ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ivyabona vya Yehova boba ari abakirisu b’ukuri?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 3. Ivyabona vya Yehova bigana gute urukundo rwa Yezu?

      Yezu yarakunda cane abigishwa biwe ku buryo yababona nk’abo mu muryango wiwe. (Soma Mariko 3:35.) Muri ubwo buryo, Ivyabona vya Yehova bagize umuryango wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Ni co gituma twitana abavukanyi. (Filemoni 1, 2) Vyongeye turagamburuka itegeko rivuga riti: “Mukunde umuryango wose w’abavukanyi.” (1 Petero 2:17) Ivyabona vya Yehova baragaragaza ko bakundana mu buryo bwinshi nko mu gufasha abo basangiye ukwemera bo hirya no hino kw’isi igihe bashikiwe n’ivyago.

  • Ibatisimu ni umugambi mwiza cane wokwishingira
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • 6. Kubatizwa bituma uba mu bagize umuryango wa Yehova

      Igihe tubatijwe, duca tuba mu bagize umuryango wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose. Naho twoba dukomoka he canke dufise kahise kameze gute, twese twemera bimwe kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako zimwe zo muri Bibiliya. Nimusome Zaburi 25:14 na 1 Petero 2:17, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ni ivyiza ibihe umuntu yironkera amaze kubatizwa?

      Amafoto: Mushiki wacu ariko arazirikana anezerewe ku bucuti bwiza azogiranira n’abagize ishengero. 1. Ariko arandaza uwitereye mu myaka. 2. Ariko aritura wa mushiki wacu yitereye mu myaka. 3. Ariko arasangira n’abagenzi bari mu myaka itandukanye. 4. Ariko aramamaza n’uwundi mushiki wacu, bakaba bariko babwira inkuru nziza umuntu w’umugabo. 5. Ariko afata ifoto ari kumwe n’abandi badada babiri bava mu bindi bihugu bitavye ihwaniro.
  • Nuzigame ubumwe mw’ishengero
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
    • Igihe turi kumwe n’abo dusangiye ukwemera, twiyumva nk’uko Umwami Dawidi yiyumva, uwavuze ati: “Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!” (Zaburi 133:1) Ubwo bumwe ntibwizana. Umwumwe wese mu bagize ishengero arakenera kugira ico aterereye.

      1. Ni ikintu kidasanzwe ikihe cibonekeza mu basavyi b’Imana?

      Igihe witavye ikoraniro mu kindi gihugu, vyoshika ntutahure ururimi ruhavugwa. Ariko ntikibuza ko wumva wisanze. Kubera iki? Ni kubera ko twese twiga Bibiliya dukoresheje ibitabu bimwe kw’isi yose. Kandi turihatira gukundana. Aho twoba tuba hose, ‘turambaza izina rya Yehova, kugira ngo tumukorere duhuje inama.’—Zefaniya 3:9.

      2. Ni igiki wokora kugira uzigame ubumwe?

      “Mukundane cane bivuye ku mutima.” (1 Petero 1:22) Woshira mu ngiro gute iyo mpanuro? Aho kwibanda ku tunenge tw’abandi, niwibande kuri kamere nziza bafise. Aho kwifatanya gusa n’abantu mufise ivyo muhuriyeko, nugerageze kumenya abavukanyi na bashiki bacu mutabona ibintu kumwe. Vyongeye, turashobora gukora ukwo dushoboye kwose kugira ngo twirinde kwinuba abandi.—Soma 1 Petero 2:17.a

      3. Wokora iki bishitse hakaba ivyo mudahurizako n’uwo musangiye ukwemera?

      Naho twunze ubumwe ntidutunganye. Birashika hakaba ukudahuza hagati yacu canke hakaba uwubabaza uwundi. Ku bw’ivyo, Ijambo ry’Imana ritubwira riti: “Mubandanye . . . kubabarirana.” Rica ryongerako riti: “Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo.” (Soma Abakolosayi 3:13.) Turababaza Yehova akatari gake ariko aguma atubabarira. Rero yiteze ko tubabarira abavukanyi bacu. Nimba hari uwo wababaje, nugire ico ukoze kugira mwumvikane.—Soma Matayo 5:23, 24.b

      TWINJIRE MU MIZI

      Nurabe ingene wogira ico uterereye kugira ngo mw’ishengero harangwe ubumwe n’amahoro.

      Amafoto: Umuvukanyi ariko ararondera ukuntu yozigama amahoro. 1. Uwundi muvukanyi ariko aramukarira. 2. Ariko arazirikana ku vyo uwo muvukanyi ahejeje kumubwira. 3. Ariko arazirikana impanuro Bibiliya itanga ku kuntu umuntu yovyifatamwo hari uwumubabaje. 4. Yahuriye hamwe na wa muvukanyi, amugurira akayi, bakaba bariko barasubiza hamwe.

