-
Woba uriko urigana Yehova mu kubabara abandi?Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Ruheshi
-
-
Ubwitwararitsi buranga urukundo Yehova atugaragariza bubonekera mw’ishengero rya gikirisu. Yezu Kristu, we Mutwe w’ishengero, arayobora abakurambere kugira ngo bitwararike ubusho bwiwe (Yohana 21:15-17). Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo umucungezi, rirafitaniye isano n’irivuga risobanura ngo “kuraba witonze”. Petero, mu gushimika ku kuntu ivyo bikwiye gukorwa, asaba abakurambere ati: “Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo. Kandi ntimuragire nk’abatwaza amanyama amasho mwagabanganirijwe, ariko mube ivyitegererezo vy’ubusho”.—1 Petero 5:2, 3.
-
-
Woba uriko urigana Yehova mu kubabara abandi?Umunara w’Inderetsi—2007 | 15 Ruheshi
-
-
Ariko rero, amajambo ya Petero yavuzwe imbere y’aha, aratwereka akaga abakurambere bogwamwo mu gihe ‘botwaza amanyama’ ishengero. Ikintu kimwe gishobora kwerekana ko umukurambere atwaza amanyama ishengero ni igihe ashinze amategeko adakenewe. Umukurambere abitumwe n’uko yiyumvamwo cane yuko ategerezwa gukingira ubusho, yoshobora kurenza urugero. Mw’ishengero rimwe ryo muri Aziya yo mu Buseruko, abakurambere barashinze amategeko yokwisungwa mu kuramukanya mu Ngoro y’Ubwami, nk’akarorero barashinze itegeko ryerekana uwukwiye gutangura kuvuga. Ayo mategeko bayashinze bibaza ko kuyakurikiza vyogize ico biterere ku mahoro y’ishengero. Naho ata gukeka ko imvo zabibatumye zari nziza, abo bakurambere boba bariko barigana ukuntu Yehova yitwararika abasavyi biwe? Mu buryo buri n’ico buvuze, ukuntu intumwa Paulo yabona ibintu kwaragaragariye mu majambo yavuze agira ati: “S’uko tuganza ukwizera kwanyu, ariko dukorana namwe mu bibungura umunezero: kuk’ukwizera ari kwo muhagazemwo” (2 Ab’i Korinto 1:24). Yehova arizigiye abasavyi biwe.
-