-
Niwigane ukwizera kwa MusaUmunara w’Inderetsi—2014 | 15 Ndamukiza
-
-
1, 2. (a) Ni ingingo iyihe Musa yafashe igihe yari afise imyaka 40? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni kubera iki Musa yahisemwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana?
MUSA yari azi ivyiza yari kuronkera mu Misiri. Yarabona amazu maninimanini y’abatunzi. Yari yakuriye i bwami. Yari “yigishijwe mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri,” aho hakaba harimwo ibijanye n’utugenegene, ibisyo vyo mu kirere, ibiharuro, n’ubundi buhinga. (Ivyak. 7:22) Yari afise akaryo ko kuronka ubutunzi, ububasha n’agateka Umunyamisiri asanzwe atopfuye aronse!
2 Yamara igihe Musa yari afise imyaka 40, yarafashe ingingo itegerezwa kuba yaratangaje umuryango wa cami wo mu Misiri wari waramureze. Ese iyo apfuma ahitamwo ubuzima bw’Umunyamisiri asanzwe! Yahisemwo ntuze kubana n’abashumba! Uti kubera iki? Musa yari afise ukwizera. (Soma Abaheburayo 11:24-26.) Kubera ukwizera, Musa ntiyabona gusa ibintu bimukikuje. Yarizera “Umwe ataboneka,” ni ukuvuga Yehova Imana, hamwe n’iranguka ry’imihango yiwe.—Heb. 11:27.
-
-
Niwigane ukwizera kwa MusaUmunara w’Inderetsi—2014 | 15 Ndamukiza
-
-
6. (a) Ni kubera iki Musa yanse “kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo”? (b) Kubera iki wovuga ko Musa yahisemwo neza?
6 Ukwizera kwa Musa kwaramufashije kandi guhitamwo ico yokoze. “Kubera ukwizera, Musa amaze gukura, yaranse kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo.” (Heb. 11:24) Musa ntiyiyumviriye ko yari gushobora gukorera Imana ari ku kirimba, maze agakoresha ubutunzi bwiwe n’ikibanza afise mu gufasha Abisirayeli bene wabo. Ahubwo yari yiyemeje gukunda Yehova n’umutima wiwe wose, ubuzima bwiwe bwose, n’inguvu ziwe zose. (Gus. 6:5) Ingingo Musa yafashe yaramurinze intuntu nyinshi. Bwinshi mu butunzi bwo mu Misiri yari yarahevye ntibwatevye kwegukira ba Bisirayeli nyene! (Kuv. 12:35, 36) Farawo yaracishijwe bugufi maze arakurwaho. (Zab. 136:15) Ariko Musa wewe yarakingiwe maze Imana iramukoresha kugira ayobore ihanga ryose arishikane ahatagira inkomanzi. Ubuzima bwiwe bwari bufise intumbero koko.
-