ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Muzirikane mwitonze umwe yihangana”
    “Ingo unkurikire”
    • “Nukurikire neza intambuko ziwe”

      20, 21. Ku bijanye n’ukwihangana, ni igiki Yehova atwitezeko, kandi dukwiye kugira umwiyemezo uwuhe?

      20 Yezu yari azi ko kuba umuyoboke wiwe bitobaye vyoroshe, ko vyosavye ukwihangana. (Yohani 15:20) Yari yiteguriye gutanga akarorero, azi ko ako karorero kiwe kokomeje abandi. (Yohani 16:33) Ni ivy’ukuri ko Yezu yatanze akarorero gatunganye mu bijanye n’ukwihangana, ariko twebwe ntidutunganye na gato. None Yehova atwitezeko iki? Petero asigura ati: «Kristu yababajwe ku bwanyu, aba abasigiye akarorero kugira mukurikire neza intambuko ziwe.» (1 Petero 2:21) Mu kuntu Yezu yihanganiye ibigeragezo, yaradusigiye «akarorero», ni ukuvuga icitegererezo twokwigana.a Ukwihangana yagaragaje kwogereranywa n’«intambuko» canke amakanda. Ntidushobora gukurikira intambuko ziwe ata gahaze, ariko turashobora kugerageza kuzikurikira «neza.»

  • “Muzirikane mwitonze umwe yihangana”
    “Ingo unkurikire”
    • a Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo «akarorero» urifashe uko riri risobanura «icandiko c’indorerwako.» Intumwa Petero ni we mwanditsi w’Ivyanditswe vy’ikigiriki wenyene akoresha iryo jambo, bikaba bivugwa ko risobanura «“icandiko c’indorerwako” ciza cane co mw’ikaye y’imyimenyerezo umwana ategerezwa kwigana neza uko ashoboye kwose.»

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika