ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Bibiliya yoba ari Ijambo ry’Imana?
    Umunara w’Inderetsi—2010 | 1 Ntwarante
    • “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu, ku gutoza indero mu bugororotsi, ngo umuntu w’Imana abe uwubishoboye neza, afise ibikenewe vyose ku bw’igikorwa ciza cose.”​—2 TIMOTEYO 3:16, 17.

      MBEGA imvugo ikomeye Paulo akoresha mu kwerekana agaciro ntangere Bibiliya ifise! Mu bisanzwe yariko yerekeza neza na neza ku gice ca Bibiliya yashobora kuronka ico gihe, ico na co kikaba cari kigizwe n’ivyanditswe abantu rimwe na rimwe bita Isezerano rya kera. Yamara ku bwa ngingo, ayo majambo yavuze arakoreshwa afise ubwo buremere nyene mu kwerekeza kuri vya bitabu 66 bigize Bibiliya, harimwo n’ivyanditswe n’abigishwa ba Yezu b’intahemuka mu kinjana ca mbere G.C.

      Woba uha agaciro cane Bibiliya nk’uko Paulo yabigira? Woba wibaza ko abanditsi ba Bibiliya mu vy’ukuri bari bahumekewe n’Imana? Ukwo ni ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere babibona. Iyo nyigisho ntiyigeze ikekeranywa mu binjana n’ibindi vyakurikiye. Nk’akarorero, umukuru w’idini w’Umwongereza wo mu kinjana ca 14 yitwa John Wycliffe yabona ko Bibiliya ari “itegeko ry’ukuri ritananirwa.” Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The New Bible Dictionary), mu kugira ico ivuze kuri ayo majambo ya Paulo yasubiwemwo aho haruguru, ivuga yuko “kuba Bibiliya yahumetswe [n’Imana] bica bituma ivyo ivuga vyose biba ivy’ukuri.”

  • Bibiliya vy’ukuri ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe
    Umunara w’Inderetsi—2010 | 1 Ntwarante
    • NEZA na neza, intumwa Paulo yashaka kuvuga iki igihe yavuga yuko Bibiliya “[y]ahumetswe n’Imana”? (2 Timoteyo 3:16) Paulo yashaka kuvuga yuko Imana ibicishije ku mpwemu yayo nyeranda yayoboye abanditsi ba Bibiliya kugira ngo bandike gusa ivyo yashaka ko bandika.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika