ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Tuyobokere abungere banyarukundo twicishije bugufi
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 1 Ndamukiza
    • 7. Ni impanuro iyihe Paulo yatanze ku bijanye n’ukuntu dukwiye kubona abacungezi bakirisu?

      7 Abungere bacu bo mw’ijuru, ari bo Yehova Imana na Yezu Kristu, biteze ko tugamburukira abungere batobato bashinze amabanga mw’ishengero, tukongera tukabayobokera (1 Petero 5:5). Intumwa Paulo ahumekewe n’Imana yanditse ati: “Mwibuke [“ababaja imbere”, NW], bakababgira ijambo ry’Imana; mwitegereje iherezo ry’ingeso zabo, mwīgāne ukwizera kwabo. [“Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazogira ico babazwa; kugira ngo ivyo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ivyo vyogirira nabi mwebwe”, NW]”.​—Abaheburayo 13:7, 17.

      8. Paulo adusaba ‘kwitegereza’ iki, kandi dukwiye ‘kugamburuka’ gute?

      8 Urabona ko Paulo adusaba ‘kwitegereza’, ni ukuvuga kwihweza twitonze, ico ingeso ziranga ukudahemuka abakurambere bagaragaza zivamwo maze tukigana ukwizera kwabo. N’ikindi kandi, aduhanura kugamburuka ubuyobozi abo bagabo bagenywe batanga no kubuyoboka. Incabwenge imwe yo mu vya Bibiliya yitwa R. T. France isigura yuko mu kigiriki co mu ntango, ijambo rihindurwa ng’aho ngo “mugamburukire” atari ryo “risanzwe rikoreshwa igihe umuntu ashaka kuvuga ivy’ukugamburuka, ahubwo ko ari ijambo risobanura urudome ku rundi ngo ‘mujijuke’, ivyo rero bikaba vyerekeza ku kwemera n’umutima ukunze ubuyobozi bwabo”. Ntitugamburukira abakurambere kubera ko gusa Ijambo ry’Imana ribidusaba, ariko kandi tubagamburukira kubera ko twajijutse yuko ivy’Ubwami be n’ineza yacu ari vyo bashirako umutima. Nta gukeka ko tuzohimbarwa nitwemera ubuyobozi batanga tubikunze.

  • Tuyobokere abungere banyarukundo twicishije bugufi
    Umunara w’Inderetsi—2007 | 1 Ndamukiza
    • 10, 11. Ni mu buryo ki abacungezi ‘babwiye ijambo ry’Imana’ abakirisu bagenzi babo mu kinjana ca mbere no muri iki gihe?

      10 Mu Baheburayo 13:7, 17, ahasubiwemwo mu majambo mu ngingo z’imbere y’iyi, intumwa Paulo aravugamwo imvo zine zikwiye gutuma tugamburukira abacungezi bakirisu tukongera tukabayobokera. Imvo ya mbere ni iy’uko ‘batubwiye ijambo ry’Imana’. Uribuka yuko “ingabirano z’abagabo” Yezu aha ishengero azitanga kugira ngo “abera babone gutungan[yw]a”, ni ukuvuga kubogorwa (Abanyefeso 4:11, 12). Yarabogoye ivyiyumviro abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafise be n’inyifato yabo akoresheje abungere batobato b’intahemuka, bamwe muri bo bakaba barahumekewe n’Imana kugira ngo bandikire amashengero. Yarakoresheje abo bacungezi basizwe impwemu kugira ngo bayobore abakirisu bo mu ntango bongere babakomeze.​—1 Ab’i Korinto 16:15-18; 2 Timoteyo 2:2; Tito 1:5.

      11 Muri iki gihe, Yezu aratuyobora abicishije kuri wa “mushumba wo kwizigirwa w’ubgenge”, uwo na we akaba aserukirwa n’Inama Nyobozi be n’abakurambere bagenywe mu mashengero (Matayo 24:45). Kubera ko twubaha “Umwungere mukuru” Yezu Kristu, turumvira iyi mpanuro Paulo yatanze igira iti: “Mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra”.​—1 Petero 5:4; 1 Ab’i Tesalonike 5:12; 1 Timoteyo 5:17.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika