-
Niwigane ukwizera kwa MusaUmunara w’Inderetsi—2014 | 15 Ndamukiza
-
-
1, 2. (a) Ni ingingo iyihe Musa yafashe igihe yari afise imyaka 40? (Raba ishusho itangura.) (b) Ni kubera iki Musa yahisemwo gufatanwa nabi n’abantu b’Imana?
MUSA yari azi ivyiza yari kuronkera mu Misiri. Yarabona amazu maninimanini y’abatunzi. Yari yakuriye i bwami. Yari “yigishijwe mu bukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri,” aho hakaba harimwo ibijanye n’utugenegene, ibisyo vyo mu kirere, ibiharuro, n’ubundi buhinga. (Ivyak. 7:22) Yari afise akaryo ko kuronka ubutunzi, ububasha n’agateka Umunyamisiri asanzwe atopfuye aronse!
2 Yamara igihe Musa yari afise imyaka 40, yarafashe ingingo itegerezwa kuba yaratangaje umuryango wa cami wo mu Misiri wari waramureze. Ese iyo apfuma ahitamwo ubuzima bw’Umunyamisiri asanzwe! Yahisemwo ntuze kubana n’abashumba! Uti kubera iki? Musa yari afise ukwizera. (Soma Abaheburayo 11:24-26.) Kubera ukwizera, Musa ntiyabona gusa ibintu bimukikuje. Yarizera “Umwe ataboneka,” ni ukuvuga Yehova Imana, hamwe n’iranguka ry’imihango yiwe.—Heb. 11:27.
-
-
Niwigane ukwizera kwa MusaUmunara w’Inderetsi—2014 | 15 Ndamukiza
-
-
4. Ni igiki Musa yatahura ku bijanye no “kunezererwa igicumuro”?
4 Akoresheje amaso y’ukwizera, Musa yaratahuye ko “kunezererwa igicumuro” vyari ivy’akanya gato. Abandi bashobora kuba babona ko naho Misiri yari yuzuyemwo ugusenga ibigirwamana be n’ubupfumu, yari yarakomeye ku buryo iba intwaro nganzasi, mu gihe abasavyi ba Yehova bobo bari abaja! Ariko Musa yari azi yuko Imana ishobora guhindura ibintu. Naho vyasa n’uko abikundira ibinezereza bari basagamvye, Musa yarizera ko ababisha botikiye. Ivyo vyatumye rero atarondera “kunezererwa igicumuro akanya gato.”
5. Ni igiki kizodufasha kwirinda “kunezererwa igicumuro akanya gato”?
5 Wokwirinda gute “kunezererwa igicumuro akanya gato”? Ntiwigere wibagira ko umunezero igicumuro kizana umara akanya urume rumara. Ukoresheje amaso y’ukwizera, nubone ko “isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo.” (1 Yoh. 2:15-17) Nuzirikane kuri kazoza k’abacumuzi batigaya. Bari “ahanyerera. . . . Bashitse kw’iherezo ryabo!” (Zab. 73:18, 19) Igihe wohejwe gukora igicumuro, niwibaze uti: ‘Nipfuza kazoza kameze gute?’
-