      Wokora iki kugira uzigame amahoro?

      4. Niwirinde kwinuba abandi

      Twipfuza gukunda abavukanyi bacu bose. Ariko vyoshika bikatubera urugamba kwiyumvamwo umuntu tutabona ibintu kumwe. Ni igiki none codufasha? Nimusome Ivyakozwe 10:34, 35, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova aremera ko abantu b’uburyo bwose baba Ivyabona vyiwe. None womwigana gute mu bijanye n’ingene ubona abantu mutameze kumwe?

      • Aho ubaye, ni ibintu ibihe wipfuza kwirinda bituma abantu binubana?

      Nimusome 2 Abakorinto 6:11-13, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Ubona wokwiyegereza gute abavukanyi na bashiki bacu mutabona ibintu kumwe?

      5. Nubabarire cane wongere wumvikane n’abandi

      Yehova yama atubabarira naho we ata makosa akora ku buryo natwe twokenera kumubabarira. Nimusome Zaburi 86:5, muce muganira kuri ibi bibazo:

      • Yehova ababarira ku rugero rungana gute?

      • Kubera iki ukenguruka imbabazi ziwe?

      • Ni ibintu ibihe vyoshobora gutuma bitugora guhuza n’abandi?

      Twokwigana gute Yehova kandi tukazigama ubumwe dufitaniye n’abavukanyi bacu? Nimusome Imigani 19:11, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Hagize uwukubabaza, wokora iki kugira musubize hamwe?

      Birashika tukababaza abandi. None ivyo bibaye, twokora iki? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Gusubiza hamwe birazana imihezagiro (6:01)

      • Muri iyo videwo, ni igiki uwo mushiki wacu yakoze kugira azigame amahoro?

      6. Nubone iciza mu bavukanyi bacu

      Uko turushiriza kumenya abavukanyi bacu, ni ko tumenya ibintu vyiza bibaranga hamwe n’utunenge twabo. Ni gute none twokwibanda kuri ivyo bintu vyiza? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:

      IVIDEWO: Nurushirize kumera neza! (5:10)

      • Ni igiki cogufasha kubona iciza mu bavukanyi?

      Yehova yibanda ku ciza atubonamwo. Nimusome 2 Ngoma 16:9a, muce muganira kuri iki kibazo:

      • Kumenya ko Yehova yibanda ku ciza akubonamwo, bituma wiyumva gute?

      Impeta ya diyama.

      Impeta y’inzahabu naho yocafura, igumana agaciro. Muri ubwo buryo nyene, n’abavukanyi bacu ntibatunganye, ariko Yehova abona ko ari ab’agaciro

      HARI ABAVUGA BATI: “Imbere y’uko mbabarira umuntu, ategerezwa kugira ico akoze ngo anyereke yuko ashaka ko ndamubabarira.”

      • Kubera iki dukwiye kwihutira kubabarira abandi?

      INCAMAKE

      Urashobora kugira ico uterereye kugira uzigame ubumwe mw’ishengero mu kubabarira abavukanyi bawe no mu kubereka ko ubakunda.

      Wize iki?

      • Wokwirinda gute kwinuba abandi?

      • Wokora iki igihe hari ico mudahurizako n’umuvukanyi wawe?

      • Kubera iki wipfuza kwigana akarorero ka Yehova ko kubabarira abandi?

      Umugambi wokwishingira

      RONDERA N’IBINDI

      Nurabe kimwe mu bigereranyo Yezu yatanze gishobora kugufasha kwirinda gutora amahinyu abandi.

      Kura ikigiga mu jisho ryawe (6:56)

      Twoba dukwiye gusaba imbabazi kandi ata kosa twakoze?

      “Gusaba Imbabazi, Ni Inzira yo Kugiriranira Amahoro n’Abandi” (Umunara w’Inderetsi, 1 Munyonyo 2002)

      Nurabe ingene abantu bamwebamwe bize kutinuba abandi.

      Niwirinde guca urubanza ufatiye ku biboneka inyuma (5:06)

      Nurabe ingene wotorera umuti ingorane ufitaniye n’uwundi muntu imbere y’uko zihungabanya amahoro mw’ishengero.

      “Nutunganye ingorane mu rukundo” (Umunara w’Inderetsi, Rusama 2016)

      a Akajambo ko ku mpera ka 6 karerekana ukuntu urukundo rutuma abakirisu birinda gukwiragiza indwara zandukira.

      b Akajambo ko ku mpera ka 7 karerekana ukuntu twotorera umuti ingorane zijanye n’urudandaza hamwe n’ibijanye no kwitura sentare.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2027)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika