’ubuyobe? NW Mbega nokwikubita imbere y’urugegene rwumye, imbere y’icakuwe mu giti? Yishimira umunyota. NW) . . . Bituma adashobora gukiza ubugingo bgiwe, ngw’aruhe yibaza, ati mbega ico mfise mu kuryo kwanje s’ikinyoma?”—Yesaya 44:14-20.
84 Igiti cama ari igiti naho abantu borara baragihingura gute. Nico gituma igishusho c’igiti gishobora gusha kigatokombera nk’ukw’izindi ngiga zose zisha. Ntigishobora kwirinda ngo ntikiyogere. Ni uko nyene n’ibiremo biri, canke utugozigozi, ibumba, amabuye, intete cank’ico cose abantu bashobora guhinguramwo ikigereranyo co kwambarizako imizimu. Ivyo bintu vyose birashobora kuyogera mu buryo ubg’aribgo bgose. None ni vyaba bidashobora kwikingira vyo nyene, birumvikana ko bidashobora gukingira n’abantu. Ariko ikibi kigeramiye abantu, n’ukuvyishimira, kugatuma ibiremwa vyahumanye kandi bizimiza arivyo mashetani bitugira ibijuju bipfa kwemera ibinyoma n’uburyarya. Ijambo ry’Imana riratwereka ingene dukwiye kwikuramwo ivyo binyoma.
85 Bibiliya irigana abantu bātinyutse kubera ukwizera, baturira ibikoresho vyabo bakoresha mu vy’ubupfumu, naho baciye bahomba cane. Igitabu c’Ivyakozwe n’intumwa kivuga ingene intumwa Paulo yashingiye intahe Imana mu gisagara c’i Efeso, hanyuma kikabandanya kiti: “Benshi mu bakora ivy’ubupfumu bakoranya ibitabu vyabo vy’ubupfumu, babituririra mu maso ya bose, baharūra igiciro cavyo, basanga gishitse ku ntete z’ifeza ibihumbi mirongwitanu.” (19:19) Iyumvire iryo tunga uko ryangana! Ariko gutona ku Mana ishobora vyose, no kuva mu buja bg’amashetani, kuri bo vyaruta kure n’iyo amahera ivyo bitabu vyari biciye.
86 Ni kuki utosuzuma mu nzu yawe, hanyuma ukibaza k’ufise ukwizera kungana na kumwe kwa ba banyefeso, kugira ng’uyisohoremwo ivyo vyose bifitaniye isāno n’ukwambaza imizimu? Ico abanyefeso bakoze, cabaye akarorero karemesha cane: “Uko nikw’Ijambo rya Yehova ryongerekanye, rirakomera, hanyuma riratsimbatara.” (Ivyakozwe n’intumwa 19:20 NW) N’ubu nyene, niko biri ku bantu ibihumbi n’ibihumbi bahevye ibintazi vy’ubupfumu, ngo basabe Imana nyakuri. Ububasha buri mu kuri kwanditswe mw’Ijambo ry’Imana bgatumye bakoranya ibitabu n’ibiheko, impigi n’imiringa, “ubudede” n’uburembe, hamwe n’ibindi vyinshi bifitaniye isāno n’ubupfumu barabitikiza.
87 Akarorero, ni umupfumu wo muri Afrika y’ubumanuko, yemeye kw’Icabona ca Yehova kimufasha kwiga Bibiliya. Amaze gusoma iyo nkuru ya Bibiliya tuhejeje kubona, ivuga kw’inshirabgoba zo mu kinjana ca mbere zayogeje ibikoresho vyazo vy’ubupfumu, uyo mugore aca abaza ko nawe ategerezwa kugira nka zo. Ca Cabona kimaze kumwereka kw’azoca atona ku Mana, baca barasezerana umusi bazohurirako. Ca Cabona kigarutse kuri uyo musi, gisanga wa mugore yiteguye. Yari yiyegereje ivy’ahora yambara mu kuragura, ibikoresho ahora akoresha, n’ibitoro vyo kubiturira. Baracana umuriro barabiturira vyose. Mu nyuma vyagenze gute none? Uyo mugore yikura gurtyo mu nzara z’amashetani, none ubu ari n’iteka ryo gufasha abandi ngo bizigire Imana nyakuri.
88 Iyindi nkuru isa n’iyo, ni iy’umuagbo wo muri iyo ntara nyene, yari yatanguye kwatirwa n’umupfumu yemerwa cane, ntiyateba kumenyera, mu misi mike aca aba umusangirangingo n’uyo yariko aramwatira. Hanyuma umugore w’uyo yātira atangura kwiga Bibiliya hamwe n’Ivyabona vya Yehova. Umusi uri izina, biga uyo yatirwa nawe ariho ari. Icigwa c’uyo musi cari gishimikiye ku nyigisho za Bibiliya zivuga kw’Imana yanka kurya canke kwiyinjizamwo amaraso (Abalewi 17:10-14; Gusubira mu vyagezwe 12:23, 24; Ivyakozwe n’intumwa 15:20, 29) Ivyo biratangaza cane uyo mugabo yari hafi yo “kwatirwa”, ngw’abe aronse ingingo n’intahe “y’ubupfumu” no kuragura. Mugabo yari azi kw’ategerezwa kunywa amaraso kuri uyo musi “w’ukwatirwa”. Yahisemwo iki none? Yashaka gushimisha Yehova inkomoko y’ibirimwo ubugingo vyose, ha kurondera gutona ku biremwa bitaboneka vyamenje. Aca arata buno nyene ivy’ubupfumu, abandanya kwiga Bibiliya hamwe n’Ivyabona vya Yehova. Ubu arahimbawe n’ukubona yarikuye mu buja bw’amashetani yuzuye ubugunge.
89 Kugira ngo wiyamamure amashetani, igikenewe si ugusaba Yehova ngw’agufashe gusa, igikenewe “n’ugushishikara mu gusaba.” (Abaroma 12:12) Ijambo ry’Imana ritwigisha ko kureka imigenzo yose y’ubupfumu, no kuyogeza ibikoresho vyose bifitaniye isano n’ukwambaza imizimu, bifise akamaro kanini cane. Bitayeko, ni waba ushaka gutsinda amashetani ng’usigare widegemvya, ntubishobora niwaba uri nyamwigendako, kiretse ufadikanije n’abandi bakristu muri urwo rugamba.
KWAMANA N’ABASAVYI B’IMANA Y’UKURI
90 Bibiliya idusaba ngo tuze turakorana kugira ng’ukwizera n’urukundo vyacu bishinge imizi. (Abaheburayo 10:24, 25) Yamara dukoranire hamwe na bande? Kw’isi yose, abakristu bari mu madini yirarīra ngw’akoresha Bibiliya, kenshi usanga ari bo baja kuvurwa ku bapfumu, canke kuraguza. Ariko Ivyabona vya Yehova bo si uko. Bo baririnda cane ico cose kidahuye n’Ijambo ry’Imana cobata mu nzara z’amashetani. Barahimbarwa n’ugufasha uyo wese yipfuza kwiga Bibiliya no kumenya inyigisho z’ukuri zizomuha kwidegemvya. Nta mpera basaba, ahubwo bakurikiza akarorero ka Yezu n’intumwa ziwe. Igihe muzoba muriko muriga, bazogufasha gutora inyishu z’ibibazo wibaza ata mpembo bagusavye, kandi banezerewe.
91 Bitayeko, barakorana kenshi ngo basuzumire hamwe Ivyanditswe birongowe n’Imana biri muri Bibiliya. Mu kwinjiramwo ntaco utanga, kandi ntaco bakwaka ushitseyo. Ayo makoraniro arafasha cane abayijukiye kurwana kuvugwa n’intumwa ngw: “Abo tunigana . . . n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru.” Hanyuma iyo ntumwa igaca idusaba ngo twambare ibigwanisho vyose vy’Imana.” Kandi ngo duhagarare dushikamye, “dukenyeje ukuri, twambaye ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza,” hamwe “n’inkizo y’ukwizera, . . . twambaye inkofero y’agakiza, bo n’inkota ya mpwemu ni yo Jambo ry’Imana.”—Abanyefeso 6:12-17.
92 Kugira ngo umenye gukoresha neza ivyo bigwanisho hamwe n’iyo “nkota ya mpwemu,” ukeneye kwiga imisi itari mike. Wamanye n’abamaze gutsinda urwo rugamba canke babirāririye, uzotera uja imbere. Uk’uzobandanya kumenya neza imigambi y’umuremyi, Umwami w’ijuru n’isi, Imana Yehova, kandi uk’uzotahura ubgenge buri mu mategeko ashinga, n’ubutungane buri mu vy’abgiriza, nik’ukwizera kwawe kuzokongerekana. Uzoharonkera n’umwizero weza umutima, k’umusi umwe uzokwibera mw’isi izoba yahindutse iparadizo, izogererwamwo n’abantu bitonda gusa, bakayibamwo batagwara, batababara, ata n’ugupfa, bari mūsi y’intwaro y’Imana izoba irongowe na Yezu Kristu. Uzokwiga ico wogira ngo winjire mu murwi w’abantu bazobona igihe Imana “izohanagura amosozi yose ku maso yabo.”—Ivyahishuriwe Yohani 21:4; Zaburi 37:10, 11; Matayo 5:5.
93 Kugira ngo tugume mu mwidegemvyo, ntidusubire kuganzwa n’ibiremwa bitaboneka vyuzuye ubugunge, dukwiye gukurikiza impanuro ya Bibiliya, idusaba, ngo: “Twiyambure ubuntu bgacu bga kera buranga uko twigenjeje mu gihe gishize, duhinduke abantu basha baremwe mw’ishusho ry’Imana, batunganye kandi bagororotse vy’ukuri.” (Abanyefeso 4:22-24 NW) Mu gihe cahise, ntitwigenza nk’ukw’Imana ishaka, ariko twakurikiza imiziro n’imigenzo kama y’i wacu. Dukwiye rero gusuzuma uko twigenza, kugira ngo twirinde ico cose coba gifitaniye isano n’ikinyoma ca Shetani, ngw’abapfuye barashobora kugirira iciza canke ikibi abakiriho.—2 Ab’i Korinto 13:5.
BANDANYA GUSIZANIRA UKWIZERA
94 Ūmaze kwigoborota mu nzara z’amashetani, ukwiye gusizana vyeruye ngo ntusubire gufatwa. Yezu yavuze, ng “uwuzobona yihanganye gushika kw’iherezo . . . azorokoka.” (Matayo 24:13 NW) Uko bukeye uko bgije, dutegerezwa kugwanya ivyosubira kudufatisha muri rwa rusenga rw’imiziro n’imigenzo iva ku mashetani, yotuzibirira imigisha y’Imana.
95 Shetani n’ingabo ziwe bafise uburyo bginshi bwo kutugonda. Bashobora kuduteranya n’umuryango canke n’abagenzi. Kenshi bihora biba nk’uko Yezu yavuze ati: “Kand’abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe.” (Matayo 10:36) Niwaba ushaka kwitaramura mu migenzo y’amashetani, kugira ngo wereke Imana yuk’uyikunda, kandi ushaka kwitondera amabgirizwa yayo, utitayeho ivyo bazokugirira n’ayo bazokuvuga, ehe raba zimwezimwe mu ngorane nyinshi zoshobora kugushikira.—1 Yohani 5:3; Ab’i Kolosayi 2:8.
IGIHE HAPFUYE UMUNTU
96 Mu ntara zimwezimwe z’Afrika, igihe hari ūpfuye, abo mu muryango n’ababanyi baca bakoranira muri iyo nzu hapfuyemwo umuntu, canke “mu yindi”, “bakarāra bicaye”, baboroga, bacura intimba, bavuza ingoma, banywa, canke bagira ibindi bintu nk’ukw’imigenzo yabo kavukire imeze. Har’aho baba buhagiye umupfu, bakamwambika ivyambarwa vyiwe vyiza, hanyuma “bakamuryamika ahabona” kugira ngw’ababanyi n’abagenzi batonde umurongo imbere yiwe bamusezere atarafubga.
97 Birumvikana kw’igihe umuntu yabuze umukunzi mu muryango canke mu bagenzi, ategerezwa kwijirwa. Igihe Lazaro umugenzi wa Yezu yasandaba, Yezu ntiyababaye gushika aho akorora amosozi? (Yohani 11:33, 35) Mugabo amosozi avuye ku ntuntu y’ukuri, ntaho ahuriye n’induru n’amaborogo bavuza mu bihugu bimwebimwe igihe babuze umuntu. Akameremere k’umuntu n’ukurira canke gucura intimba, igihe umukunzi wiwe yasandavye. (2 Samweli 1:11, 12) Ariko kurira no kunihira kugira ntushavuze imizimu, canke ng’ushimishe abo mu muryango, ntibihuye n’Ijambo ry’Imana. Amajambo bakoresha mu kuboroga no mu gucura intimba usanga kenshi ari ayo gusaba no kwambaza imizimu ya basekuru canke y’abandi bantu bapfuye. Kandi niko harya barara bicaye, usanga rimwerimwe biva ku bgoba bg’imizimu. Muri ico gihe, nāho atari bibi ku muntu yubaha Yehova kuja gufuba umuntu, bikwiye ko twibuka iyi mpanuro ivuga, ngo ‘ntitugakore ku kintu gihumanya na kimwe.’ (2 Ab’i Korinto 6:17) Turashobora kwerekana ko dutuntuye, canke tugasuhuza uwabuze mu buryo bwinshi, turarinze kwivanga mu vy’ukwambaza imizimu. Vyongeye nāho, abasavyi ba Yehova, ntibashobora kureka ngo bababare gushika aho baba hafi yo guturika n’amaganya, kuko bo bizigiye ko hazoba izuka ry’abapfuye. Nico gituma Bibiliya ivuga iti: “Ariko bene data, ntitugomba ko muyoberwa ivy’abasinzira itiro ry’urupfu, ngo ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro.”—1 Ab’i Tesalonike 4:13.
98 Ego data, uburyo bgo kugandara, bgo gufuba, n’imigenzo ababuze umuntu bakurikiza, biratandukanye cane, kubera ko biva ku vyo bemera no ku migenzo kavukire yabo. Ariko, bishimikiye ku ciyumviro ngw’abapfuye barashobora kurereka abakiriho; kandi iyo migenzo nyene ikaba ari imwe yankwa n’Ijambo ry’Imana. Umusavyi nyakuri w’Imana ntiyoshobora kwihumanya mu gukora ishano nk’iryo. Mu ntara zimwezimwe z’Afrika, bahora basubira kugandara hashize umwaka umuntu apfuye, kugira ngo “bamugarukane i muhira”. Bo bazi k’umuntu apfuye, umutima w’ubgenge udaca uja i wabo “mu mizimu”, ariko k’uguma ujunjamaye ahantu hamwe, gushika bamugandariye ubga kabiri, niho ubona gutaha “mu mizimu”. Mu zindi ntara naho barabaga ibitungwa, bagaterekerera imizimu ya basekuru. Abaswahili na barya biyita ngo n’abakristu, nabo nyene iyo migenzo barayikurikiza.
99 Ico kwitwararikwa cane muri ivyo, ni ibivugwa mw’Ijambo ry’Imana kuri iyo migenzo. Akarorero muri Zaburi 106:26, 29 havugwa abisirayeli b’ibimenabanga batanguye kwambaza ibintazi no “kurya ivyaterekerejwe imizimu.” Havuga kandi kw’izo ngeso zabo ari zo “barakishije Imana”, kandi zibonkora ku masabo. Twamaze kubona muri Bibiliya k’umuntu apfuye, Imana gusa ari yo ishobora kumugarura mu kumuzura.—Raba igice ca 33 gushika ku ca 36.
100 Twame rero tugavye mu bihe bimwebimwe nk’ibi: Igihe hapfuye umuntu, igihe co kumufuba, igihe c’ubukwe, igihe c’imbanyi, igihe co kwibaruka n’ico kugenyera. Ijambo ry’Imana riratuburira riti: (“Mwamane urugero, mube maso, wa mwansi wanyu, wa murezi NW) agendagenda nk’intambge yivuga arondera uw’arotsa.” (1 Petero 5:8) Ntibigoye kugobegwa ukagondwa, gushika aho wambara nk’igiheko ngo nico co kukuzigama. Ariko uyo wese ashaka gushimwa n’Imana, yokwibuka kw’Imana Yehova, ari “Imana ishaka kw’isabga yo nyene nsa.” (Kuvayo 20:4-6 NW) Ntiyihanganira amadini yigisha ibinyoma kandi ntiha imigisha abasavyi bayo ‘b’inzuyazi’ mukurangura amabgirizwa yayo.—Ivyahishuriwe Yohani 3:16.
IGIHE UMUNTU AGWAYE
101 Abagwayi bamwebamwe, bagiye kuvugwa mu bitalo ntibaronke mitende, baca bibaza kw’igisigaye ari ukuja “ku baganga b’igishenzi” nk’uko babita mu bihugu bimwebimwe. Benshi mur’abo “baganga” canke abapfumu, bavurīsha imyahwa canke imizi yo mw’ishamba, yo nyene gusa ata nabi iriko. Mugabo ikibi ni uko iyo miti yabo barinda kuyihamura. Muri Bibiliya, ijambo “ubupfumu” riri mu Vyahishuriwe Yohani 21:8 Traduction du monde nouveau, rivuye mw’ijambo ry’ikigiriki phar·ma·kiʹa risobanura ngo “kunywa urumogi.” Ni uko kera, banyamuragura benshi n’abapfumu, bakoresha urumogi mu gupfumura.
102 Abo baganga b’igishenzi bashobora gupfumura ku myahwa yabo mu gukoresha interekerezo (umugwayi akaba ari we yironderera iyo nkoko, canke iyo ntungwa yo guhereza), mu kuyihamurirako canke mu kuyirogesha. Mu gihugu kimwe co muri Afrika y’uburengero, umugabo umwe yumvise ko hari umugore basangiye ubgoko ashaka kumuha umwahwa wo kumuruhura iryinyo ryari rimurembeje. Igihe uyo mugore yawumuha, amubgira ngo ntawurabe. Wa mugwayi amubajije igituma amwishura ngo yoba awuziruye. Ariko bishoboka bite k’umwahwa, umuzi canke uwundi muti wose, umenya ko “bawuravye”? Uri n’amaso? Haba n’intete. Birumvikana rwose k’uyo mugangakazi, yari azi ko hariho ikindi kintu kitaboneka, gikorera mur’uyo muti, kigatuma ushobora gukiza.
103 Hari bamwe mur’abo baganga bashobora kwirarīra, ngo bo barubaha amategeko y’Imana abuza ivy’ubupfumu, kandi mu vy’ukuri badashobora kuvuga batarinze guhamura. Har’aho batubikira ivyondo canke uwundi muti ahagwaye, canke bakaharumika, hanyuma batuburuye wa muti, canke barumuye ca kirumiko, bakerekana ibuye canke igishambara ngo nico cari inyanduruko y’ingwara, none baragikuye ku mubiri.
104 Twamaze gusoma ukw’Imana ishobora vyose ibona gupfumura no kuroga, kw’ivyanka “urunuka”. (Gusubira mu vyagenzwe 18:10-12, raba igice ca 58 gushika ku ca 61) Abo baganga benshi bakoresha amazīrōzi ari yo mihamuro canke bagatanga amashikanwa, kugira ngo bambaze ‘imana zabo’. Nk’umwe muri bo none agusavye ng’umuzanire inkoko canke impene ngw’ayitange kw’ishikanwa, ivyo vyokubwira iki? Mu vy’ukuri, iyo mbagwa yoba ishikaniwe nde? Intumwa Paulo yarongowe n’Imana yishura, iti: “Amashikanwa abanyamahanga batanga bayaterekereza abadayimoni ntibayashikanira Imana, nanje singomba ko muba abanywanyi b’abadayimoni.”—1 Ab’i Korinto 10:20-22.
105 Ni twaba twariyambuye ubuja bw’amashetani, ntidushobora gusubira kwita mu miziro n’imigenzo y’ubujuju, ngo tugume twidegemvya. Ariko tuvuge ko twoba twaragerageje uburyo bgose bgiza bgo kwivuza, mugabo ntituronke mitende. Bibiliya ivuga, iti (“Remeka Yehova NW) umutwaro wawe, nawe azokuramira.” (Zaburi 55:22) Musabe, si ukugira ngw’agukirishe igitangaro, ariko ngw’akurongore kurondera umuti wokuruhura, cane cane ngw’agufashe ugume uri inaga ntumene ibanga, kandi ntuyegayeze ukwizera n’agaciro kawe, naho woba umaze imisi myinshi uremvye bikomeye. N’ibibondo vyawe na vyo ushobora kubishinga Yehova, we nkomoko y’ubugingo bgavyo. Ashobora kubizigama adakoresheje ibiheko, ibimazi, ibiterekerezo, imihamuro, n’ibindi vyinshi.
106 Turazi kw’abakwirikirana ivy’ubupfumu hamwe n’abaganga b’igishenzi bagwara hanyuma bakaruhira gupfa. Abasavyi nyakuri b’Imana bo n’ibibondo vyabo banka kwita mu vy’ubupfumu, nabo nyene barashobora gufatwa n’ingwara zikira n’izidakira, ariko bo bafise ivyizigiro bibahumuriza. Bazi ko Yehova yashinze igihe azokura ingwara n’urupfu mu bantu. Abagumyabanga b’Imana bazoronkera akoyoko mu migambi izoba yafashe yo kubagabira ubuzima, igereranywa n“uruzi rw’amazi y’ubugingo” rukikijwe n’ibiti, amababi yavyo ari “ayo kuvura amahanga”. (Ivyahishuriwe Yohani 22:1, 2) Nāho rero twoba tugeramiwe n’urupfu, dushobora kwibuka aya majambo ya Yezu, ngo: “Kuk’ugomba gukiza ubugingo bgiwe azobubura, arik’uzoheba ubugingo bgiwe kubganje azoburonka.” (Matayo 16:25) Hako tworondera gukiza ubugingo bgacu mu kwihumanya mu vy’ubupfumu, Imana Ntananigwa tuyigire inkinzo yacu, twizigiye kw’izotuzura ikatugarura mu buzima, tukibera mw’isi nshasha aho bose bazoba atawuniha umutwe.
INZOZI
107 Shetani umwansi agwanya Imana, ashobora kandi gukoresha indoto, ngo yonkore abasavyi b’Imana ku masabo nyakuri. Abantu benshi baritwararika cane ivy’inzozi. Rimwerimwe inzozi zisa n’uko zerekana ibizoba mu misi izoza. Ego niko, kera Imana yarakoresheje bamwebamwe mu basavyi bayo, nka Yozefu yakundwa cane na Yakobo se wiwe, ngo bavuge ibizoba bicishijwe mu ndoto. Ariko tumenye kw’ico gihe ata Vyanditswe muri Bibiliya bikwiye, bari bafise vyo kubarongōra. Muri iki gihe cacu, turafise ivyo Vyanditswe bivuga, ngw: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana . . . kugira ng’umuntu w’Imana abe ushitse, afise ibimukwiye vyose, ngw’akore igikorwa ciza cose.”—2 Timoteyo 3:16, 17.
108 Ijambo ry’Imana Bibiliya ni indongōzi ISHITSE, ifasha gukora ico cose ciza. Kuva ah’ico gitabu gisozerewe kwandikwa, nico Imana ikoresha mu kurongora abasavyi bayo, ntigikoresha indoto. Nkako iratugabisha ngo twirinde inzozi zifitaniye isano no kuragura, bo n’ukwambaza imizimu, iti: “N’abapfumu bahishuriwe ibinyoma, kandi ntibahengeshanya kurotora inzozi zitagira ico zivuze.” (Zakariya 10:2 NW; Gusubira mu vyagezwe 13:1-3) Ijambo ryarongōwe n’Imana ni ryo ritwerekeza mu nzira nziza, ariko abakurikira ivy’indoto nta kabuza bazohubishwa batabge kure y’amasabo.—Yeremiya 23:25-27, 32; 27:9, 10.
AGAHIMBARE K’ABASAVYI NYAKURI B’IMANA MU MISI IZOZA
109 Hako wizigira ivyo mu nzozi, hindukirira ivyavuzwe n’abavugishwa b’Imana biri muri Bibiliya. Iryo Jambo ntirikubesha. Igihe risigura ivy’ukwambaza imizimu, rirerekana n’ukw’abapfuye bameze, rivugisha ukuri. Igihe rikubgira kw’abapfuye ataco bazi, ko badashobora gufasha canke gutera abakiriho, riba rikuruhuye ubgoba bgari bukuremereye. Igihe rikwereka kw’amashetani ashobora kwiyorobeka, akigira nk’abantu bapfuye agahenda benshi, riba rigukingiye ikiza. Kandi ukurikije inyigisho za Bibiliya i muhira, zizokugirira akamaro kanini cane, kwamana amahoro n’umutima uri mu nda. Bitayeko, uzokwibonera ingene ivyavuzwe n’abavugishwa n’Imana ubu biriko biraranguka nk’uko nyene babivuze.
110 Ayo majambo y’abavugishwa n’Imana atubwira iki none ku vyerekeye imisi izoza? Abūra ko mu gihe twimirije, amadini yose y’ikinyoma hamwe n’iry’abambaza amashetani yuzuye ubugunge, bo n’uburyo bakoresha mu kuyambaza, tutibagiye n’imigenzo kama, vyose bizoranduranwa n’imizi. Muri Bibiliya, amadini yose y’ikinyoma ari kw’isi yose, gushiramwo n’ay’abiyita ngo n’abakristu, agereranywa n’umugore w’umumaraya yitwa “Babuloni hahambaye.” Avugwa kandi kw’ari igisagara gihambaye, kiganza leta zo kw’isi kandi ngo “yicaye ku mazi (menshi” NW), ayo mazi nayo, ngo “ni yo moko, n’amakungu y’abantu, n’indimi.”—Ivyahishuriwe Yohani 17:1, 5, 15, 18.
111 Ntibigoye kumenya ingene idini ry’ikinyoma, rigabanijwe mu duce twinshi, ryaganjije abantu bari kw’isi yose, ribagira abaja, rirabahahaza gushika n’ubu. Ijambo ry’Imana ribgira iryo dini, ririgereranije n’igisagara, riti: “Kukw’amahanga yose yahendahenzwe (n’ubupfumu NW) bgawe.” (Ivyahishuriwe Yohani 18:23) Imana iranka idini ry’ikinyoma kubera ko ryakoresheje amashetani yuzuye ubugunge, mu guhenda abantu no mu kubakura mw’idini ry’ukuri. Bibiliya ivuga ngw’inganji y’iryo dini ry’ikinyoma yitwa Babuloni Hahambaye: “Izotongozwa umuriro, kuk’Umwami Imana yayiciye kw’iteka ari uw’ubushobozi.” Nāho Shetani n’ingabo ziwe bafise ububasha buruta ubg’abantu, ni ibisomasoma bagereranijwe n’Imana Yehova hamwe n’ingabo ziwe, abamarayika. Izo mpwemu zitaboneka zuzuye ubugunge, ntizizoshobora n’intete kurokora abarenga amategeko y’Imana, igihe wa musi washinzwe wo gusenyura Babuloni Hahambaye, inganji y’idini ry’ikinyoma, uzozira. Nico gituma Imana itubūrīra, iti: “Ni muve i we bantu banje ni mwaba mudashaka gusangira ivyaha vyiwe.”—Ivyahishuriwe Yohani 18:4, 8.
112 “Intambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” izoca ikurikira gusenyuka kw’idini ry’ikinyoma. Niho Yezu Kristu, umugabo yahawe inkomezi, ari we azoba aserukiye Imana, azorongōra ingabo z’abamarayika, zitere abansi b’Imana bose ngaha kw’isi. Uko nikw’Imana izokubura ububi bgose buri kur’iyi si, nka kurya umugore akubura inzu yiwe. (Ivyahishuriwe Yohani 16:14-16) Hari abazorusimba none? Bibiliya ivuga ngo: “Kukw’abagororotsi ari bo bazokwibera kw’isi, kandi kw’intungane ari zo zizoyigumirako. Ariko inkozi z’ibibi zizocibga kw’isi, ibihemuke navyo bizorandurwa kuri yo.” (Imigani 2:21, 22 NW) Me! “abicisha bugufi bazohabga isi, bazokwinovora amahoro y’umusesekara.”—Zaburi 37:10, 11, 29; Imigani 12:7 NW.
113 Urashobora kwibaza ingene biryoshe kuba kw’isi yahindutse iparadizo y’akaroruhore, kubana n’abantu bicisha bugufi, kandi badakundana rumwe rwa mpa nanje ndaguhe, ingene ari vyiza gukurwako izi ntwaro zigunga kandi zicinyiza abanyagihugu, ugutwarwa n’intwaro igororotse kandi itunganye? (Daniyeli 2:44; Yesaya 65:17, 21, 22, 25) Woshima kuzobaho igihe ivy’Imana ishaka bizogirwa ngaha kw’isi nk’uko bigirwa mw’ijuru, n’igihe abantu batazoba baciga kugwana? (2 Petero 3:13; Matayo 6:10; Mika 4:3, 4)? Ico gihe niho ata ngwara, ata kubabara, ata bgoba bgo gupfa, bizoba bikivugwa. Kandi ushima, bizoryoha, Shetani n’ingabo ziwe bateye amarushwa ng’aha kw’isi, bakoresheje ubupfumu, bazorandurwa ubutagitoha. Es’iyo mpera y’akaroruhore iturindiriye, twerekwa n’Ijambo ry’Imana: kubaho tudapfa, turi mw’iparadizo, mu mahoro no mu mutekano, dufise amagara atarimwo amaganya!—Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4; 20:10.
114 Ni waba rero ushaka kuramba, bandanya gutohoza imigambi y’Imana Ntananirwa, no gutahura neza iyo Mana iy’ariyo. Umusi umwe Yezu yambaje Se wo mw’ijuru, ati: “Ubu ni bgo bugingo budashira, ngo (bige kumenya wewe NW) Imana yo nyene y’ukuri, n’uwo watumye Yezu Kristu.”—Yohani 17:3.
115 Ihambirire ku gutohoza, niho wobangukirwa n’ugutahura. “Wame ugwana intambara y’ukwizera.” Uko niko intumwa Paulo ivuga. Ni kuki wogwana none? Ng ‘ucakire ubugingo budashira’. (1 Timoteyo 6:12) Ni wigobotore muri rwa rusenga ruhambirira umuntu mu buja bg’amashetani yuzuye ubugunge, kandi imisi yose, “mugwanye wa mugwanizi nawe azobahunga. Mwiyegereze Imana nayo izobegera.” (Yakobo 4:7, 8) Shikama mu kwizera. Igisigaye, ese “data wa twese w’imbabazi, Imana yirūra imibabaro yose,” yoguha kunesha, kandi yogutera iteka ryo kuyikorera ushwashwanutse imyaka yose, mw’isi nshasha y’ubutungane.—2 Ab’i Korinto 1:3.
[Utujambo tw’epfo]
a Uzosanga ibindi bimenyetso biranga ko Bibiliya ari imvugakuri, mu bitabu vyitwa: La Bible est-elle vraiment la Parole de Dieu? na “Toute Ecriture est inspirée de Dieu et utile”.
[Ibibazo vy’icigwa]
1, 2. (a) Utuyoberabihuza duhora tubona, akarorero nk’imituragaro, bamwebamwe batiwyumvorako iki? (b) Abantu benshi bemera iki ku vyerekeye abasandavye?
3. Ingwara, amasanganya n’izindi ngorane, benshi bazi ko biterwa n’iki?
4, 5. Ni kuki ivy’ubupfumu abantu benshi bavyitwararitse cane mu ntara nyinshi zo kw’isi? Bavyerekana bate?
6. Tanga uturorero twerekana igihe abantu benshi baja kuraguza.
7. Ni ibihe bibazo duca twibaza, kandi ni kuki inyishu zotangwa n’abantu gusa zitodushika ku nyota?
8. Ni ayahe makete yunzwe hamwe Umuremyi yatwandikishirije?
9. Ni igiki cerekana ko Bibiliya itandikiwe ubgoko canke abantu kanaka gusa?
10. Ni igiki gitandukanya rwose Bibiliya n’ibindi bitabu?
11. Urmuremyi yitwa ngw’iki? Dondagura imico myiza imw’imwe afise?
12. (a) Ni igiki cerekana kw’ivyo Bibiliya ivuga ari ivy’ukuri? (b) Vuga amajambo abavugishwa n’Imana bavuze yerekeye Yezu, yarangutse hashize ibanjana (Imyaka amajana) vyinshi kuva bayanditse.
13. Ni ayahe majambo y’abavugishwa n’Imana ariko araranguka ubu?
14. Ni ibihe bibazo Bibiliya yishura idahushije?
15, 16. (a) Hariho ibindi inyabugingo bitaboneka ndetse Imana Yehova? (b) Ubugingo bg’ikiremwa cose, caba ikiboneka canke ikitaboneka, bgakomotse he?
17. (a) Ni ikihe kiremwa ca mbere camenje ku Mana? (b) Ni ibihe biremwa bindi vyacunganiye mu bugarariji?
18. (a) Ivyo biremwa bindi bitaboneka vyamenje ryari? (b) Ni igiki catumye bita ibanga vyari vyashinzwe na Yehova?
19. Abo bamarayika bamenje babaye iki mu gihe c’umwuzure?
20. (a) Imana isengwa muri iyi si ni nde? (b) Inganji yiwe ingana ite?
21. Ni kuki gutahura neza Ijambo ry’Imana bifise akamaro?
22. Ni ibiki vyashikije umwigeme wo muri Brezil igihe atanguriye kwumva amajwi avugwa n’ico atabona?
23. (a) Abagwayi bamwebamwe kugira ngo baruhuke, bahora bagira iki? (b) Bibaza ko inkuru barōnse yavuye kwa nde?
24. Ni ibihe vyiyumviro bidasa abantu biyumvira ku bapfuye?
25. Twogira dute ngo twerekane “kw’Imana ari imvugakuri”? (Soma no muri 2 Timoteyo 3:16)
26. (a) Ijambo “umutima w’ubgenge” ryanditswe kangahe muri Bibiliya? (b) Ibindi biremwa Bibiliya ivuga kw’ari ibifise ubugingo nk’umuntu ni ibihe?
27. Ibifise ubugingo birashobora gupfa bigahera? Muri Matayo 10:28 Yezu yerekana gute ko n’umuntu ashobora gupfa agahera?
28. (a) Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ukudapfa? (b) Ni ibihe vyiyumviro abantu benshi bafise bidashimikiye kuri Bibiliya?
29. Ni ikihe kinyoma ca mbere canditswe muri Bibiliya? Uwakivuze ni nde?
30. Abavyeyi bacu ba mbere aho bapfiriye babaye bate?
31. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye ingene abapfuye bameze?
32. (a) Bibiliya igereranya urupfu n’igiki? (b) Hari inabi canke ineza abapfuye bashobora kugira abagihema?
33. (a) Ni ikihe gitangaza cabaye kuri Lazaro? (b) Lazaro yari he mu misi ine?
34. Muri Mariko 5:42 havugwa ikihe gitangaro kandi, nabo abavyeyi b’ako kigeme biyumvisemwo iki muri ico gihe?
35. (a) Ni ikihe gikorwa Yezu azokora mu gihe c’intaro yiwe y’amahoro izomara imyaka igihumbi? (b) Ivyo Paulo avyemeza ate?
36. Indagano yeza umutima y’ukuzuka yerekana kw’abapfuye bameze bate?
37. Ni ikihe kibazo gikeneye inyishu ubu?
38. (a) Ni bande baba ahantu hataboneka? (b) Ubu Imana iyaga natwe gute?
39. (a) Amajwi ameze nk’ayavugwa n’imizimu, mu vy’ukuri avugwa na bande? (b) Se w’ikinyoma ni nde?
40. (a) Dusomye 2 Ab’i Korinto 11:14, 15 dutahura iki? (b) Nk’uko muri 1 Timoyeyo 4:1 havuga, inyigisho z’ibinyoma zamamazwa na bande?
41. Iyo indagu ziba zava ku bakunzi, tuba twiteze ko zimera zite?
42. (a) Ivyashikiye umupfakazi w’i Lisbonne vyerekana gute ko dukwiye kumenya isōko ry’indagu iry’ari ryo? (b) Imana Yehova irakanga abantu?
43. Imana Yehova itwigisha ngo tubane dute n’abandi bantu, kandi ni ibihe bibazo duca twibaza?
44. Ba nyamuragura n’abapfumu berekana bate ko ari bansumirinda uravye uko Yezu n’intumwa ziwe bigenjeje?
45. Ni ubuhe bundi buryo abapfumu bakoresha ngo bicīre amahera?
46. Ni ibiki vyashikiye Paulo mu gisagara c’i Filipi? Kuki?
47, 48 Ni izihe ngeso zifitaniye isāno n’amahetani?
49. Guhurahura kwazanye iki mu bantu kera isegenya itarasegenyuka, none ubu ho nta nkurikizi yakwo iriho?
50. Kwicana Yehova akubona gute?
51-54. Tanga uturorero tw’ubgicanyi bufitaniye isāno n’ubupfumu.
55. Nāho bamwe bavuga ngw’ivy’ubupfumu hari igihe bifise “akamaro”, mu vy’ukuri uvyihwejeje ubona iki?
56, 57. (a) Ni kuki ivyo wovyitondera cane ukavyiga? (b) Ni he dusanga ukuri muri ibi turiko turiga?
58. (a) Ni mu bihe bihugu ivy’ubupfumu vyashinze imizi kuva kera cane? (b) Muri Kanani ho hari hifashe gute igihe Abisirayeli bahatsindira? (c) Ni irihe tegeko ryerekeye ivy’ubupfumu Yehova yari yamaze guha Abisirayeli?
59. Ni ikihe gihano amategeko ya Yehova yari yateganirije abakora ivy’ubupfumu?
60, 61. (a) Ivy’ubupfumu Yehova abibona gute? (b) Ni iyihe migenzo ifitaniye isāno n’ubupfumu abantu bakurikiza mu ntara i wanyu?
62. Har’aho Yezu n’intumwa bigeze guhūra n’amashetani?
63. Ingero y’abakristu bakurikiza ivy’ubupfumu ni iyihe?
64. (a) Ivy’ubupfumu Bibiliya ibishira mu ruhe ruhande (Soma Ab’i Galatiya 5:19, 20)? (b) Ikiremwa cose kitaboneka citeretse imbere y’abantu ngo bacambaze, twomenya kw’ari igiki?
65. Ikiremwa kitaboneka cofadikanya n’uyo wese aragura, avugana n’imizimu, canke ari kamenyi k’ibizoza, coba ari igiki?
66. Nk’uko Yesaya avuga, twirukire kwa nde kugira ngo tumenye ukuri, kandi turonke ikizigizigi c’amahirwe aturindiriye?
67. (a) Paulo yabgiye umupfumu umwe ngw’iki? (b) Ni iyihe mpanuro Yehova aduha yerekeye ivy’ubupfumu?
68. Ni igiki kibangamiye abamenyereye ivy’ubupfumu?
69-71. Wa mwigeme wo muri Brezil yiyamamuye ate ibiremwa bitaboneka bikora ikibi?
72. Wa mupfakazi wo muri Lisbonne yavavanuye ate n’ibiremwa bitaboneka bikora ikibi?
73. Ni kuki isinzi ry’abantu badapfumura vyibonekeje nabonyene bakwiye kumenya ukuri ku vyerekeye ubupfumu?
74. Abantu benshi bakeneye kwigobotora mu ruhe “rusenga”?
75. Ni nde twokwirukira ngw’adutabare?
76. (a) Ni ikihe kintu wogira ubga mbere kugira ngo ntusubire kwambaza amashetani? (b) Ubu ni ikihe kibazo uca wibaza?
77. Igihe Shetani n’ingabo ziwe bamenja, barahakanye inkomezi z’Imana?
78. (a) Ico Shetani yanebaguye ni igiki? (b) Ni ikihe kibazo kindi cariko caduka, kandi ni akahe karorero kari muri Bibiliya kacerekana?
79. (a) Ni igiki cari gikenewe kugira ngo ivyo bibazo bitorerwe inyishu y’imvāho rimwe rizima? (b) Mbega Shetani aracafise umwanya munini?
80. Ni kuki udakwiye gukekereza igihe wambaza Yehova ngw’agutabare?
81. Wogira iki ngo wibohore mu vy’ubupfumu? Kuki?
82. Bibiliya yerekana ite ko tudakwiye gutinya ibikoresho vy’abapfumu, akarorero nk’igishusho?
83. Bibiliya yerekana ite kw’ari ubujuju kwambaza ikintu cahinguwe n’amaboko y’abantu?
84. (a) Urugiga, ikiremo, canke utugozigozi, birashobora vyo nyene kutugirira ineza canke inabi? (b) Ni ikihe kibi kigeramiye abantu?
85. Abakristu bamwe bo muri Efeso bagize iki?
86. (a) Ico abanyefeso bakoze catumye baba iki? (b) Ni ibiki abantu benshi b’iki gihe nabo nyene bagize?
87. Umupfumu wo muri Afrika y’ubumanuko yagize iki, hanyuma bica biba gute?
88. Umugabo umwe wo muri iyo ntara nyene yikuye ate mu buja bwo kwambaza ibiremwa bitaboneka?
89. Ni iyihe ntambge ukwiye gutera kugira ngo wiyamamure ibiremwa bitaboneka?
90. Ni kuki kwamana n’abasavyi b’Imana bifise akamaro?
91, 92. Amakoraniro y’Ivyabona vya Yehova afise akamaro gaki?
93. Dukwiye kwiyubara dute?
94. Umaze kuvavanura n’amashetani wogira ute ngo ntusubire gufatwa?
95. Ni ubuhe buryo Shetani akoresha kenshi ngw’atugonde tugoyagoye?
96, 97. (a) Ni iyihe migenzo y’ukugandara ifitaniye isāno rinini n’ukwambaza amashetani? (b) Ivy’ugufuba umuntu umukristu abibona ate?
98. Ni iyihe migenzo yindi nayo nyene ishobora gusāna n’ivy’amashetani?
99, 100. (a) Ni kuki abakristu bokwama bagavye mu bihe bimwebimwe? (b) Ni igiki Yehova adashobora kwihanganira?
101. “Imiti y’abaganga b’igishenzi” ishobora kuba mibi gute?
102. Ivy’ubupfumu bishobora kwinjizwa gute mu “miti” imwimwe y’igishenzi?
103. Abaganga bamwebamwe b’igishenzi bakoresha ubuhe buryo mu kuvura?
104. Twovuga iki none kuri arya mashikanwa “abaganga b’igishenzi” bakoresha?
105. Twogira dute none igihe twebge nyene canke ibibondo vyacu tutashoboye gukizwa n’imiti myiza twahawe?
106. Ni ibihe vyizigiro bihumuriza abasavyi b’Imana igihe bagwaye, canke igihe bageramiwe n’urupfu?
107, 108. (a) Ni kuki muri iki gihe cacu Yehova adakoresha indoto ngw’aturongore? (b) Ni kuki dukurikije ukw’inzozi zivuze twoba turiko tugendera ku manga?
109. Ijambo ry’Imana rituremurura rite, kandi ridukingira rite?
110. “Babuloni Hahambaye” ni igiki?
111. Ni kuki Yehova aburira abantu biwe ngo ni bave muri Babuloni Hahambaye?
112. Ni iyihe ntambara izoca ikurikira? Ni bande bazorusimba ico gihe?
113. Ni uwuhe munezero twiteze tuzohabga mu misi izoza?
114, 115. Dukore iki none?
[Ifoto ku rup. 5]
Uyo muvyeyi icamuzanye kuraguza, ni uko yemera kw’imizimu ishobora kuruhura ikibondo ciwe.
[Ifoto ku rup. 16]
Uwabaje iki gishusho cerekana imizimu ya basekuru, yarihenze, kubera ko yemera ko bakiriho, ariko baba ahantu h’imizimu
[Ifoto ku rup. 17]
Ifi, ibiguruka n’ibokoko, Bibiliya ivyita ngo ni “ibifise ubugingo” nk’umuntu. Mugabo muri ivyo vyose, nta na kiwme kidashobora gupfa ngo gihere.
[Ifoto ku rup. 20]
Mu ntwaro ya Kristu y’imyaka igihumbi iri hafi kuza, abapfuye bose bazosubira kubaho.
[Ifoto ku rup. 30]
Kera, Imana yategetse abisirayeli, k’uwo wese yopfumuye yicishwa amabuye.
[Ifoto ku rup. 34]
Abantu bamwebamwe bazi ko mu biti, mu bitandara vy’amabuye, mu nzuzi, mu masūmo y’inzuzi, mu misozi n’ahandi, haba ibisigo.
[Ifoto ku rup. 37]
Abantu benshi bamana ubgoba, kandi bameze nk’abafashwe mu rusenga, kubera ivyo bemera bitagira aho bihagaze.
[Ifoto ku rup. 42]
Nka kurya kw’igikanganyoni, ibishusho vyahinguwe n’abantu ntibishobora gutambuka, kuvuga, kugirira neza canke kugirira nabi uw’ariwe wese.
[Ifoto ku rup. 43]
Igishusho cabajwe n’umuntu kirashobora guhūma? Gihingurwa muri kirya giti nyene umuntu atekesha ivy’arya. Ico kintazi kirurumba nk’urugiga rwose rusanzwe, kirashobora kugirira ineza canke kugirira inabi abantu?
[Ifoto ku rup. 45]
Isinzi ry’abantu bārahevye ivy’ubupfumu baca bayogeza n’ibikoresho bahora bakoresha mu gupfumura.
[Ifoto ku rup. 48]
Dushishikaye gukorana ngo twige igitabu candikishijwe n’Imana, dushobora kugwana n’ivyo “biremwa bikora ikibi biba ahataboneka” tukabitsinda.
[Ifoto ku rup. 61]
Mw’iparadizo, ngaha kw’isi, abantu bazobana n’ibikoko ataco biyubara; inzara, umubabaro, ingwara, ndetse n’urupfu ntibizoba bikivugwa.