ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Tugumizwe Hamwe n’inǎnga y’Ukwizigira, Dukoreshwe n’Urukundo
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Myandagaro
    • Icizigiro Kigereranywa n’Inǎnga

      10, 11. Paulo yasanishije ukwizigira kwacu n’iki, kandi ni kuki iryo gereranya ryari rikwiriye?

      10 Paulo yadomye urutoke ku vy’uko Yehova yatumye isezerano ry’imihezagiro riza biciye kuri Aburahamu. Maze iyo ntumwa asigura ati: “Imana . . . [yashize] hagati indahiro kuba umuhūza; kugira ngo bibiri bidahinduka [ijambo ryayo n’indahiro yayo], ivyo Imana itabasha kubesheramwo, biduheshe kurema cane, twebge abashitse mu buhungiro, ni bgo kubangiriza ivyizigiro vyashizwe imbere yacu. Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima [“inǎnga y’ubugingo,” NW] kigumye, gikomeye.” (Abaheburayo 6:17-19; Itanguriro 22:16-18) Icizigiro kiri imbere y’Abakirisu basizwe ni ic’ubuzima budahwera mw’ijuru. Muri iki gihe benshi mu basavyi ba Yehova bafise ca cizigiro c’akaroruhore c’ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo. (Luka 23:43) Umuntu adafise icizigiro nk’ico ntashobora kugira ukwizera.

      11 Inǎnga ni igikoresho gikomeye cane gikingira, gikenewe cane kugira ngo ubwato bugume hamwe kandi gutyo ntibutwarwe irya n’ino. Nta wugendesha ubwato yokwiroha ngo ave ku kivuko adafise inǎnga. Kubera yuko akatari gake ubwato Paulo arimwo bwabasabanye, bivuye ku vyo yiboneye yari azi ko ubuzima bw’abagendera mu bwato kenshi buba buhagaze ku nǎnga z’ubwato barimwo. (Ivyakozwe 27:29, 39, 40; 2 Ab’i Korinto 11:25) Mu kinjana ca mbere, ubwato nta moteri bwagira ituma uwubugendesha ashobora kubunyonga uko ashatse. Turetse amato y’indwano yagendeshwa n’abasoza, umuyaga ni co kintu nyamukuru cagendesha amato. Igihe hari akaga k’uko ubwato bwojanwa bukitura ku bitandara, uwubugendesha ico gusa yashobora kwikorako kwari ugutibura inǎnga akarindira yuko ico gihuhusi kirengana, yizigiye ko iyo inǎnga iza kuguma ifashe ibwina bw’ikiyaga. Ni co gituma Paulo agereranya ukwizigira kw’Umukirisu n’ ‘inǎnga y’ubugingo igumye kandi ikomeye.’ (Abaheburayo 6:19, NW) Igihe dutewe n’ibihuhusi vyo kurwanywa canke tugashikirwa n’ibindi bigeragezo, ukwizigira kwacu kw’akaroruhore kumera nk’inǎnga itugumiza hamwe bwa bugingo buzima, kugira ngo ubwato bwacu bw’ukwizera ntibujanwe ku bigunguzi vy’umusenyi ari vyo gukekeranya, be no ku bitandara bitera akaga ari vyo buhuni.—Abaheburayo 2:1; Yuda 8-13.

      12. Dushobora gute kwirinda guta Yehova?

      12 Paulo yaburiye Abakirisu b’Abaheburayo ati: “Bene Data, nimwirinde, ntihagire uwo muri mwebge agira umutima mubi utizera, umutera kureka Imana nzima.” (Abaheburayo 3:12) Mu gisomwa c’Ikigiriki, “kureka” ijambo ku rindi bisobanura “kwitaramura,” ni ukuvuga kugwa mu buhuni. Mugabo turashobora kwirinda ugusāba kw’ubwato kugeze iyo. Ukwizera n’ukwizigira bizotuma dushobora kwumira kuri Yehova no mu bihe vy’ibihuhusi vy’ukugeragezwa bikomeye kuruta. (Gusubira mu Vyagezwe 4:4; 30:19, 20) Ukwizera kwacu ntikuzoba nk’ubwato buzungagizwa n’imiyaga y’inyigisho z’ubuhuni. (Abanyefeso 4:13, 14) Kandi ukwizigira kubaye yo nǎnga yacu, tuzoshobora kurindirako ibihuhusi vy’ubuzima turi abasavyi ba Yehova.

  • Tugumizwe Hamwe n’inǎnga y’Ukwizigira, Dukoreshwe n’Urukundo
    Umunara w’Inderetsi—1999 | 1 Myandagaro
    • Tuje Imbere Tugana Iyo Tugiye

      18. Ni igiki kizotuma dushobora kurinda ivyogerageza vyose ukwizera kwacu mu bihe biri imbere?

      18 Ukwizera kwacu n’urukundo rwacu birashobora kuzogeragezwa bikomeye imbere yuko dushikira isi nshasha. Mugabo Yehova yaduhaye inǎnga ‘igumye kandi ikomeye’—ni ukuvuga ukwizera kwacu kw’akaroruhore. (Abaheburayo 6:19; Abaroma 15:4, 13) Igihe turembejwe n’ukurwanywa canke n’ibindi bigeragezo, turashobora kurindirako niba tugumijwe hamwe n’inǎnga y’ukwizigira kwacu bimwe bikomeye. Igihe igihuhusi kimwe gihwamye, mugabo imbere y’uko ikindi caduka, nimuze twiyemeze gukomeza ukwizigira kwacu twongere dukomeze ukwizera kwacu.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika