-
«Bimutera ikigongwe»“Ingo unkurikire”
-
-
Nugire «impuhwe»
7. Ni igiki codufasha gutsimbataza ikibabarwe, kandi iyo kamere twoyigaragaza gute?
7 Kubera ko turi abakirisu, turakwiye kwigana Yezu mu kugaragaza ikibabarwe. Bibiliya iduhimiriza kugaragaza «impuhwe.»b (1 Petero 3:8) Hari aho bitotworohera gutahura ukuntu abarwaye indwara zidakira canke akabonge biyumva, na canecane nimba ubwacu tutaragira umubabaro nk’uwo. Ariko rero, niwibuke ko kugira ngo tugaragaze ikibabarwe bidasaba ko tuba twarashikiwe n’ivyo bintu. Yezu yaratahura ingene abarwaye bamerewe naho ubwiwe atigeze arwara. None twotsimbataza gute ikibabarwe? Twobigira mu kwumviriza twihanganye igihe abafise umubabaro bariko baratwiganira ibiri mu mitima yabo n’ingene biyumva. Twoshobora kwibaza duti: «Iyaba ari jewe merewe gutyo, nari kwiyumva gute?» (1 Abakorinto 12:26) Nitwihata ngo twishire mu kibanza c’abandi, bizorushiriza kutworohera «[kuyagisha] abacitse intege n’ijwi ryirura.» (1 Abatesalonika 5:14) Rimwe na rimwe, turashobora kugaragaza ikibabarwe atari mu majambo gusa ariko no mu gukorora amosozi. Mu Baroma 12:15 havuga hati: «Murirane n’abarira.»
-
-
«Bimutera ikigongwe»“Ingo unkurikire”
-
-
b Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «impuhwe», rifashwe uko riri risobanura ngo «kubabarana na.»
-