-
Ni ibiki vyogufasha kuguma wiga Bibiliya?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
5. Ntutane n’akabando naho bokurwanya
Vyoshika hakagira abagerageza kuguca intege ngo ntubandanye wiga Bibiliya. Raba akarorero k’uwitwa Francesco. Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri ibi bibazo:
Muri iyo videwo, igihe Francesco yabwira incuti n’abagenzi ivyo ariko ariga, bavyakiriye gute?
Ni impera iyihe yaronse kubera yumiyeko?
Nimusome 2 Timoteyo 2:24, 25, muce muganira kuri ibi bibazo:
Incuti n’abagenzi bawe bakira gute ivyo uriko uriga?
Wisunze ico canditswe, wovyifatamwo gute hagize uwudahimbarwa n’uko uriko uriga Bibiliya? Kubera iki wishuye gutyo?
-
-
Ushobora gute kubwira abandi inkuru nziza?Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
-
-
Imbere y’uko ubwira umuntu inkuru nziza, nuzirikane ivyo wovuga be n’ingene wobivuga mu buryo buranga icubahiro. Nimusome 2 Timoteyo 2:24 na 1 Petero 3:15, muce muganira kuri ibi bibazo:
Woshira mu ngiro gute ibivugwa muri iyi mirongo igihe ubwira abandi ivyerekeye Bibiliya?
Bamwe mu ncuti n’abagenzi boshobora kutavyakira neza. Ni igiki wokora? Ni igiki wokwirinda gukora?
Kubera iki vyoba vyiza ukoresheje utubazo ubigiranye ukwiyubara aho kubahata ngo bemere ivyo ubabwira?
-