-
Ubuntu burahambaye mu nyonga z’ImanaUmunara w’Inderetsi—2012 | 1 Nyakanga
-
-
Kubera ko ubuntu atari gusa ikintu umuntu avukana, mugabo bukaba kandi ari ikintu Imana iha agaciro cane, birumvikana rero kubona itubwira iti: “Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu.” (Abanyefeso 4:32) Bibiliya itwibutsa kandi iti: “Ntimwibagire ubwakiranyi,” buno bukaba busobanura kugaragariza ubuntu kavantara.—Abaheburayo 13:2.
-
-
Ubuntu burahambaye mu nyonga z’ImanaUmunara w’Inderetsi—2012 | 1 Nyakanga
-
-
Birashimishije kubona intumwa Paulo, inyuma y’aho avugiye ivyerekeye kugaragariza ubuntu ba kavantara, yabandanije ati: “Bwatumye bamwe baha indaro abamarayika batabizi.” Mbega wari kwumva umerewe gute iyo uhabwa ako karyo ko guha indaro abamarayika? Ariko Paulo amaze kuvuga ivyo guha indaro abamarayika, yabandanije avuga ko ababakiriye babikoze “batabizi,” ni ukuvuga ko batazi ko bakiriye abamarayika. Mu yandi majambo, yashaka kuvuga ko mu gihe twoba dufise akamenyero ko kugaragariza abandi ubuntu, ushizemwo ba kavantara canke abantu tutazi vy’ukuri, vyoshobora gutuma tuhungukira mu buryo tutari twiteze.
Bibiliya nyinshi zifise ivyanditswe vy’inyongera ku mubari canke mu nkingi zirerekana ko ayo majambo ya Paulo afitaniye isano n’inkuru zerekeye Aburahamu na Loti dusanga mw’Itanguriro ikigabane ca 18 n’ica 19. Izo nkuru zompi ziravuga ivyerekeye abamarayika baje kwa Aburahamu na Loti ari ba kavantara, bakaba bari babazaniye ubutumwa buhambaye. Ku bijanye na Aburahamu, ubwo butumwa bwari bwerekeye umuhango w’Imana worangutse w’uko Aburahamu yovyaye umuhungu; ku bijanye na Loti na ho, ubwo butumwa bwari bwerekeye ukurokorwa isangangurwa ryari ryimirije ry’igisagara ca Sodomu n’ica Gomora.—Itanguriro 18:1-10; 19:1-3, 15-17.
Usomye ivyo vyanditswe bihejeje kuvugwa, urabona yuko Aburahamu na Loti bompi bagaragarije ubuntu ingenzi batari bazi. Ego ni ko, mu bihe vya Bibiliya kugaragariza ubwakiranyi ingenzi, baba abagenzi, incuti canke kavantara, vyari mu migenzo yabo kandi ryari n’ibanga. Nkako, Itegeko rya Musa ryasaba Abisirayeli kutirengagiza ivyo abatari Abisirayeli baba muri ico gihugu bari bakeneye. (Gusubira mu vyagezwe 10:17-19) Naho ari ukwo, biragaragara yuko Aburahamu na Loti bakoze ibirengeye ivyahavuye bisabwa n’itegeko. Baragize akigoro kadasanzwe baragaragariza ubuntu ba kavantara, kandi ivyo vyatumye bahezagirwa.
Ubuntu Aburahamu yagaragaje bwatumye ahezagirwa cane
Ivyo bintu Aburahamu yakoze biranga ubuntu ntivyatumye ahezagirwa wenyene mu kuronka umwana, ariko kandi na twebwe turavyungukirako. Uti mu buryo ki? Aburahamu n’umuhungu wiwe Izahaki baragize uruhara rukomeye mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Bahavuye baba abantu nyamukuru mu rukurikirane rw’imiryango yakomotsemwo Mesiya, ari we Yezu. Kandi kuba bagumye ari abizigirwa vyagereranije ukuntu Imana yotumye bishoboka ko abantu barokoka, biciye ku rukundo rwayo n’ubuntu bwayo ata wari abukwiriye.—Itanguriro 22:1-18; Matayo 1:1, 2; Yohani 3:16.
-