ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Bibiliya ishobora gute kugufasha mu buzima bwawe?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Icigwa ca 1. Bibiliya izinguruye.

      ICIGWA CA 01

      Bibiliya ishobora gute kugufasha mu buzima bwawe?

      Twese turafise ibibazo vyerekeye ubuzima, urupfu, kazoza n’ibindi. Vyongeye, hari ibintu bituraza ishinga buri musi, nko kuronka ikitubeshaho canke kuronka agahimbare mu rugo. Abantu benshi basanze Bibiliya itanga inyishu z’ibibazo bihambaye vyo mu buzima. Iratanga kandi impanuro zifasha mu buzima bwa misi yose. Wibaza ko Bibiliya yoshobora kudufasha?

      1. Bimwe mu bibazo Bibiliya yishura ni ibihe?

      Bibiliya iratanga inyishu ku bibazo bihambaye nk’ibi: Twakomotse he? Ubuzima bufise intumbero iyihe? Kubera iki n’abantu beza bashikirwa n’ingorane? Umuntu apfuye aja he? Kubera iki hari intambara nyinshi kandi abantu bose bipfuza amahoro? Kazoza k’iyi si ni akahe? Bibiliya irimwo inyishu z’ivyo bibazo, kandi abantu amamiliyoni basanze inyishu itanga zihumuriza cane.

      2. Bibiliya yodufasha gute kuronka umunezero mu buzima?

      Bibiliya iraduha impanuro nziza. Nk’akarorero, iratubwira ukuntu abagize umuryango bohimbarwa vy’ukuri. Iratubwira uko twovyifatamwo igihe dushikiwe n’ibintu bitesha umutwe be n’ingene twohimbarirwa akazi dukora. Uko tuzobandanya kuganirira hamwe ibi vyigwa, uzomenya ivyo Bibiliya yigisha ku bijanye n’ivyo vyiyumviro eka mbere n’ibindi. Uzokwibonera ko ‘icanditswe cose [ni ukuvuga ibintu vyose biri muri Bibiliya] ari ngirakamaro.’—2 Timoteyo 3:16.

      Iki gitabu ntigisubirira Bibiliya. Ahubwo kikuremesha kwisomera Bibiliya. Ku bw’ivyo, tugusavye kuza urasoma ivyanditswe biri muri iki gitabu, uce uraba isano bifitaniye n’ivyo uriko uriga.

      TWINJIRE MU MIZI

      Reka turabe ukuntu Bibiliya yafashije abantu, ingene woryoherwa no kuyisoma be n’igituma ari vyiza ko hagira umuntu agufasha kuyitahura.

      3. Bibiliya iratuyobora

      Bibiliya imeze nk’itoroshi ribona cane. Irashobora kutumurikira, ikatwereka ukuntu twohitamwo gukora ivyiza. Iradufasha kandi kumenya ibizoba muri kazoza.

      Nimusome Zaburi 119:105, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Uwanditse iyi Zaburi yabona gute Bibiliya?

      • Wewe nawe uyibona gute?

      Umuntu ariko aca mu bibuye ku nkengera y’ikiyaga mu gahwibi, ariko amurika n’itoroshi.

      4. Bibiliya irimwo inyishu z’ibibazo twibaza

      Umugore umwe yararonse muri Bibiliya inyishu z’ibibazo yari amaze imyaka myinshi yibaza. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Nugumane icizigiro (1:48)

      • Muri iyo videwo, uwo mugore yari afise ibibazo ibihe?

      • Kwiga Bibiliya vyamufashije gute?

      Bibiliya irerekana ko ari vyiza kubaza ibibazo. Nimusome Matayo 7:7, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni ibibazo ibihe uhora wibaza woshima kuronkera inyishu muri Bibiliya?

      5. Gusoma Bibiliya birashobora kukuryohera

      Abantu benshi barakunda gusoma Bibiliya kandi ivyo birabagirira akamaro. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Gusoma Bibiliya (2:05)

      • Abo bakiri bato berekanywe muri iyo videwo bahora babona gute ivyo gusoma?

      • Kubera iki gusoma Bibiliya bisigaye bibaryohera?

      Bibiliya irerekana ko ivyo ivuga bishobora kuturemesha kandi bigatuma tugira icizigiro. Nimusome Abaroma 15:4, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Woba woshima kumenya vyinshi ku bijanye n’ivyo Bibiliya isezerana?

      6. Abandi barashobora kudufasha gutahura Bibiliya

      Uretse kwisomera Bibiliya, abantu benshi basanze kandi ari vyiza kuyiganirako n’abandi. Nimusome Ivyakozwe 8:26-31, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni igiki codufasha gutahura Bibiliya?—Raba umurongo wa 30 n’uwa 31.

      Amafoto: 1. Umwamamazanjili Filipo ariko arasigurira Ivyanditswe wa mugabo w’Umunyetiyopiya. 2. Icabona ca Yehova ariko arigisha Bibiliya umukenyezi n’utwana twiwe tubiri.

      Wa mugabo w’Umunyetiyopiya yari akeneye uwumufasha gutahura ivyo yariko arasoma. Abantu benshi muri iki gihe basanze ari vyiza kuganira ibiri muri Bibiliya n’abandi

      HARI ABAVUGA BATI: “Bibiliya ni ishamba. Ntushobora kuyitahura.”

      • Wewe ubivugako iki? Kubera iki wishuye gutyo?

      INCAMAKE

      Bibiliya irimwo impanuro zidufasha mu buzima bwa misi yose. Irimwo inyishu z’ibibazo bihambaye twibaza. Vyongeye, iraturemesha kandi ikaduha icizigiro.

      Wize iki?

      • Ni impanuro izihe Bibiliya ishobora gutanga?

      • Ni ibibazo bimwebimwe ibihe Bibiliya yishura?

      • Ni ibiki woshima kumenya muri Bibiliya?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Raba ingene Bibiliya ituronsa impanuro zidufasha muri iki gihe.

      “Ivyo Bibiliya itwigisha vyama biranga ubukerebutsi” (Umunara w’Inderetsi No. 1 2018)

      Raba ukuntu Bibiliya yafashije umugabo yakuze ari umuntu w’ubwoba kandi avuga make.

      Ukuntu natanguye guhimbarirwa ubuzima (2:53)

      Raba impanuro Bibiliya iha abagize umuryango.

      “Ibintu 12 vyofasha ingo kurama” (Be maso! No. 2 2018)

      Abantu benshi bibaza ko bazi umutware w’iyi si uwo ari we. Raba inyishu y’ukuri Bibiliya itanga.

      Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?—Ndende (3:14)

  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 1. Ko abantu ari bo banditse Bibiliya, kubera iki tuvuga ko ikomoka ku Mana?

      Abantu nka 40 ni bo banditse ibitabu vyo muri Bibiliya, mu kiringo c’imyaka nka 1.600. Batanguye kuyandika mu 1513 imbere ya Kristu, barangiza nko mu 98 inyuma ya Kristu. Abayanditse bava mu mice itandukanye y’ubuzima. Naho biri ukwo, ivyo Bibiliya ivuga vyose birahuza. Ivyo bishoboka gute? Ni kubera ko Bibiliya ikomoka ku Mana. (Soma 1 Abatesalonika 2:13.) Abayanditse ntibandika ivyiyumviro vyabo bwite. Ahubwo “bavuze ivyava ku Mana nk’uko bari barongowe n’impwemu nyeranda.”a (2 Petero 1:21) Imana yarakoresheje impwemu yayo nyeranda mu gutuma abantu bashobora kwandika ivyiyumviro biva kuri yo.—2 Timoteyo 3:16.

  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 4. Bibiliya iratubwira uwo ikomokako

      Nimurabe iyo VIDEWO. Nimusome 2 Timoteyo 3:16, muce muganira kuri ibi bibazo:

      IVIDEWO: Bibiliya ikomoka kuri nde?—Agace (2:48)

      • Nimba abantu ari bo banditse Bibiliya, kubera iki yitwa Ijambo ry’Imana?

      • Woba wemera ko Imana yakoresheje abantu mu kwandika ivyiyumviro vyayo? Kubera iki wishuye gutyo?

      Umuntu ariko yandika ivyo ariko arabwirwa n’uwundi.

      Nka kurya nyene umuntu ashobora kwandika ivyo ariko arabwirwa n’uwundi, ni ko n’abanditse Bibiliya bandika ibivuye ku Mana

  • Bibiliya ni ubutumwa Imana yaturungikiye
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika